1 Intara yahawe umuryango wa Yuda, ukurikije abakuru b’inzu zigize uwo muryango, yaramanuka igashika ku ntara y’abakomoka kuri Edomu ikabandanya gushika mu bugaragwa bw’i Zini kure cane uja mu bumanuko.
2 Urubibe rwaho rwo mu bumanuko rwava ku Kiyaga c’Umunyu, 3 rugaca mu bumanuko bw’ahitwa Akurabimu, rukabandanya gushika i Zini, rukarenga no mu bumanuko bwa Kadeshi Baruneya rugashika i Hezironi hanyuma rukaduga gushika Adari, rugaca ruzunguruka ruja i Karuka. 4 Kuva aho rugaca rurengana Azimoni rugashika ku kagezi ka Egiputa, kisuka mu Kiyaga Mediterane. Urwo ni rwo rubibe rwabo rw’amaja mu bumanuko.
5 Urubibe rwo mu buseruko rwava ku Kiyaga c’Umunyu rugashika aho Yorodani rwisukira muri ico kiyaga.
Amaja mu buraruko na ho rwava kw’isonga ry’ikiyaga rugashika aho Yorodani rwisukira muri ico kiyaga c’umunyu, 6 rukaduga rukaja i Beti-Hogila rukabandanya mu buraruko bwa Beti-Araba rugashika kw’ibuye rya Bohani, mwene Reyubeni. 7 Uvuye ngaho, urwo rubibe ruca ruduga i Debiri hanyuma ruvuye mu kiyaya ca Akori rugaca rukevya rukaja mu buraruko bwa Gilugali aharabana na Adumimu mu bumanuko bw’ikiyaya. Rugaca rubandanya ruja ku mazi ya Eni-Shemeshi rugashika kuri Eni-Rogeli. 8 Maze rugaca ruduga ruciye mu kiyaya ca Beni-Hinomu rukagenda rukika hepfo y’imimanuko iri ahari igisagara c’Abayebusi ari co Yerusalemu. Kuva aho rugaca ruduga ku mitwe y’imisozi, n’ikiyaya ca Beni-Hinomu mu buraruko bw’ikiyaya ca Refayimu. 9 Ruvuye kuri iyo misozi, urwo rubibe ruca ruhindukira rukaja ku mariba y’i Nefutowa, rugaserukira mu bisagara vyo ku musozi Efuroni, hanyuma rukamanuka ruja i Bayala, ari ho i Kiriyati-Yeyarimu. 10 Ruca ruhindukira ruva mu burengero bwa Bayala ruja ku musozi Seyiri, rugaca ku mimanuko y’umusozi Yeyarimu ari ho Kesalini, rukabandanya rumanuka gushika i Beti-Shemeshi rukajabuka ruja i Timuna. 11 Ruca rubandanya rugaca mu buraruko bw’imimanuko ya Ekuroni, rugahindukira rukaraba i Shikeroni, rugaca ku musozi Bayala rugashika i Yabuneli. Urwo rubibe rukagarukira ku Kiyaga Mediterane.
12 Urubibe rwo mu burengero ni aho Ikiyaga Mediterane kigarukira.
Izo ni zo mbibe z’imiryango ya Yuda.
13 Akurikije uko Uhoraho yamutegetse, Yosuwa yahaye Kalebu mwene Yefune igice c’itongo mu mugabane wa Yuda, aho ni Kiriyati-Araba, ari ho Heburoni, hari hiswe iryo zina Araba kubera sekuruza w’Abanaki. 14 Nuko i Heburoni, Kalebu ahirukana imigwi itatu y’Abanaki ari bo ruvyaro rwa Sheshayi, urwa Ahimani n’urwa Talumayi, bene Anaki. 15 Avuye aho aca aja gutera abantu baba i Debiri ahahora hitwa Kiriyati-Seferi. 16 Maze Kalebu aravuga ati: "Uwuzotera i Kiriyati-Seferi akahafata, nzomuha umukobwa wanje Akisa abe umugore wiwe." 17 Otiniyeli mwene Kenazi, avukana na Kalebu, arahafata; Kalebu aca amushingira umukobwa wiwe Akisa.
18 Akisa amaze kuba umugore wa Otiniyeli, aca amubwira ngo asabe se itongo. Akisa yururutse indogoba yiwe, Kalebu aramubaza ati: "Wipfuza iki?"
19 Akisa amwishura ati: "Ngirira ubuntu. Ko wampaye itongo i Negebu, mpa n’amariba y’amazi." Nuko Kalebu amuha amariba yo hepfo n’ayo haruguru.
20 Iri ni ryo ragi ry’umuryango wa Yuda, ukurikije uko abakuru b’inzu ziwugize zimeze:
21 Ibisagara vy’epfo cane mu bumanuko vy’umuryango wa Yuda mu gice citwa Negebu amaja ku rubibe rwa Edomu vyari ibi:
Kabuzeyeli, Ederi, Yaguri, 22 Kinahi, Dimonahi, Adadahi, 23 Kedeshi, Hazori, Itinani, 24 Zifu, Telemu, Beyaloti, 25 Hazori-Hadata, Keriyoti Hezironi ari co Hazori, 26 Amamu, Shema, Molada, 27 Hazari-Gadahi, Heshimoni, Beti-Peleti, 28 Hazari-Shuwali, Berisheba, Biziyotiya, 29 Bayala, Iyimu, Ezemu, 30 Elitoladi, Kesili, Horuma, 31 Zikulagi, Madumana, Sansanahi, 32 Lebiti, Shilihimu, Ayini na Rimoni. Vyose hamwe vyari ibisagara mirongo ibiri n’icenda, biri kumwe n’imihana yavyo.
33 Mu biyaya vyo mu burengero hari:
Eshitayoli, Zora, Ashina, 34 Zanowa, Eni-Ganimu, Tapuwa, Enamu, 35 Yarimuti, Adulamu, Soko, Azeka, 36 Shayarayimu, Aditayimu na Gedera canke Gederotayimu. Vyose hamwe vyari ibisagara icumi na bine n’imihana yari ibikikuje.
37 Zanani, Hadasha, Migidali-Gadi, 38 Dileyani, Misipehi, Yokiteheli, 39 Lakishi, Bozikati, Eguloni, 40 Gaboni, Lahamasi, Kitilishi, 41 Gederoti, Beti-Dagoni, Nama na Makeda, vyose hamwe vyari ibisagara icumi na bitandatu, biri kumwe n’imihana yari ibikikuje.
42 Libuna, Etiheri, Ashani, 43 Ifuta, Ashina, Nezibu, 44 Keyila, Akizibu na Maresha, vyose uko ari ibisagara icenda hamwe n’imihana yari ibikikuje.
45 Igisagara Ekuroni n’ivyagikomokako vyose, n’imihana yaco yose, 46 Ibisagara vyose vyo mu ntara ya Ashidodi, mu burengero bwa Ekuroni, n’imihana yaho yose. 47 Ashidodi, n’imihana ihakikuje, Gaza n’imihana yaho, gushika ku kagezi ka Egiputa, n’inkengera z’ikiyaga Mediterane.
48 Mu ntara igizwe n’imitumba miremire hari:
Shamiri, Yatiri, Soko, 49 Dana, Kiriyati-Sanahi ari yo Debiri, 50 Anabu, Eshitemo, Animu, 51 Gosheni, Holoni na Gilo. Vyose hamwe vyari ibisagara icumi na bibiri, n’imihana yari ibikikuje.
52 Araba, Duma, Eshani, 53 Yanimu, Beti-Tapuwa, Afeka, 54 Humuta, Kiriyati-Araba ari yo Heburoni, na Ziyori. Vyose hamwe vyari ibisagara icenda, n’imihana yari ibikikuje.
55 Mayoni, Karumeli, Zifu, Yuta, 56 Yezireyeli, Yokodiyamu, Zanowa, 57 Kayini, Gibeya na Timuna. Vyose hamwe vyari ibisagara icumi, n’imihana yari ibikikuje yose.
58 Halihuli, Beti-Zuri, Gedori, 59 Mayarati, Beti-Anoti, na Elitekoni. Vyose hamwe vyari ibisagara bitandatu n’imihana yavyo yose.
60 Kiriyati-Bayali ari co Kiriyati-Yeyarimu na Raba. Vyose hamwe vyari ibisagara bibiri n’imihana yari ibikikuje yose.
61 Mu bugaragwa hari:
Beti-Araba, Midini, Sekaka, 62 Nibushani, Igisagara c’Umunyu, hamwe na Eni-Gedi. Vyose hamwe vyari ibisagara bitandatu n’imihana yari ibikikuje.
63 Ariko umuryango wa Yuda ntiwashoboye kwirukana Abayebusi baba mu gisagara ca Yerusalemu, ari na co gituma gushika n’uwu musi Abayebusi bakibana n’Abayuda.