Publicidade

Oséias 4

Imana yagiriza Isirayeli

1 Nimwumve Ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli,

kuko Uhoraho afise urubanza aburana

na mwebwe muba muri iki gihugu:

"Nta bwizigirwa bukiriho, nta rukundo,

nta kumenya Imana bikiri muri iki gihugu.

2 Hasigaye hari umuvumo, ukubesha n’ubwicanyi,

ukwiba n’ugusambana;

umuryano ukwiye hose,

kandi ugusesa amaraso ni urutavanako.

3 Ni kubera ivyo igihugu cose kigandaye,

kandi abakibamwo bose bakaba bariko barahona;

mbere n’ibikoko vyo mw’ishamba, inyoni zo mu kirere

n’amafi yo mu kiyaga biriko birahona.

4 Ariko ntihagire uwagiriza uwundi,

ntihagire uwutuma urutoke uwundi,

kuko abo kwagirizwa

ni mwebwe abaherezi.

5 Mutsitara ku murango no mw’ijoro,

kandi n’abavugishwa banyu b’ibinyoma batsitarana namwe.

Ni co gituma nzokwica nyoko.

6 Abantu banje bishwe no kutamenya.

Kuko mwebwe abaherezi mwanse kumenya,

nanje nanse ko muba abaherezi banje;

kandi kuko mwirengagije kumenya ivyagezwe vy’Imana yanyu,

nanje nzokwirengagiza guhezagira abana banyu.

7 Uko abaherezi baba benshi,

ni ko barushaho kuncumurako;

bakavye ubwiza bw’Imana yabo babusubiriza ibiteye isoni vy’ibigirwamana.

8 Kuko abaherezi barya ibivuye mu vyaha vy’abantu banje

nta kindi bipfuza atari kubona abantu banje bacumura!

9 Kandi ibikorwa n’abaherezi, ni vyo n’abantu basanzwe bakora.

Nzohana abo bose kubera izo nzira zabo

ndabasubirize mu nkoko ivyo bakoze.

10 Bazorya, ariko ntibazohaga;

bazoja mu busambanyi ariko nta co bazokwunguka,

kuko bataye Uhoraho

bakiyegurira 11 ubusambanyi,

no kunywa umuvinyu wa kera na mushasha,

bigatwara ugutahura kwabo.

12 Abantu banje

basiguza ikigirwamana c’igiti

maze bakiyumvira ko inkoni ishobora kubabwira ivya kazoza.

Impwemu y’ubusambanyi irabazimiza;

bagata ubwizigirwa bakava ku Mana yabo.

13 Batangira ibimazi ku dutwe tw’imisozi

bagaturirira ibimota neza ku dusozi,

musi y’ibiti vy’imyeloni, n’imilebeni, n’imyelayo,

kuko igitutu cavyo ari ciza.

Ni co gituma abakobwa banyu baba abamaraya,

abakazana banyu na bo bakiha ubusambanyi.

14 Mbega ni kuki nohana abakobwa banyu

kubera ubumaraya bwabo,

canke abakazana banyu

kubera ubusambanyi bwabo?

Abagabo banyu ubwabo bihereranya abamaraya

kandi batangira ibimazi hamwe n’abamaraya.

Abantu badatahura bazohona!

15 Naho wewe Isirayeli uri maraya,

ntutume Yuda na we yagirwa n’ico caha.

Ntukaje i Gilugali gusenga ibigirwamana;

canke ngo uje i Beti-Aveni,

kandi ntukarahire mw’izina ryanje ngo:

‘Ni ukuri nk’ukubaho kw’Uhoraho!’

16 Abisirayeli bakomantaje imitima,

babaye nk’inka y’ikigaba.

None Uhoraho yobaragira ate

nk’uwuragira imyagazi y’intama mu bwatsi bwiza?

17 Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana;

nimumureke!

18 N’igihe ibinyobwa vyabo biheze,

bibandaniriza ubumaraya bwabo;

abatware babo bakunda inzira z’ibiteterwe kurusha iz’icubahiro.

19 Agashururu kazobakubura;

n’ibimazi vyabo baha ibigirwamana bizobamaramaza.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-