1 Uhoraho arambwira ati: "Genda, usubire wereke urukundo umugore wawe, naho akundwa n’uwundi mugabo kandi akaba umusambanyikazi. Umukunde nk’uko Uhoraho akunda Abisirayeli, naho bahindukirira izindi mana bagakunda udutsima tubumbiwe izo mana mu nzabibu."
2 Nuko ndamugura shekeli cumi na zitanu z’ifeza n’ingero homeru na leteki vya sayiri. 3 Hanyuma nca ndamubwira nti: "Uzobana nanje imisi myinshi; ntuzosubire kuba maraya canke ngo wongere kuryamana n’uwundi mugabo n’umwe, nanje nzobana nawe gutyo nyene."
4 Ni ukuvuga ko Abisirayeli bazobaho imisi myinshi ata mwami canke umuganwa bafise, ata bimazi canke inkingi, ata efodi canke ibigirwamana. 5 Inyuma y’ivyo Abisirayeli bazogaruka biyegurire Uhoraho Imana yabo no kuri Dawidi umwami wabo. Kandi mu misi ya nyuma, bazoza k’Uhoraho no ku migisha yiwe bahindishwa agashitsi no kugira neza kwiwe.