Publicidade

Oséias 6

Isirayeli isabwa kwihana

1 "Nimuze, dusubire k’Uhoraho.

Yaradutabaguye

ariko ni we azodukiza;

yaradukomerekeje

ariko ni we azotenga ibikomere vyacu.

2 Inyuma y’imisi ibiri azoduhembura;

ku musi ugira gatatu azotunagura,

kugira ngo tube mu nyonga ziwe.

3 Nimuze tumenye Uhoraho;

tugire umwete wo kumumenya.

Nk’uko izuba ata coribuza guseruka,

ni ko azoseruka;

azotuzako kurya imvura y’urushana igwa,

kurya imvura y’agatasi ivomera isi."

4 Mbega Efurayimu ndakugire nte?

Nokugira gute ga Yuda?

Urukundo rwawe rumeze nk’igipfungu co mu gatondo,

kurya kw’ikime co mu gitondo gikamangana mu kanya gatoya izuba riserutse.

5 Ni co gituma nagutemaguje abavugishwa banje,

nkakwicisha amajambo yo mu kanwa kanje;

imanza zanje zarasiye kuri wewe nk’izuba.

6 Kuko nshaka ko mugira imbabazi, kuruta kumpa ibimazi,

n’ukumenya Imana kuruta ibimazi vyoshejwe.

7 Ariko, mwarenze kw’isezerano nka Adamu,

ntimwambera abizigirwa.

8 Gileyadi ni igisagara c’inkozi z’ibibi,

candujwe n’ibirenge vyakandagiye mu maraso.

9 Nk’uko ibisuma bibundira uwo bigomba kwiba,

ni ko n’utugwi tw’abaherezi tumeze;

bagandagurira abantu ku nzira ija i Shekemu,

bagakora ibibi biteye isoni.

10 Narabonye ikintu giteye ubwoba muri Isirayeli,

aho Efurayimu yitanze ngo ahinduke maraya,

Isirayeli akihumanya.

11 Kandi nawe Yuda,

hari iyimbura rikurindiriye.

Igihe nzogarukana abantu banje bajanywe ari imbohe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-