Publicidade

Daniel 5

Igikonjo candika ku ruhome

1 Hashize imyaka myinshi, umwami Belushaza agirira umusi mukuru abantu igihumbi bo mu baganwa n’abatware biwe, basangira umuvinyu. 2 Igihe Belushaza yariko aranywa uwo muvinyu, aca atanga itegeko ngo bazane ibikombe bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza, ivyo se Nebukadineza yari yaranyaze mu rusengero i Yerusalemu, kugira ngo we, abaganwa n’abatware biwe, hamwe n’abagore n’incoreke ziwe babinyweshe. 3 Nuko, bazana ivyo bikombe bikozwe mu nzahabu no mw’ifeza vyanyazwe mu rusengero rw’Imana i Yerusalemu, umwami, abaganwa n’abatware biwe, abagore biwe n’incoreke barabinywesha. 4 Bariko baranywa, bahimbaza ibigirwamana vyabo bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mwakaka, mu vyuma, mu biti no mu mabuye.

5 Ubwo nyene, umwami aja abona igikonjo kiriko kirandika ibintu ku gihome cera kiri impande y’igiterekwako amatara. 6 Akibonye, afatwa n’ubwoba bwinshi, mu maso harahinduka. Amavi yiwe arakomangana kubera kudegezwa, kandi amaguru yiwe acika intege.

7 Umwami aca arasemerera ngo bamuzanire abapfumu, abaragurisha kuraba inyenyeri n’abahamagara imizimu. Maze aca abwira abo banyabwenge b’i Babiloni ati: "Umuntu wese ansomera birya vyandiko akambwira n’ico bisigura, azoca yambikwa impuzu y’inyambarabami, yambikwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi. Azoca ahabwa ikibanza ca gatatu mu banyacubahiro bo hejuru muri ubu bwami."

8 Abanyabwenge bose baraza, ariko nta n’umwe muri bo yashoboye gusoma iyo nyandiko canke kuvuga ico isobanura. 9 Umwami akomeza kumererwa nabi, mbere no mu maso hiwe akomeza kwiraburanirwa, kandi abanyacubahiro biwe babura ico bari bukore.

10 Nyina w’umwami, yumvise ijwi ry’umwami n’amajwi y’abanyacubahiro biwe, aca yihutira kuja mu cumba c’amazimano. Maze abwira umwami ati: "Umwami arakaramba! Ntugire ubwoba ngo ucike intege, kandi ntiwiraburanirwe. 11 Mu bwami bwawe, hariho umuntu afise impwemu y’imana zitagira agasembwa. Ku ngoma y’umwami, so, uwo mugabo yarerekanye ko afise ubumenyi n’ubwenge busa n’ubw’imana. Ni co catumye umwami so amuha kugaba abanyamareba, abapfumu, n’abaragurisha kuraba inyenyeri, n’abahamagara imizimu. 12 Uwo mugabo Daniyeli, uwo umwami yataziriye Beluteshaza, vyarabonetse ko afise ubushobozi budasanzwe, kandi yuzuye ukumenya no gutahura, kandi agashobora no gusobanura indoto, kumenya ibihishijwe no gutora inyishu z’ibibazo bigoye. Tumako Daniyeli, arakubwira ico iyo nyandiko ivuga."

13 Nuko Daniyeli ashikanwa imbere y’umwami. Umwami aramubaza ati: "Ni wewe Daniyeli, umwe wo mu nyagano data yazanye akuye i Buyuda? 14 Bambwiye ko impwemu z’imana ziba muri wewe kandi ko ufise kumenya, gutahura hamwe n’ubwenge. 15 Abanyabwenge n’abaraguzi babazanye baragerageza kunsomera amajambo yanditswe ku gihome ariko ntibabishoboye. 16 Numvise rero ko wewe woshobora kunsobanurira iyo nyandiko kandi ko ushobora no gutora inyishu y’ibibazo bigoye. Hamwe woshobora kunsomera iyo nyandiko no kumbwira ico isobanura, uzokwambikwa impuzu y’icubahiro y’i bwami, wambikwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi, uhabwe ikibanza ca gatatu mu banyacubahiro bo hejuru muri ubu bwami."

17 Daniyeli yishura umwami ati: "Ndagusomera iyo nyandiko, ndakubwire n’uko isobanurwa. Ariko ingabire zawe zigumirize canke uzihe uwundi."

18 Nyeningoma, Iyisumbavyose yahaye so Nebukadineza ubushobozi, icubahiro, no kuba uwuhambaye, 19 Icubahiro yamuhaye catumye abantu bo mu moko yose, n’amahanga yose, n’indimi zose bajugumira imbere yiwe. Yarica abo ashatse kwica, agakiza abo agomba gukiza, kandi agaha icubahiro abo ashatse kugiha, agacisha bugufi uwo ashatse gucisha bugufi. 20 Ariko, igihe agiriye ubwibone mu mutima wiwe no mu vyiyumviro vyiwe, yacishijwe bugufi, yakwa ingoma yiwe n’ubwiza bw’icubahiro ciwe. 21 Yakuwe mu bantu, ahabwa ivyiyumviro vy’igikoko, abana n’indogoba zo mw’ishamba kandi arisha ubwatsi nk’inka; umubiri wiwe utondwako n’urume, kugeza umusi yatahuriye ko Iyisumbavyose ari yo itegeka ubwami bwose bwo kw’isi kandi ko ari yo ishira ku ngoma uwo ishatse.

22 "Kandi nawe Belushaza umuhungu wiwe, naho wari uzi ivyo vyose, ntiwicishije bugufi. 23 Ahubwo wishize hejuru imbere y’Imana yo mw’ijuru. Wategetse ko bazana ibikombe vyo mu Ngoro yiwe, kugira ngo wewe n’abanyacubahiro bawe, abagore bawe n’incoreke zawe, babinyweshe umuvinyu. Uhimbaza ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza, mu mwakaka, mu vyuma, mu biti no mu mabuye, bidashobora kubona, kwumva canke gutahura. Ariko ntiwahaye icubahiro Imana kandi ari yo ifise ubugingo bwawe mu kiganza cayo, ikanamenya kazoza kawe. 24 Ni co gituma Imana yatumye ico gikonjo kwandika ayo majambo.

25 Ibi ni vyo vyari vyanditswe:

mene, mene, tekeli, parisini

26 Uku ni ko ayo majambo asobanurwa:

Mene risobanurwa ngo ‘Imana yaharuye imyaka umaze ku ngoma, iyishizeko iherezo.’

27 Tekeli risobanurwa ngo ‘wapimwe ku munzane, basanga nta bilo bikwiye ufise.’

28 Parisini risobanurwa ngo ‘ubwami bwawe buragabuwe, buhawe Abamedi n’Abaperesi.’ "

29 Ubwo nyene Belushaza aca atanga itegeko, ko bambika Daniyeli impuzu y’icubahiro y’i bwami, yambikwe n’umugufu w’inzahabu mw’izosi, kandi ko ahabwa ikibanza ca gatatu mu banyacubahiro bo hejuru muri ubwo bwami.

30 Iryo joro nyene, Belushaza umwami w’i Babiloni aricwa, 31 hanyuma Dariyusi Umumedi aca atwara ubwo bwami. Yari afise imyaka mirongo itandatu n’ibiri.

Veja também

Publicidade
Daniel
Ver todos os capítulos de Daniel
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-