Publicidade

Apocalipse 21

Ijuru rishasha n’isi nshasha

1 Hanyuma nca mbona ijuru rishasha n’isi nshasha, kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari. 2 Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe. 3 Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: "Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo. 4 Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho."

5 Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: "Ehe vyose ndabihinduye bishasha!" Aca ambwira ati: "Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri."

6 Yongera ambwira ati: "Birarangiye. Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo. Uwunyotewe nzomuha kunywa ku mbizi z’amazi y’ubugingo ku buntu. 7 Uwuzonesha azotorana ibi vyose kandi nzomubera Imana, na we azombera umwana. 8 Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri."

Yerusalemu nshasha

9 Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise inzavya indwi zarimwo ivyago indwi vya nyuma araza ambarira ati: "Ingo ndakwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama." 10 Aca anjana ndi muri mpwemu, andugana ku musozi munini kandi muremure, aca anyereka igisagara cera, Yerusalemu, cururuka kiva mw’ijuru ku Mana. 11 Ico gisagara cakayangana ubwiza bw’Imana kandi imishwarara yaco yari imeze nk’iy’akabuye k’igiciro kitwa yasipi, kibonerana nk’ikiyo. 12 Cari kizitijwe uruhome runini mu bwaguke kandi rurerure, rufise amarembo cumi n’abiri arinzwe n’abamarayika cumi na babiri. Kandi amazina y’imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli yari yanditse kuri ayo marembo. 13 Mu buseruko hari amarembo atatu, mu buraruko atatu, mu bumanuko atatu, no mu burengero atatu nyene. 14 Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rwubakiye ku mabuye cumi n’abiri y’urufatiro, ari zo ntumwa z’Umwagazi w’intama.

15 Wa mumarayika yamvugisha yari afise ico gupimisha gikozwe mu nkoni y’inzahabu, kugira ngo apime igisagara, amarembo yaco, n’inzitiro zaco. 16 Igisagara cari kimeze nka kwadarato, uburebure n’ubwaguke vyarangana. Apimye igisagara asanga gipima sitadiyo ibihumbi cumi na bibiri mu burebure, mu bwaguke no mu gihagararo. 17 Aca apima n’uruzitiro akoresheje ingero abantu basanzwe bakoresha, asanga rupima ingero z’igice c’ukuboko ijana na mirongo ine na zine z’uburebure bw’igihagararo. 18 Uruzitiro rwari rwubakishijwe ibuye ry’agaciro ryitwa yasipi, igisagara na co cari cubakishijwe inzahabu, kibonerana nk’ibiyo. 19 Umushinge w’uruzitiro rw’ico gisagara wari ushazishijwe n’amabuye y’agaciro y’ubwoko bwose. Irya mbere ryari yasipi, irya kabiri safiro, irya gatatu kalukedoni, irya kane simaragido, 20 irya gatanu onigisi, irya gatandatu sarudiyo, iry’indwi kilusorito, iry’umunani berulo, iry’icenda topazi, iry’icumi kirusopuraso, iry’icumi na rimwe huwakinto, iry’icumi na kabiri ametusito. 21 Imiryango y’amarembo uko ari cumi n’ibiri yari ikozwe mw’imaragarita cumi na zibiri, umuryango umwumwe wose wari ukozwe mw’imaragarita imwe. Ibarabara rikuru ryo muri ico gisagara ryari rigizwe n’inzahabu zivugutiwe, rikabonerana nk’ibiyo.

22 Nta rusengero nabonye muri ico gisagara, kuko Umwami Imana Mushoboravyose n’Umwagazi w’intama ari bo rusengero rwaho. 23 Muri ico gisagara nta zuba canke ukwezi bikenewe vyo kuhamurikira, kuko ubwiza bw’Imana buhamurikira, kandi Umwagazi w’intama akaba ari we tara ryaho. 24 Amahanga yose azogendera mu muco waho, kandi abami bo kw’isi bose bazohazana ubutunzi bwabo. 25 Amarembo y’ico gisagara yama yuguruye, kuko nta joro rihaba. 26 Ubwiza n’icubahiro vy’amahanga bizozanwa muri co. 27 Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-