Publicidade

Oséias 13

Uburake bw’Uhoraho ku Bisirayeli

1 Iyo Efurayimu avuze, abantu barajugumira;

kuko yashizwe hejuru mu Bisirayeli.

Ariko Abefurayimu baracumuye mu gusenga Bayali maze barapfa.

2 Ubu rero barushirijeho gukora ivyaha;

bicurira ibigirwamana mw’ifeza zabo,

bihinguriye mu bwenge bwabo ibishushanyo.

Vyose ni ibikorwa vy’abacuzi.

Ehe ibivugwa kuri abo bantu:

"Batanga abantu kw’ibimazi!

Bagasoma ibishushanyo vy’inka!"

3 Ni co gituma bazoba nk’ikime co mu gitondo,

nk’igipfungu co mu gatondo kiyonga gihuye n’izuba,

nk’umuguruka utumuka uva ku mbuga yo kugosorerako,

nk’umwotsi usohoka uca mw’idirisha.

4 "Ariko namye ndi Uhoraho Imana yanyu

kuva aho mwaviriye muri Egiputa.

Nta yindi Mana muzokwemera atari jewe,

kuko ata Mukiza wundi atari jewe.

5 Narakwitwararitse uri mu bugaragwa,

mu gihugu c’ubushuhe buturira.

6 Aho nabagaburira, barariye barahaga;

bamaze guhaga, bafatwa n’ubwibone;

maze baranyibagira.

7 Ni co gituma nzoba nk’intambwe kuri bo,

nzobabundira nk’uko ingwe ibunda i ruhande y’inzira.

8 Nk’idubu ryibwe ibibuguru vyaryo,

nzobatera, maze ndabatabagure;

nzobashihagura nk’intambwe y’ingore,

igikoko co mw’ishamba kizobatabagura.

9 Urahonye, yewe Isirayeli,

kuko wigize umwansi wanje, jewe umutabazi wawe.

10 Umwami wawe ari hehe, kugira ngo agukize?

Abatware bawe bo mu bisagara vyose vyawe bari hehe?

Abo wansavye uvuga uti:

‘Mpa umwami n’abaganwa’?

11 Ico catumye ndaguha umwami nshavuye,

kandi mu burake bwanje ndamutwara.

12 Ivyaha vya Efurayimu vyaregeranijwe,

ivyaha vyiwe vyaranditswe birabikwa.

13 Uburibwe bubajeko nk’uko ibise biza ku mugore afise inda,

ariko ni nk’umwana atagira ubwenge;

igihe gishitse co kuvuka,

ntazoshobora gusohoka ngo ave mu nda ya nyina.

14 Nzotabara aba bantu ndabakure mu kuzimu;

nzobacungura ndabakure mu rupfu.

Wa rupfu we, ivyago vyawe biri hehe?

Kuzimu we, ubushobozi bwawe bwo kwica buri hehe?

Sinzogira impuhwe,

15 Efurayimu naho yotera imbere hagati mu bavukanyi biwe.

Umuyaga uvuye k’Uhoraho uzoza uvuye i buseruko,

uzohuha uturutse mu bugaragwa;

isoko yabo izokama

n’iriba ryaho ryume.

Ububiko bwabo buzokwibwa

ubutunzi burimwo bwose bunyagwe.

16 Abantu b’i Samariya bazobona inkurikizi z’ivyo bakoze,

kuko bagararije Imana yabo.

Bazokwicwa n’inkota;

abana babo b’inzoya bazobasya babamenagurire hasi,

abagore babo bibungenze bazofomozwa inkota."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-