1 Inyuma y’ivyo mbona abamarayika bane bahagaze mu mpande zine z’isi, batangiriye imiyaga ine yo kw’isi, kugira ngo babuze umuyaga guhuhuta kw’isi canke ku kiyaga canke ku biti. 2 Nca mbona uwundi mumarayika avuye i burasirazuba, afise ikimenyetso c’Imana nzima. Aca arasemerera abwira ba bamarayika bane bahabwa ububasha bwo kwonona isi n’ikiyaga ati: 3 "Ntimwonone isi canke ikiyaga canke ibiti tutarashira ikimenyetso mu ku ruhanga abakoreye Imana yacu." 4 Maze nca ndumva igitigiri c’abashizweko ico kimenyetso; bari ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bavuye mu miryango yose ya Isirayeli.
5 Mu muryango wa Yuda bari ibihumbi cumi na bibiri,
mu wa Reyubeni bari ibihumbi cumi na bibiri,
mu wa Gadi bari ibihumbi cumi na bibiri,
6 mu wa Asheri bari ibihumbi cumi na bibiri,
mu wa Nafutali bari ibihumbi cumi na bibiri,
mu wa Manase bari ibihumbi cumi na bibiri,
7 mu wa Simeyoni bari ibihumbi cumi na bibiri,
mu wa Lewi bari ibihumbi cumi na bibiri,
mu wa Isakari bari ibihumbi cumi na bibiri,
8 mu wa Zabuloni bari ibihumbi cumi na bibiri,
mu wa Yosefu bari ibihumbi cumi na bibiri,
mu wa Benyamini bari ibihumbi cumi na bibiri.
9 Inyuma y’ivyo nca mbona isinzi ry’abantu batoharurika, bavuye mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’inganji n’imbere ya wa Mwagazi. Bari bambaye amakanzu yera, bafise n’amashami y’ibigazi mu minwe. 10 Baca basemerera n’ijwi rirenga bati:
"Agakiza ni ak’Imana yacu,
yicaye ku ntebe y’inganji,
n’Umwagazi w’intama."
11 Abamarayika bose bari bahagaze bakikuje ya ntebe y’inganji na ba bakuru mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine. Baca bikubita hasi bubamye imbere y’intebe y’inganji, basenga Imana 12 bavuga bati:
"Amen!
Guhimbazwa, ubwiza,
ubwenge, amashimwe, icubahiro,
ububasha n’inkomezi,
bibe ivy’Imana yacu ibihe vyose.
Amen!"
13 Umwe muri ba bakuru aca ambaza ati: "Aba bambaye amakanzu yera ni ba nde kandi bavuye he?"
14 Nca ndamwishura nti: "Nyakwubahwa, ni wewe wobimenya."
Aca avuga ati: "Aba ni abavuye muri rya hamwa rikomeye, bamesuye amakanzu yabo, bayezesha amaraso ya wa Mwagazi. 15 Ni co gituma,
bahagaze imbere y’intebe y’inganji y’Imana,
bayihimbariza mu rusengero ijoro n’umurango,
kandi uwicaye ku ntebe y’inganji
azobashira mw’ihema ryiwe.
16 ‘Ntibazoba bagisonza,
kandi ntibazoba bakinyoterwa.
Izuba ntirizosubira kubakira,’
kandi nta bushuhe buzobica.
17 Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma
ari we azobabera umwungere,
azobaha ku mazi y’ubugingo.
‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose
ku maso yabo.’"