Meditação
A meditação na Palavra de Deus é prática espiritual essencial. Diferente da meditação oriental, a meditação bíblica é reflexão profunda sobre as Escrituras — ruminar a Palavra dia e noite.
Meditar na Palavra dia e noite
Bem-aventurado o homem que medita na lei do Senhor de dia e de noite. Ele é como árvore plantada junto a ribeiros de águas.
Hahiriwe umuntu
adakurikiza impanuro z’abanyakibi,
ntahagarare mu nzira y’abanyavyaha,
canke ngo yicarane n’abacokoranyi,
ahubwo agahimbarwa n’Ivyagezwe vy’Uhoraho,
akaba ari vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro.
Amajambo ari muri iki Gitabu c’Ivyagezwe ntaze yigere ava mu kanwa kawe. Uze wame uyiyumvirako ku murango no mw’ijoro, kugira ngo uzoshobore kwumvira ivyanditsemwo vyose. Ni ho uzoshobora kwama uja imbere, ugashika ku ntumbero mu vyo uzokora vyose.
Ese ukuntu nkunda Ivyagezwe vyawe!
Ndabirimbura bukarinda bwira.
Amabwirizwa yawe yamana nanje
antera kuba umunyabwenge kuruta abansi banje.
Mfise ugutahura kurusha abanyigishije,
kuko ndimbura ivyo washinze.
Mfise ugutahura kurengeye abahumure,
kuko nubaha ivyo wihanikirije.
Jewe ndimbura ivyo wihanikirije
kandi nshira umutima ku nzira zawe.
Jewe mpimbarwa n’ivyo washinze;
sinzokengera ijambo ryawe.
Gimeli
kuko nezererwa amabwirizwa yawe,
kandi ndayakunda.
Ntuma amaboko yanje amabwirizwa yawe nkunda,
kugira ngo ndimbure ku vyo washinze.
Zayini
Mvyuka umutwenzi utaratambika ngatakamba;
nizigiye ijambo ryawe.
Nguma ndi maso ijoro ryose,
kugira ngo ndimbure amasezerano yawe.
Frutos da meditação
A meditação produz entendimento, alegria e adoração. Quem medita na Palavra encontra direção, paz e renovação espiritual.
Aya majambo yo mu kanwa kanje
n’uku kurimbura kw’umutima wanje
bibe ibihimbara mu nyonga zawe, Uhoraho, Gitandara canje, Mucunguzi wanje.
Akanwa kanje kagira kavuge amajambo y’ubwenge;
ukurimbura kw’umutima wanje kuzobaha gutahura.
Ariko ngaca nibuka ibikorwa vy’Uhoraho;
egome cane, ndibuka ibitangaza vyawe vya kera.
Nzokwiyumvira ku bikorwa vyawe
nzirikane ivy’inkomezi wakoze.
Ndibuka imisi ya kera;
ndimbura ibikorwa vyawe vyose
nkiyumvira ku vyakozwe n’intoke zawe.
Yewe Mana, turi mu Ngoro yawe,
tuzirikana urukundo rwawe rudashira.
Nzoririmbira Uhoraho ubuzima bwanje bwose;
nzoririmba ishimwe ry’Imana yanje imisi yose nzoba nkiriho.
Icompa ukurimbura kwanje kugahimbara Uhoraho,
kuko nezererwa muri we.