1 Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana. 2 Nca mbona n’ikimeze nk’ikiyaga c’ibiyo bivanze n’umuriro. I ruhande yaco hari hahagaze abanesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’ikimenyetso c’izina ryaco. Bari bafise inanga bahawe n’Imana, 3 baririmba indirimbo ya Mose umukozi w’Imana n’iy’Umwagazi w’intama, bavuga bati:
"Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje,
Mwami, Imana Mushoboravyose.
Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri,
Mwami w’amahanga.
4 Ni nde atazogutinya ga Mwami,
ngo aheshe icubahiro izina ryawe?
Ni wewe wenyene wera.
Amahanga yose azoza,
apfukame imbere yawe agusenge,
kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye."
5 Hanyuma y’ivyo nca mbona mw’ijuru urusengero rurimwo ihema ry’isezerano rwuguruye. 6 Ba bamarayika indwi bafise ivyago indwi baca barasohoka bava mu rusengero. Bari bambaye impuzu zera derere zitanduye, bakenyeje imikanda y’inzahabu. 7 Kimwe mu binyabugingo gica giha ba bamarayika indwi inzavya indwi zuzuyemwo uburake bw’Imana ihoraho. 8 Ubwo nyene urusengero ruca rwuzura umwotsi uvuye mu cubahiro c’Imana n’ububasha bwayo, ntihaba hakigira uwushobora kwinjira muri urwo rusengero gushika ba bamarayika indwi bashikije vya vyago indwi.