Publicidade

Apocalipse 4

Intebe y’inganji mw’ijuru

1 Inyuma y’ivyo ndaraba, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru. Rya jwi nari numvise ubwa mbere rivuga nk’inzamba, rimbwira riti: "Duga uze hano, ndakwereke ibigiye kuba inyuma y’ibi." 2 Ako kanya nyene, nca nja muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko. 3 Uwari ayicayeko yasa n’ibuye ry’agaciro ryitwa yasipi hamwe n’iryitwa sarudiyo. Kandi iyo ntebe yari izungurutswe n’umunywamazi usa n’ibuye ry’agaciro ryitwa simaragido. 4 Iyo ntebe yari ikikujwe n’izindi mirongo ibiri na zine, zicaweko n’abakuru mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe yabo. 5 Kuri iyo ntebe hava imiravyo, urwamo n’imituragaro. Imbere y’iyo ntebe hari amatara indwi yaka, ari zo mpwemu indwi z’Imana. 6 Kandi imbere yayo hari igisa n’ikiyaga c’ibiyo kibonerana cane.

Hagati na hagati n’ahakikuje iyo ntebe, hari ibinyabugingo vyuzuye amaso imbere n’inyuma. 7 Ikinyabugingo ca mbere casa n’intambwe, ica kabiri casa n’impfizi ikiri nto, ica gatatu cari gifise mu maso hasa n’ah’umuntu, ica kane cari kimeze nk’inkona iriko iraguruka. 8 Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti:

" ‘Uwera, uwera, uwera,

ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’

yamyeho, ariho, kandi agira aze."

9 Igihe cose ivyo binyabugingo bihaye icubahiro uwicaye kuri ya ntebe kandi ariho ibihe bidashira, 10 ba bakuru mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y’uwicaye kuri ya ntebe, bagahimbaza uwuriho ibihe bidashira, bagashira hasi za ngori zabo imbere ya ya ntebe y’inganji, bavuga bati:

11 "Urabereye, Mwami Imana yacu,

kwakira icubahiro n’ububasha

kuko ari wewe waremye vyose,

ugushaka kwawe ni ko kwatumye bibaho,

biraremwa."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-