1 Yabini umwami w’i Hazori avyumvise, aca arungikira intumwa Yobabu umwami w’i Madoni, abami b’i Shimuroni n’umwami w’i Akishafu, 2 abami bo mu karere k’imisozi miremire mu buraruko, abo mu kiyaya Araba mu bumanuko bw’i Kinereti, abo mu kiyaya n’ab’i Nafoti Dori mu burengero, 3 n’Abanyakanani mu buseruko no mu burengero; n’Abamori, n’Abaheti, n’Abaperizi, n’Abayebusi bo mu gihugu c’imisozi miremire, hamwe n’Abahiwi bo musi ya Herumoni mu ntara ya Misipa. 4 Bose baza n’ingabo zabo zose, n’amafarasi menshi, n’imikogote myinshi: bari benshi cane bameze kurya kw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga. 5 Abo bami bose baja hamwe, bagira ikambi imwe ku mazi y’i Meromi kugira ngo batere Abisirayeli.
6 Uhoraho abarira Yosuwa ati: "Ntubatinye kuko ejo nk’aya masaha nzobatanga mu maboko y’Abisirayeli bameze nk’abapfuye. Muzotemagure ibinono vy’amafarasi yabo, muturire n’imikogote yabo."
7 Nuko Yosuwa n’ingabo ziwe zose baja kubagwanya, babatera giturumbuka babasanze aho bari ku mazi y’i Meromi, 8 Uhoraho abatanga mu maboko ya Isirayeli. Abisirayeli barabatsinda, barabirukana gushika mu ntara nini y’i Sidoni, ahitwa Misirefoti-Mayimu, no mu kiyaya ca Misipehi mu buseruko, barabica ntihasigara n’umwe. 9 Yosuwa abagirira nk’uko Uhoraho yari yamubwiye: ifarasi bazicagagura ibinono, imikogote na yo barayiturira.
10 Ico gihe Yosuwa aca arahindukira afata Hazori, umwami waho amwicisha inkota. Hazori hari harigeze kuba umugwa mukuru w’ubwo bwami bwose. 11 Ababa muri ico gisagara bose bicishwa inkota, barabahonya ntibasigaza umuntu n’umwe agihema, bongera baturira Hazori.
12 Yosuwa afata ivyo bisagara n’abami bavyo, abicisha inkota, arabahonya bose nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yari yarabimutegetse. 13 Ariko Abisirayeli ntibaturiye ibindi bisagara vyose vyo mu misozi, kiretse Hazori conyene caturiwe na Yosuwa. 14 Abisirayeli basahura ibintu vyose vyo muri ivyo bisagara harimwo n’ibitungwa, barabitwara, ariko abantu bo muri vyo bose babicisha inkota, ntibasigaza n’umwe. 15 Ivyo Uhoraho yari yabitegetse umusavyi wiwe Mose, kandi Mose na we yabitegetse Yosuwa, hanyuma Yosuwa na we arabishitsa. Nta kintu na kimwe atakoze mu vyo Uhoraho yategetse Mose.
16 Maze Yosuwa afata igihugu cose: ahari imisozi miremire, intara ya Negebu yose, intara yose ya Gosheni, hamwe n’intara zigizwe n’imisozi migufimigufi yo mu burengero, ikiyaya Araba n’imisozi ya Isirayeli iri kumwe n’imyonga yayo, 17 kuva ku musozi Halaki uduga utumbereye i Seyiri, gushika i Bayali-Gadi mu kiyaya c’i Libani hepfo y’umusozi Herumoni. Afata abami baho bose arabica. 18 Yosuwa yamaze igihe kinini agira ibitero kuri abo bami. 19 Kiretse Abahiwi baba i Gibeyoni bonyene, nta gisagara na kimwe kindi cigeze gisaba ko bogiriranira isezerano ry’amahoro n’Abisirayeli, ibisagara vyose yabifashe habanje kuba intambara. 20 Uhoraho yari yakomantaje imitima yabo ngo batere Abisirayeli, kugira ngo Abisirayeli na bo babahonye bose, babatikize ata kigongwe, nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.
21 Ico gihe Yosuwa aca aragenda atikiza Abanaki bo mu gihugu c’imisozi miremire: kuva i Heburoni, i Debiri n’i Anabu, kuva mu ntara y’imisozi miremire y’i Buyuda, no kuva mu ntara y’imisozi miremire ya Isirayeli. Yosuwa arabahonya bose hamwe n’ibisagara vyabo. 22 Nta muntu wo mu ba Anaki n’umwe yasigaye muri ico gihugu ca Isirayeli, kiretse abari i Gaza, i Gati no muri Ashidodi.
23 Nuko Yosuwa afata ico gihugu cose nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose, akigaburira Abisirayeli nk’iragi ryabo, akibagaburira uko imiryango yabo ingana. Maze igihugu kibona kuruhuka intambara.