Maria
Maria, mãe de Jesus, é honrada nas Escrituras como a mulher escolhida por Deus para trazer ao mundo o Salvador. Sua fé, humildade e obediência são exemplo para todos os cristãos.
A escolhida de Deus
O anjo Gabriel anunciou a Maria que ela seria mãe do Filho do Altíssimo. Ela respondeu com fé: 'Faça-se em mim segundo a tua palavra.'
Mariya abwirwa ko azovyara Yesu
Elizabeti amaze amezi atandatu yibungenze, Imana irungika umumarayika Gaburiyeli mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, ku nkumi yitwa Mariya yari ikowe n’umusore yitwa Yosefu, wo mu muryango wa Dawidi. Uwo mumarayika yinjira aho Mariya ari, amubwira ati: "Nezerwa! Umwami Imana akugiriye ubuntu, kandi ari kumwe na we."
Ariko wa mumarayika aramuhumuriza ati: "Ntutinye, Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n’Imana. Raba ugiye gusama inda, maze uzovyara umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu. Azoba uwuhambaye, kandi azokwitwa Umwana w’Iyisumbavyose. Umwami Imana azomuha intebe y’inganji ya sekuruza Dawidi, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe bidashira; Ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo."
Umumarayika avugana na Yosefu
Uku ni ko ukuvuka kwa Yesu ari we Kristo kwagenze: nyina wiwe Mariya yari akowe na Yosefu, ariko imbere y’uko babana, asama inda ivuye ku bushobozi bwa Mpwemu Yera.
O Magnificat
Maria cantou: 'Minha alma engrandece ao Senhor!' Seu cântico exalta a misericórdia, o poder e a fidelidade de Deus.
Mariya ahimbaza Imana
Mariya aravuga ati:
"Umutima wanje urahimbaza Umwami Imana,
kandi impwemu yanje inezererewe Imana yo Mukiza wanje,
kuko yibutse
umusavyikazi wayo muto.
Uhereye ubu abantu bose bazonyita umuhirwe,
kuko Inyenkomezi yankoreye ibihambaye,
izina ryayo ni iryera.
Igirira imbabazi abayubaha,
uko uruganwe rukurikirana n’urundi.
Ukuboko kwayo kwakoze ivy’inkomezi;
yashwiragije abishira hejuru mu mitima yabo.
Yakuye abatware ku ntebe z’inganji,
ishira hejuru abaciye bugufi.
Yahagije ivyiza abashonje,
yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.
Yatabaye umusavyi wayo Isirayeli,
yibuka kugirira imbabazi
Aburahamu n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose,
nk’uko yari yarabisezeraniye ba sogokuruza."
Yosefu na we nyene ava i Nazareti, igisagara c’i Galilaya, aduga i Yudaya mu gisagara ca Dawidi citwa Betelehemu, kuko yakomoka mu muryango wa Dawidi. Nuko aja kwisansumisha ajanye na Mariya, uwo yari akoye, kandi Mariya yari yibungenze. Bakiri i Betelehemu, igihe co kwibaruka kiragera, maze avyara umwana wiwe w’imfura, amuzingira mu mpuzu z’uruyoya, aca amuryamika mu bwato inka ziriramwo, kuko bari babuze ikibanza mu nzu y’ingenzi.
Ariko Mariya we, yaguma azigama ayo majambo yose mu mutima wiwe, akayiyumvirako cane.
Nuko Simeyoni arabahezagira, maze abarira Mariya ati: "Uwu mwana ashizweho kugira ngo, muri Isirayeli, abantu benshi bagwe, abandi bavyuke. Azoba ikimenyetso kivuye ku Mana, ariko benshi bazomugwanya. Ivyo bizotuma ivyiyumviro vyo mu mitima ya benshi bija ahabona. Kandi na wewe nyene, inkota izogusogota mu mutima."
Abavyeyi biwe bamubonye baratangara cane. Nyina aramubaza ati: "Mwana wanje, ibi watugiriye ni ibiki? Twe na so tumaze imisi duhagaritse imitima cane tukurondera."
Yesu aramubaza ati: "Mbega mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?" Ariko ntibatahura ico ababwiye.
Maze baca basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe.
Mãe fiel até o fim
Maria acompanhou Jesus desde o nascimento até a cruz. Ela estava entre os discípulos no Pentecostes, fiel em oração.
Umuvinyu uheze urubanza rutarahera, Mariya nyina wa Yesu abwira Yesu ati: "Nta muvinyu basigaranye."
Yesu aramwishura ati: "Muvyeyi, kuki ugomba kunshira muri ivyo bintu? Igihe canje ntikirashika."
Ariko Mariya abwira abakozi ati: "Ico ababwira cose mugikore."
Hafi y’umusaraba wa Yesu, hari hahagaze nyina, nyinabo, Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalena. Yesu abonye nyina ahagaze aho, na wa mwigishwa Yesu yakunda amwegereye, abwira nyina ati: "Muvyeyi, ng’uwo umwana wawe," abwira wa mwigishwa ati: "Ng’uwo umuvyeyi wawe." Kuva ico gihe, wa mwigishwa aca ajana Mariya iwe.
Nyina na bene nyina ba Yesu
Nyina wa Yesu na bene nyina baraza bahagarara hanze, batuma umuntu kumuhamagara. Abantu bari bamukikije baramubwira bati: "Nyoko na bene nyoko bari hanze kandi barakurondera."
Arababaza ati: "Mama ni nde kandi bene mama ni ba nde?"
Nuko yihweza abari bamukikije, avuga ati: "Aba ni bo mama kandi ni bo bene mama. Uwukora ivyo Imana ishaka wese ni we mwene mama kandi ni we mama."
Mbega uwu si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya; abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Simoni na Yuda? Bashikiwe bose ntitubana? None ivyo vyose yabikuye hehe?"
Bose bakoranira hamwe bahuje umutima n’inama mu masengesho, bari kumwe na Mariya nyina wa Yesu n’abandi bagore, hamwe na bene nyina ba Yesu.
Este artigo te tocou? Faça uma oração!
+581 estão orando agora.
Junte-se à corrente de oração.