Publicidade

Daniel 6

Daniyeli atererwa mu rwobo rurimwo intare

1 Umwami Dariyusi, atoranya abatware ijana na mirongo ibiri, umwe wese amuha intara atwara, 2 abo na bo abaha abakuru batatu bo kubarongora, umwe muri abo batatu akaba yari Daniyeli. Abo batware bategerezwa kwereka abo bakuru batatu ingene bakoze akazi kabo, kugira ngo barabe ntihagire ikintu na kimwe umwami ahomba. 3 Daniyeli akora ibikorwa vyiwe neza kurusha abandi bakuru, n’abatware bose, bituma umwami agira imigabo yo kumwegurira gutwara ubwami bwose. 4 Kubera ivyo, abakuru hamwe n’abatware b’intara bagerageza kurondera ikosa bokwagiriza Daniyeli bakuye mu bikorwa akora, ariko bararibura, kuko yari umwizigirwa, akirinda ingurire no kwanjanjwa ku bikorwa. 5 Ni ho abo bagabo bavuga bati: "Nta kirego na kimwe tuzoronka co kwagiriza Daniyeli, kiretse tukirondeye mu bijanye n’ivyagezwe vy’Imana yiwe."

6 Abo bakuru hamwe n’abatware, baragenda, babwira umwami bati: "Nyaguhoraho, mwami Dariyusi! 7 Twebwe twese abakuru, abatware, abahanuzi, n’abakuru b’intara bose, twahuje inama yo kugusaba ngo ushireho itegeko ribuza umuntu wese gusubira gusenga iyindi mana n’imwe canke uwundi muntu n’umwe atari wewe, kumara imisi mirongo itatu. Uwuzobikora wese, azoce atererwa mu rwobo rurimwo intare. 8 None rero Nyeningoma, bategure iryo tegeko, hanyuma urishireko umukono kugira ngo ntirize rihinduke, kurya nyene amategeko y’Abamedi n’Abaperesi adahinduka." 9 Nuko umwami Dariyusi yemeza iryo tegeko yongera arishirako umukono wiwe.

10 Ariko, Daniyeli yumvise ko iryo tegeko ryashinzwe, aca aja i muhira iwe, yurira mu cumba ciwe co hejuru, yugurura amadirisha atumbereye i Yerusalemu. Arapfukama arasenga, gatatu ku musi nk’uko yamenyereye, ashimira Imana yiwe. 11 Maze ba batware bagenda ari umugwi baja kwa Daniyeli, basanga ariko arasenga asaba Imana ngo imutabare. 12 Baca bagenda ubwo nyene ku kirimba kuraba umwami, bamwibutsa itegeko yashinze, bati: "Nyeningoma, burya ntiwashinze itegeko rivuga ko mu misi mirongo itatu ata muntu yemerewe gusenga iyindi mana canke uwundi muntu, atari wewe, kandi ko uwuzorirenga azoca atererwa mu rwobo rurimwo intare?"

Umwami arabishura ati: "Egome, ni ko biri, kandi ni itegeko ry’Abamedi n’Abaperesi ridashobora guhinduka."

13 Baca babwira umwami bati: "Daniyeli, umwe mu baje ari inyagano bavuye i Buyuda, ntakwubaha kandi ntiyubahiriza n’iryo tegeko ryawe. Akomeza gusenga Imana yiwe gatatu ku musi." 14 Umwami amaze kwumva ivyo, aca arababara cane, aca agira ishaka ryo gutabara Daniyeli, agerageza uko ashobora kwose kuraba ingene yomukiza kugeza izuba rirenze.

15 Ku mugoroba, ba bagabo bagenda ari umugwi baja kuraba umwami, baramubwira bati: "Nyeningoma, ibuka ko nk’uko amategeko y’Abamedi n’Abaperesi ameze, ata tegeko umwami yashizeko umukono wiwe rishobora guhindurwa."

16 Amaherezo umwami avuga ko bazana Daniyeli bakamuta mu rwobo rw’intare. Umwami aramubwira ati: "Ese, Imana yawe ukorera mu bwizigirwa yokurokora."

17 Hanyuma, bazana ikibuye kinini co kwugaza umuryango w’urwo rwobo, umwami arushirako ikidodo ciwe n’ic’abanyacubahiro biwe, kugira ngo yemeze ko ata muntu n’umwe yemerewe guhindura ingingo yafashwe ku vya Daniyeli. 18 Kuva ubwo, umwami aca aja ku kirimba iwe, akesha ijoro ryose adafunguye kandi ata kintu na kimwe co kumunezereza yemeye ko bamuzanira, kandi biranka ko asinzira.

19 Hakiri mu mutwenzi, butaraca neza, umwami arazinduka yihutira kuja kuri rwa rwobo rw’intare. 20 Ashitse hafi y’urwo rwobo, ahamagara Daniyeli n’ijwi ririmwo umubabaro ati: "Daniyeli, musavyi w’Imana nzima, mbega Imana ukorera mu bwizigirwa, yoba yashoboye kukuzigama intare ntizigire ico zikugira?"

21 Daniyeli aramwishura ati: "Nyeningoma mwami, urakaramba! 22 Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, yugara iminwa y’intare. Nta kintu zangize kuko nabonetse ko ata kibi nakoze imbere yayo, kandi ata n’ico nakoze imbere yawe, Nyeningoma."

23 Umwami aca aranezerwa cane, atanga itegeko ngo bamukure muri urwo rwobo rw’intare. Kandi bamaze gukura Daniyeli muri ico kinogo, nta n’agakwabu kari ku mubiri wiwe, kuko yizigiye Imana yiwe.

24 Hanyuma, umwami aca atanga itegeko ko bafata ba bagabo bagira uwo mugambi wo gutega umutego Daniyeli; barabazana babaterera muri rwa rwobo rw’intare bari kumwe n’abagore babo n’abana babo. Intare zibasamira mu kirere, zibatabagura bataranashika hasi muri rwo, zivunagura amagufa yabo.

25 Ivyo biheze, umwami Dariyusi aca arungikira ubutumwa abantu bo mu moko yose n’ihanga ryose n’imvugo yose, baba kw’isi yose ati:

"Amahoro no kuroranirwa bibane namwe mwese!"

26 "Ntanze itegeko ko mu bwami bwanje iyo buva bukagera abantu bose batinya kandi bagaha icubahiro Imana ya Daniyeli.

Kuko ni Imana nzima

kandi ibaho ibihe bidashira.

Ingoma yayo ntizokwigera ikurwaho,

kandi inganji yayo ntizokwigera irangira.

27 Iratabara, igakiza abantu bayo;

ikora ibimenyetso n’utwumiza

mw’ijuru no mw’isi.

Yakijije Daniyeli

ubushobozi bw’intare."

28 Hanyuma Daniyeli akomeza gutera imbere igihe cose Dariyusi yamaze ku ngoma no ku ngoma ya Kuro umuperesi.

Veja também

Publicidade
Daniel
Ver todos os capítulos de Daniel
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-