Publicidade

Josué 20

Ibisagara vy’ubuhungiro

1 Maze Uhoraho abarira Yosuwa ati: 2 "Barira Abisirayeli bategekanye ibisagara vy’ubuhungiro, nk’uko nabibategetse nciye kuri Mose, 3 kugira ngo nihagira uwica umuntu atabishaka canke atabiteguye, azoshobore kuronka aho ahungira uwuzoba ajejwe guhora amaraso mu muryango w’uwapfuye. 4 Niyamara guhungira muri kimwe muri ivyo bisagara, azohagarare kw’irembo ryaco yiregure ku bakuru baco. Bazoheze bamwakire muri ico gisagara, bamuhe aho aba, abane na bo. 5 Uwujejwe guhora amaraso niyamukurikirana, ntibaze bamutange, kuko azoba yishe mugenziwe atabishaka, atahora ari umwansi wiwe. 6 Azogume muri ico gisagara gushika yumvirijwe n’ikoraniro, yongere arindire gushika umuherezi mukuru azoba ariho ico gihe apfuye. Ni ho azoheza agasubira mu gisagara ciwe, ico yari yahunze avamwo."

7 Nuko baca bategekanya Kedeshi i Galilaya mu misozi iri mu ntara ya Nafutali, Shekemu mu misozi iri mu ntara ya Efurayimu, na Kiriyati-Araba ari co Heburoni, mu misozi iri mu ntara ya Yuda. 8 Mu buseruko bwa Yorodani ahaherereye i Yeriko, bategekanya Bezeri mu bugaragwa no mu misozi migufimigufi mu muryango wa Reyubeni, Ramoti i Gileyadi mu muryango wa Gadi, n’i Golani i Bashani mu muryango wa Manase. 9 Umwisirayeli wese canke umunyamahanga yabana n’Abisirayeli yishe umuntu atabishaka yaca ahungira muri ivyo bisagara vyateguriwe ico kugira ngo uwujejwe guhora amaraso y’umuryango ntahave amwica ataraburana imbere y’ikoraniro.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-