1 Ico gihe Yosuwa akoranya abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi, hamwe n’igice c’uwa Manase 2 ababwira ati: "Mwashikije ivyo Mose umusavyi w’Uhoraho yabategetse vyose, kandi nanje mwaranyumviye mu vyo nabategetse vyose. 3 Kuko uhereye kera gushika n’ubu, mutigeze mutana urugamba benewanyu, ahubwo mwabandanije igikorwa Uhoraho Imana yanyu yabashinze. 4 None rero ko Uhoraho Imana yanyu ahaye akaruhuko benewanyu nk’uko yabisezeranye, nimwisubirire iwanyu, mu ntara Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye mu buseruko bwa Yorodani. 5 Ariko muzokwame mwiyubara, mukurikize amabwirizwa n’ivyagezwe Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye: Mukunde Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira ziwe, mushitse amabwirizwa yiwe, mwumire kuri we, kandi mumukorere n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose."
6 Nuko Yosuwa arabahezagira, arabarungika, basubira iwabo. 7 Igice kimwe c’umuryango wa Manase Mose yari yagihaye intara ya Bashani mu buseruko bwa Yorodani, ikindi gice Yosuwa yagihaye intara yo mu burengero bwa Yorodani. Igihe Yosuwa yariko arabarungika, yarabahezagiye, 8 ababwira ati: "Nimusubire iwanyu mutwaye n’ubutunzi bwinshi mwanyaze abansi banyu: ibitungwa, ifeza, inzahabu, imyakaka, ivyuma, n’ivyambarwa vyinshi. Muzobigabure na benewanyu."
9 Abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi hamwe n’igice c’uwa Manase baca batandukanira n’abandi Bisirayeli i Shilo mu ntara ya Kanani, basubira i Gileyadi, mu ntara bahawe nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse abicishije kuri Mose.
10 Bageze i Geliloti hafi ya Yorodani mu gihugu c’i Kanani, abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi, n’ab’igice c’umuryango wa Manase baca bubaka igicaniro gisumba ibindi vyose. 11 Abandi Bisirayeli bumvise ko umuryango wa Reyubeni n’uwa Gadi hamwe n’ab’igice c’umuryango wa Manase bubatse igicaniro ku rubibe rwa Kanani i Geliloti hafi ya Yorodani ku ruhande rwa Isirayeli, 12 bose baca bakoranira i Shilo kugira ngo baje kubatera.
13 Abisirayeli baca barungika Finehasi mwene Eliyazeri umuherezi, aja i Gileyadi mu miryango ya Reyubeni na Gadi n’igice c’umuryango wa Manase. 14 Bamurungikana n’abagabo icumi b’abatware, umwumwe ku muryango, hamwe n’umukuru umwemwe ku muce wose wo mu miryango ya Isirayeli.
15 Bashitse i Gileyadi, babarira imiryango ya Reyubeni na Gadi n’igice c’umuryango wa Manase bati: 16 "Ikoraniro ryose ry’Uhoraho rigize riti: ‘Ni kubera iki muhemukiye Imana ya Isirayeli ukwo? Ni iki catumye muva k’Uhoraho mukamugarariza mu kwiyubakira igicaniro? 17 Mbega icaha c’i Peyori nticari kimaze kuri twebwe? Gushika n’uwu musi ntituriyeza uko bikwiye, mbere n’inyuma y’uko ikiza caje ku bwoko bw’Uhoraho! 18 Mbega murahevye Uhoraho? Nimwagarariza Uhoraho uwu musi, ejo Uhoraho azorakira Abisirayeli bose. 19 Nimwakenera aho mwubaka igicaniro kubera intara yanyu ihumanye, muzoze mwifatanye natwe mu ntara y’Uhoraho ahari ihema ry’ibonaniro ry’Uhoraho, mubane natwe. Ariko ntimugararize Uhoraho mu kwubaka ikindi gicaniro atari ca gicaniro c’Uhoraho Imana yacu. 20 Mbega igihe Akani mwene Zera yakora icaha mu kwiba ivyari vyagenewe kuba ivy’Uhoraho, uburake bw’Imana ntibwaziriringiye Abisirayeli bose? Si we wenyene yapfuye azize ico caha.’ "
21 Abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi hamwe n’ab’igice c’umuryango wa Manase bishura abakuru b’imiryango y’Abisirayeli bati: 22 "Uhoraho, Imana Ihambaye, ni we Mana wenyene! Uhoraho, Imana Ihambaye, ni we Mana wenyene! Ni yo izi ukuri, kandi n’Abisirayeli na bo nibakumenye. Iki gicaniro ntitwacubatse mu kugarariza Uhoraho. Nimba twacubatse mu bugarariji n’ukutumvira, Imana ntitureke ngo tubeho. 23 Nimba twubatse igicaniro cacu kugira ngo tuve k’Uhoraho, ngo tugishikanireko ibimazi vyo guturirwa, hamwe n’amashikanwa y’ifu canke amashikanwa y’ishimwe, Uhoraho arabiduharurako.
24 Haba na mba! Icatumye tucubaka ni ukugira ngo uruvyaro rwanyu ntiruzohave rubwira uruvyaro rwacu ruti: ‘Mbega mwebwe Uhoraho Imana ya Isirayeli muyisenga nka ba nde? 25 Ko Uhoraho yashize hagati yacu uruzi Yorodani, mwebwe Abareyubeni n’Abagadi, nta co mupfana n’Uhoraho.’ Gutyo uruvyaro rwanyu rugatuma urwacu ruheba gutinya Uhoraho.
26 Ni co catumye twibwira tuti: ‘Reka twubake igicaniro, ariko ntitugitangireko ibimazi.’ 27 Twashaka ko kiba icibutso gusa. Kizokwibutse uruvyaro rwanyu n’urwacu ko natwe dufise uburenganzira bwo gusenga Uhoraho mu rusengero rwiwe, tugashikana amashikanwa yo guturirwa, ibimazi n’amashikanwa y’ishimwe. Ni ho uruvyaro rwanyu rutazobwira urwacu ruti: ‘Nta mugabane mufise k’Uhoraho.’
28 Kandi twibwira tuti nibatubwira gutyo canke bakabibwira uruvyaro rwacu, tuzobabwira tuti: ‘Ehe raba igicaniro kimeze nk’ic’Uhoraho ba sogokuruza bacu bubatse. Si ico guturirirako amashikanwa canke gushikanirako ibimazi; ni icabona hagati ya twebwe na mwebwe.’
29 Ntibikabe ko tugarariza Uhoraho mu kwiyubakira igicaniro co gushikanirako amashikanwa yo guturirwa, amashikanwa y’ifu hamwe n’amashikanwa y’ishimwe; atari ku gicaniro c’Uhoraho Imana yacu kiri imbere y’ihema ry’ibonaniro ryayo."
30 Finehasi umuherezi hamwe n’abarongozi b’umuryango wa Isirayeli ari bo barongoye imice igize imiryango yose bumvise ivyo abo mu muryango wa Reyubeni, n’abo mu muryango wa Gadi n’ab’igice c’uwa Manase bababwiye, baranezerwa cane. 31 Finehasi mwene Eliyazeri umuherezi abwira abo mu muryango wa Reyubeni, n’abo mu muryango wa Gadi n’ab’igice c’uwa Manase ati: "Uyu musi dutahuye ko Uhoraho ari kumwe natwe, kuko mutakoze ibikorwa vyo kugarariza Uhoraho nk’uko twavyibaza. Mukijije Isirayeli ukuboko kw’Uhoraho."
32 Maze Finehasi mwene Eliyazeri umuherezi hamwe n’abo barongozi baca basezera imiryango ya Reyubeni na Gadi, bava muri iyo ntara ya Gileyadi, basubira i Kanani, biganira abandi Bisirayeli ivyabaye. 33 Na bo bavyumvise barahimbarwa, bashima Imana. Ntibaba baciyumvira ivyo gutera imiryango ya Reyubeni na Gadi ngo bazimanganye igihugu babamwo.
34 Maze abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi baca bita izina ico gicaniro rivuga riti: "Icabona hagati yacu ko Uhoraho ari we Mana."