1 Mu mwaka wa mbere umwami Belushaza ari ku ngoma i Babiloni, Daniyeli yararose, kandi mu vyiyumviro vyiwe hacamwo ibintu vyinshi biza mu buryo bwo kwerekwa, aryamye ku buriri. Ivyo yarose yaravyanditse.
2 Daniyeli avuga ati: "Mu vyo neretswe mw’ijoro, nabonye imiyaga ivuye ku mpande zine z’isi yisuka mu kiyaga kinini. 3 Hanyuma, mbona ibikoko bininibinini bine bisokoroka biva mu kiyaga. Nta gikoko na kimwe casa n’ikindi.
4 Igikoko ca mbere casa n’intare, kandi cari gifise amababa y’inkona. Nkomeje kuraba, mbona amababa yaco aravunaguwe hanyuma gica gihagarara cemye kurya kw’umuntu kandi gihabwa kugira kamere k’umuntu.
5 Hanyuma nca mbona igikoko ca kabiri gisa n’idubu. Cari kiryamiye uruhande rumwe kandi gifise amagufa atatu y’imbavu mu kanwa, hagati y’amenyo. Numva ijwi rikibwira riti: ‘Vyuka, urye inyama nyinshi!’
6 Inyuma y’ivyo, nca mbona ikindi gikoko, casa n’ingwe. Ku mugongo cari gifise amababa ane nk’ay’inyoni, kikagira n’imitwe ine. Ico gikoko gihabwa ububasha bwo gutegeka.
7 Muri iryo joro, nkiriko nderekwa, mbona igikoko kigira kane: cari giteye ubwoba cane, kandi gikomeye rwose. Amenyo yaco yari manini kandi akozwe mu vyuma; carajanjagura ivyo cishe kikabirya, ibisigaye kikabisiribanga n’amaguru yaco. Cari gitandukanye cane n’ibindi bikoko kandi cari gifise amahembe cumi.
8 Nkiriko ndiyumvira ivyerekeye ayo mahembe yaco, nca mbona akandi gahembe gatoya gasokorotse hagati mu yandi mahembe kandi amahembe atatu aca akurwaho kugira ngo karonke ikibanza. Ako gahembe gatoya kari gafise amaso nk’ay’umuntu n’umunwa, kakavugana ubwibone.
9 Ndiko ndaraba,
mbona intebe z’inganji zishirwa mu bibanza vyazo,
hanyuma mbona uwusa n’Umukurambere, araje aricara.
Impuzu ziwe, zarera derere,
umushatsi wiwe ugasa n’ubwoya bw’intama bwera;
Intebe yiwe yari igizwe n’imbeya z’umuriro,
iteretswe ku mapine yaka urubeya.
10 Kandi uruzi rw’umuriro rwatemba
ruva imbere yiwe.
Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari ngaho bamukorera;
kandi ibihumbi cumi incuro ibihumbi cumi bari bahagaze ngaho bamushengereye.
Urubanza ruratangura;
hanyuma ibitabu birazingururwa.
11 Nkomeza kwitegereza, numva ka gahembe kariko kavuga amajambo y’ubwibone. Nshishikara kuraba kugeza aho ca gikoko ca kane cicwa, umuvyimba waco utererwa mw’itanure ry’umuriro uragitongora. 12 Vya bikoko bindi bitatu, ubutware bwavyo birabwakwa, ariko vyemererwa kuba birabayeho ikindi gihe.
13 Muri uko kwerekwa mw’ijoro, nkomeza kuraba ivyo ndiko nderekwa, ngize gutya mbona uwusa n’Umwana w’Umuntu aje azananye n’ibicu vyo kw’ijuru. Yegera wa mukurambere, ashikanwa imbere yiwe. 14 Aca ahabwa ububasha, ubwiza n’ubushobozi bwo kuganza; amahanga yose yo kw’isi, n’abavuga indimi zitandukanye baramutazira. Ukuganza kwiwe kuzohoraho ibihe bidashira kandi ingoma yiwe ntizokwigera ikurwaho.
15 Jewe Daniyeli, nca mpagarika umutima, kandi ivyo neretswe bituma mbura amahoro. 16 Nca negera umwe mu bari ngaho hafi y’iyo ntebe y’inganji ndamubaza ico ivyo bisigura.
Nuko aca abinsobanurira gutya: 17 Birya bikoko binini cane bine, bisigura ubwami bune buzohaguruka bugatwara isi. 18 Ariko, kw’iherezo, abantu b’Imana Musumbavyose, ni bo bazohabwa ubwami, kandi bazoganza ibihe n’ibihe.
19 Hanyuma nca nipfuza kumenya ivyerekeye igikoko ca kane, kuko cari gitandukanye rwose n’ibindi kandi giteye ubwoba cane kubera ayo menyo yaco y’ivyuma hamwe n’inzara z’imwakaka. Ico gikoko ivyo cishe, caca kibijanjagura, kikarya ivyo cishe ibisigaye kikabisiribanga n’amaguru yaco. 20 Kandi ndasubira ndondera kumenya ivyerekeye amahembe cumi ari ku mutwe waco n’ivyerekeye ka gahembe kandi gatoya kameze mu nyuma kandi kagatuma atatu aca akoroka. Ako gahembe wamenga kabaye agahambaye kuruta ayo yandi kandi kakaba gafise amaso nk’umuntu n’umunwa uvuga amajambo y’ubwibone. 21 Nkiriko ndaraba, mbona ako gahembe kagwanya abera b’Imana kandi kakabanesha, 22 kugeza igihe wa mukurambere yaza, aca acira urubanza rwiza abatoranijwe b’Imana Musumbavyose, kuko igihe c’uko bahabwa ubwami cari kigeze.
23 Maze, aca aransobanurira ati: Kirya gikoko ca kane, ni ubwami bwa kane buzohaguruka kuganza isi. Buzoba butandukanye n’ubundi bwami bwabwitangiye imbere kandi buzotabagura isi yose, buyisiribange kandi buyijanjagure. 24 Amahembe yaco cumi, ni abami cumi bazotegeka ubwo bwami. Hanyuma uwundi mwami atandukanye n’abo cumi azokwima kandi azokuraho abami batatu. 25 Uwo mwami azovuga ibintu bibi ku Mana Musumbavyose, kandi azogirira nabi cane abera b’Imana, agerageze guhindura amabwirizwa y’Imana n’imisi mikuru yashinzwe. Abera b’Imana bazoshirwa mu maboko yiwe ikiringo kingana n’igihe, n’ibihe bibiri, hamwe n’igice c’igihe.
26 Ariko, mu nyuma ubucamanza buzomucira urubanza, n’ubushobozi bwose abwakwe, hanyuma arandurwe ibihe vyose. 27 Ni ho ukuganza, ubushobozi, no gushirwa hejuru kwose kw’ubwami buri musi y’izuba buzohabwa abera b’Iyisumbavyose. Ubwami bwiwe buzokwamaho ibihe bidashira, kandi abatware bose bazomutazira bamwumvire.
28 Aho ni ho ukwerekwa kwagarukiye. Jewe, Daniyeli, nagize ubwoba bwinshi kubera ivyiyumviro vyinshi bivuye ku vyo neretswe, mu maso hanje hariraburanirwa, ariko ndabigumiza mu mutima wanje."