1 Iyi ni yo ntara yahawe umuryango wa Manase imfura ya Yosefu. Makiri, imfura ya Manase ari we sekuruza w’Abagileyadi, yahawe Gileyadi na Bashani, kuko Abagileyadi bari abahizi mu ntambara. 2 Aho hantu baronse hari hagenewe ikindi gice c’uwo muryango wa Manase; ugizwe n’abakuru b’inzu zo mu muryango ari bo: Abiyezeri, Heleki, Asiriyeli, Shekemu, Heferi na Shemida. Abo ni abandi bagabo bakomoka kuri Manase umuhungu wa Yosefu, ukurikije inzu baserukira.
3 Ico gihe Zelofehadi mwene Heferi, Heferi mwene Gileyadi, Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, ntiyari yaravyaye abahungu, yari yavyaye abakobwa gusa. Na bo bari aba: Mahala, Nowa, Hogula, Milika na Tiriza. 4 Maze baragenda babwira umuherezi Eliyazeri, Yosuwa mwene Nuni, n’abatware, bati: "Uhoraho yategetse Mose kuduha iragi muri benewacu." Nuko Yosuwa aca abaha iragi co kimwe na benewabo, nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse. 5 Iragi rya Manase ryose hamwe ryangana n’amatongo icumi, hongeweko n’amatongo ya Gileyadi na Bashani mu buseruko bwa Yorodani, 6 kuko abakobwa bo mu ruvyaro rwa Manase baronse itongo co kimwe na basaza babo. Itongo ry’i Gileyadi ryaciye ritwarwa n’uruvyaro rwa Manase rwari rusigaye.
7 Intara Manase yahawe yava kwa Asheri igashika kwa Mikimetati, mu buseruko bwa Shekemu. Urubibe ruvuye aho rwashika mu bumanuko harimwo n’ahaba abantu b’i Eni-Tapuwa. 8 Intara ikikuje igisagara ca Tapuwa yaganzwa n’Abamanase, ariko ico gisagara ubwaco kikaba cari ku rubibe rw’intara ya Manase kandi cegukira Abefurayimu. 9 Hanyuma urwo rubibe rwaca rubandanya rugashika kw’isumo ry’i Kana. Aho hari ibisagara vya Efurayimu vyari kumwe n’ivya Manase, ariko urubibe rwa Manase rwari haruguru y’iryo sumo rugashika ku Kiyaga Mediterane. 10 Mu bumanuko, iyo ntara yari iya Efurayimu, mu buraruko ikaba iya Manase. Intara ya Manase yashika ku Kiyaga Mediterane, ikongera igahana urubibe n’intara ya Asheri mu buraruko, n’iya Isakari mu buseruko.
11 Mu ntara zahawe Isakari na Asheri, harimwo kandi n’ibisagara vyahawe Manase. Na vyo ni: Beti-Shani, Ibileyamu hamwe n’ababa i Dori, Eni-Dori, Tanaki na Megido, hamwe n’abari bahakikuje.
12 Ariko uruvyaro rwa Manase ntirwashoboye gufata ivyo bisagara, kuko Abanyakanani bagumye bahaba. 13 Ariko Abisirayeli bamaze kugwira bagakomera, baciye bagira Abanyakanani abagurano babo, ariko ntibabirukana bose.
14 Uruvyaro rwa Yosefu rubwira Yosuwa ruti: "Ni kubera iki waduhaye intara imwe nk’iragi turi benshi, kandi Uhoraho yaraduhezagiye cane?"
15 Yosuwa arabishura ati: "Nimba muri benshi, kandi intara y’imisozi miremire ya Efurayimu ikaba itabakwiye, nimuduge mu kibira mwiyagurire amatongo mu gihugu c’Abaperizi n’Abarefayimu."
16 Uruvyaro rwa Yosefu rumwishura ruti: "Igihugu c’imisozi ntikidukwiye kandi Abanyakanani baba mu kiyaya bafise imikogote y’ivyuma, co kimwe n’ababa i Beti-Shani n’abahakikuje hamwe n’abo mu kiyaya c’i Yezireyeli."
17 Ariko Yosuwa abwira imiryango ya Yosefu ari bo Manase na Efurayimu ati: "Muri benshi kandi murakomeye. Ntimuzoronka intara imwe gusa 18 ahubwo muzohabwa n’ikibira kiri mu misozi miremire na co nyene. Genda mugitunganye imbibe muzishikane kure aho mushaka, hazoba ahanyu. Naho Abanyakanani bafise imikogote y’ivyuma kandi bakaba bakomeye, muzobirukana."