Publicidade

Oséias 7

1 Igihe cose nzokiza Abisirayeli,

ivyaha vya Efurayimu bizoshirwa ahabona,

n’ibibi vya Samariya bihishurwe.

Bakora ivyo kubesha,

abasuma bamena amazu,

abambuzi na bo bakiba bari mu mabarabara;

2 ariko ntibamenye

ko nibuka ibikorwa vyabo bibi vyose bakora.

Ivyaha vyabo birabatwikiriye;

vyama imbere yanje imisi yose.

3 Banezereza umwami n’ibibi vyabo,

n’abaganwa mu vyo bababesha.

4 Bose ni abasambanyi,

bashuha nk’ifuru

uwotsa imikate adakeneye kwongera kwatsa,

iguma ishushe kugeza igikandu c’ifu gikakamye.

5 Ku musi wo kwigina umwami wacu

abaganwa barengerwa n’umuvinyu,

maze umwami agafatana amaboko n’abamucokora.

6 Imitima yabo ishuha nk’ifuru y’imikate;

bamwegerana uruhendo.

Ishavu ryabo riba riryamye ijoro ryose;

mu gitondo rikavyuka kurya kw’umuriro utongora.

7 Bose barashushe nk’ifuru y’imikate;

bashihagura abatware babo.

Kandi abami babo bose baratembagajwe

ariko nta n’umwe anyambaza.

8 Efurayimu yivanze n’amahanga;

Efurayimu ameze nk’umukate utahindukijwe mu kwotswa.

9 Abanyamahanga bamaze inkomezi ziwe,

ariko nta vyo abona.

Umushatsi wiwe wahindutse imvi,

ariko nta na kimwe azi.

10 Ubwishime bwa Isirayeli ni bwo bubagiriza,

ariko naho bimeze uko

ntahindukirira Uhoraho Imana yiwe

canke ngo amurondere.

11 Efurayimu ameze nk’inuma,

y’ikijuju itazi iyo ija,

batabaza Egiputa,

hanyuma bagahindukirira Ashuri.

12 Bakigendayo, nzobatererako urusenga rwanje;

nzobatsinda hasi nk’inyoni zo mu kirere.

Igihe nzobumva bariko bariyegeranya,

nzobafata.

13 Baragowe,

kuko bazimiye bakaja kure yanje!

Uguhona kurabashitseko,

kuko bangararije!

Ndipfuza kubacungura

ariko bavuga ibinyoma kuri jewe!

14 Ntibantakambira bivuye mu mitima yabo,

ariko baborogera ku mariri yabo.

Bakoranira hamwe gusaba imana z’amahanga

basaba ingano n’umuvinyu musha

ariko bakanja kure.

15 Narabigishije kandi ndabakomeza,

ariko bangiriye inama mbi.

16 Ntibahindukiriye Iyisumbavyose;

bameze nk’umuheto ugoramye.

Abatware babo bazokwicwa n’inkota

ku bw’amajambo yabo y’ubweruzi.

Kubera ivyo bazocokorwa

bari mu gihugu ca Egiputa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-