Publicidade

Josué 10

Izuba rihagarara hejuru y’ikiyaya c’i Gibeyoni

1 Ico gihe Adoni-Zedeki umwami w’i Yerusalemu yumva ko Yosuwa yafashe Hayi akahasambura rwose, akahagirira nk’uko yagiriye Yeriko n’umwami waho, yumva kandi ko abantu b’i Gibeyoni bagiriraniye isezerano ry’amahoro na Isirayeli, kandi ko bifatanije na bo. 2 We n’abantu biwe baca bahagarika imitima kubera ivyo, kuko Gibeyoni cari igisagara gikomeye cangana na kimwe mu bisagara vy’abami, casumba Hayi mu bunini, kandi abantu baho bari abagwanyi bakomeye. 3 Nuko Adoni-Zedeki umwami w’i Yerusalemu atumako Hohamu umwami w’i Heburoni, Piramu umwami w’i Yarimuti, Yafiya umwami w’i Lakishi, hamwe na Debiri umwami wa Eguloni. 4 Ababwira ati: "Nimuze mumfashe gutera ab’i Gibeyoni, kuko bagiranye isezerano ry’amahoro na Yosuwa hamwe n’Abisirayeli."

5 Nuko abo bami b’Abamori uko ari batanu; uw’i Yerusalemu, uw’i Heburoni, uw’i Yarimuti, uw’i Lakishi hamwe n’uw’i Eguloni, bakoraniriza ingabo zabo hamwe, baraduga baja gutera i Gibeyoni.

6 Ab’i Gibeyoni na bo baca barungikira intumwa Yosuwa aho yari mu mahema i Gilugali, bamubwira bati: "Ntuhebe abasavyi bawe! Duga vuba udutabare! Ngwino udufashe kuko abami b’Abamori bo mu mitumba miremire bakoranye ngo badutere."

7 Nuko Yosuwa aca afata urugendo ava i Gilugali ari kumwe n’abasoda biwe bose, hamwe n’abahizi biwe mu kugwana, baja i Gibeyoni. 8 Uhoraho abarira Yosuwa ati: "Ntubatinye, bose nabatanze mu maboko yawe. Nta n’umwe azoshobora kuguhagarara imbere."

9 Bamaze ijoro ryose bagenda bava i Gilugali, Yosuwa arabahwikira. 10 Uhoraho abateza gucika ivutu imbere y’Abisirayeli, baronka intsinzi y’agahebuza, i Gibeyoni. Abisirayeli barabakurikira mw’ibarabara riduga i Beti-Horoni, babica ingenda kugeza bashitse i Azeka n’i Makeda. 11 Bakiriko barahunga Abisirayeli bamanuka ibarabara riva i Beti-Horoni rija muri Azeka, Uhoraho atibagura urubura rumeze nk’amabuye, abishwe n’urwo rubura basumba abishwe n’inkota y’Abisirayeli.

12 Uwo musi Uhoraho aha Abisirayeli intsinzi ku Bamori, Yosuwa asenga Uhoraho ari imbere y’Abisirayeli ati:

"Ewe zuba, hagarara ugume hejuru ya Gibeyoni,

kandi nawe kwezi, ugume wakira hejuru y’ikiyaya ca Ayaloni."

13 Izuba rirahagarara ritikakaza,

n’ukwezi kuguma aho kwari kuri,

gushika abagize iryo hanga bihoye abansi babo,

nk’uko vyanditswe mu gitabu ca Yashari.

Izuba ryagumye rihagaze hagati mu kirere, ntiryarenga, hafi umusi wose. 14 Nta musi wigeze kubaho umeze nk’uwo kuva isi ibaho canke mu nyuma, aho Uhoraho yishura umwana w’umuntu gutyo. Mu vy’ukuri uwo musi Uhoraho ni we yagwanira Isirayeli.

15 Maze Yosuwa n’Abisirayeli basubira mu mahema yabo i Gilugali.

Yosuwa yica abami batanu b’Abamori

16 Abo bami batanu bari bahunze binyegeza mu kinogo kirekire kiri musi y’ikibuye kinini i Makeda. 17 Yosuwa yumvise ko hari ababonye abo bami ko binyegeje muri ico kinogo i Makeda, 18 aca avuga ati: "Tembagariza ibibuye bininibinini mu rwinjiriro rw’ico kinogo, mushireho n’abantu bahacunge. 19 Ariko ntimuhagarare, mubandanye mukurikira abansi banyu, mubatere mubaciye inyuma, kandi mubabuze gushika mu bisagara vyabo, kuko Uhoraho Imana yanyu yabashize mu maboko yanyu."

20 Nuko Yosuwa n’Abisirayeli barabica barabamara, ariko bakeya bo muri bo barashobora guhunga no gushikira ibisagara vyabo bizitiye cane. 21 Abasoda bose batabaruka impore, bashikira Yosuwa mu nsago z’i Makeda. Kuva ico gihe nta n’umwe yasubiriye kwubahuka kugira ico avuga kibi ku Bisirayeli.

22 Yosuwa aravuga ati: "Ugurura ico kinogo musohore abo bami batanu mubanzanire." 23 Nuko bazana abo bami bose uko ari batanu: uw’i Yerusalemu, uw’i Heburoni, uw’i Yarimuti, uw’i Lakishi, n’uw’i Eguloni. 24 Abo bami babazaniye Yosuwa, aca ahamagaza abagabo bose b’Abisirayeli, abwira n’abagabisha b’ingabo zabazanye ati: "Nimuze muhonyoze ibirenge vyanyu ku mazosi y’aba bami." Nuko baregera bahonyoza ibirenge vyabo ku mazosi yabo.

25 Yosuwa abwira abantu biwe ati: "Ntimuze mwigere mugira ubwoba canke ngo mucike intege. Mushikame mwambare inkomezi. Uku ni ko Uhoraho azokorera abansi bose mugiye kuzogwanya." 26 Hanyuma Yosuwa aca yica abo bami uko ari batanu, aca abamanika ku biti, bagumaho gushika bwije.

27 Izuba rirenze, Yosuwa aca atanga itegeko ryo kubamanura, babata muri ca kinogo kiri musi y’ikibuye kinini bari binyegejemwo. Mu rwinjiriro rw’ico kinogo baca bahugaza ikibuye kinini, kandi ni ho kikiri gushika n’ubu.

Abisirayeli bafata ibisagara vyo mu bumanuko

28 Uwo musi nyene, Yosuwa afata igisagara ca Makeda aragisambura. Yicisha inkota abakibamwo bose harimwo n’umwami waho, ntiyasiga n’umwe. Yarabaranduye bose, agirira umwami w’i Makeda ivyo yagiriye umwami w’i Yeriko.

29 Inyuma y’aho, Yosuwa n’Abisirayeli baciye bava i Makeda baja i Libuna, barahatera. 30 Na ho nyene Uhoraho atanga igisagara n’umwami waho mu maboko y’Abisirayeli. Yosuwa yicisha inkota abo muri ico gisagara n’abakibamwo, ntiyasiga n’umwe wo kuvuga inkuru. Umwami waho amugirira nk’ivyo yagiriye uw’i Yeriko.

31 Yosuwa n’Abisirayeli bose bava i Libuna baja i Lakishi, barahatera. 32 Uhoraho atanga Lakishi mu maboko y’Abisirayeli. Yosuwa ahafata ku musi ugira kabiri. Abo mu gisagara bose abaranduza inkota, nk’uko yari yabikoze i Libuna. 33 Kandi ico gihe, Horamu umwami w’i Gezeri, yari yaje gufasha uw’i Lakishi, ariko Yosuwa amuneshanya n’ingabo ziwe, ntiharokoka n’umwe.

34 Yosuwa n’Abisirayeli baca bava i Lakishi baja muri Eguloni, barahatera. 35 Bahafata uwo musi nyene, bicisha inkota abantu bose bahaba, barabahonya, nk’uko bari babigize i Lakishi.

36 Yosuwa n’Abisirayeli bose bava muri Eguloni, baduga i Heburoni, barahatera. 37 Bafata ico gisagara bacisha inkota abantu bose, harimwo umwami waho, imihana yaho n’abayibamwo bose. Nta n’umwe basigaje. Kandi nk’uko yari yabigize muri Eguloni yica abantu bose bahaba.

38 Inyuma y’aho Yosuwa n’Abisirayeli bose barahindukira batera i Debiri. 39 Bafata ico gisagara n’umwami waho, n’imihana yaho, babicisha inkota. Abahaba bose barabishe ntibasiga n’umwe. Akorera Debiri n’umwami waho nk’ivyo yakoreye i Libuna n’umwami waho, co kimwe na Heburoni.

40 Uko ni ko Yosuwa yafashe ivyo bihugu vyose vyo mu karere k’imisozi miremire, i Negebu, mu biyaya vyo mu burengero biri musi y’imisozi hamwe n’imimanuko yayo, abifatana n’abami baho. Ntiyasize n’umwe. Yatikije igihumeka cose nk’uko Uhoraho Imana y’Abisirayeli yari yarabimubwiye. 41 Yosuwa arabarandura bose uhereye i Kadeshi Baruneya gushika i Gaza, no mu ntara yose kuva i Gosheni gushika i Gibeyoni. 42 Ivyo bihugu n’abo bami bose Yosuwa abafata mu gitero kimwe yagize kuri bo, kuko Uhoraho Imana y’Abisirayeli ari yo yabagwanira.

43 Maze Yosuwa n’Abisirayeli bose barahindukira basubira mu mahema yabo i Gilugali.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-