Publicidade

Josué 4

1 Abagize iryo hanga bose bahejeje kujabuka Yorodani, Uhoraho abarira Yosuwa ati: 2 "Toranya abagabo icumi na babiri, umwumwe mu muryango, 3 ubabwire batore amabuye icumi n’abiri muri Yorodani aho abaherezi bari bahagaze, bagende bayajanye, baje kuyarunda aho muja kurara ijoro ry’uno musi."

4 Nuko Yosuwa akoranya abagabo icumi na babiri bo mu Bisirayeli, umwe mu muryango, 5 ababwira ati: "Nimugende hagati muri Yorodani, imbere y’Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho Imana yanyu. Umwe wese atore ibuye, aritware ku rutugu. Mutware amabuye icumi n’abiri nk’uko imiryango ya Isirayeli ingana, 6 tuzoyakoreshe mu kwubaka icibutso. Mu myaka iri imbere, abana banyu nibababaza bati: ‘Mbega aya mabuye asigura iki?’ 7 muzobishure muti: Atwibutsa ko uruzi Yorodani rwigeze guhagarara igihe Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho yariko irajabuka. Ayo mabuye ni ayo kubera icibutso ubwoko bw’Abisirayeli ibihe vyose."

8 Nuko Abisirayeli babikora uko Yosuwa yabibategetse. Batora amabuye icumi n’abiri hagati muri Yorodani, nk’uko imiryango ya Isirayeli iri, kandi nk’uko Uhoraho yabibwiye Yosuwa. Batwara ayo mabuye aho baraye ijoro ryabo rya mbere, bahubaka icibutso. 9 Yosuwa na we ashinga ayandi mabuye icumi n’abiri hagati muri Yorodani aho ba baherezi bari bareruye Isandugu y’Isezerano bari bahagaze. Ayo mabuye aracari ngaho gushika n’ubu.

10 Abaherezi bari bareruye Isandugu bagumye bahagaze hagati muri Yorodani gushika ivyo Uhoraho yategetse Yosuwa vyose bikozwe nk’uko Mose yari yarabibwiye Yosuwa. Maze abantu barihuta kujabuka 11 kandi ubwo nyene bose bahejeje kujabuka bagashika hakurya, Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho n’abaherezi bayireruye na bo baca barajabuka abantu bose babitegereza. 12 Abo mu muryango wa Reyubeni n’uwa Gadi, n’igice kimwe c’uwa Manase na bo barajabuka, biteguriye intambara kandi bari imbere y’Abisirayeli bandi, nk’uko Mose yari yabibabwiye. 13 Abagabo bashika ibihumbi mirongo ine bafise ibigwanisho biteguriye intambara ni bo bajabutse baca imbere y’Uhoraho baja mu biyaya vya Yeriko kugwana.

14 Uwo musi Uhoraho ashira Yosuwa hejuru imbere y’Abisirayeli, na bo baramwubaha imisi yiwe yose, nk’uko bubaha Mose.

15 Uhoraho abarira Yosuwa ati: 16 "Barira abaherezi bareruye Isandugu y’Isezerano bave muri Yorodani."

17 Nuko Yosuwa abwira abaherezi ati: "Nimuve muri Yorodani."

18 Ba baherezi bava muri Yorodani bareruye ya Sandugu y’Isezerano y’Uhoraho.

19 Ku musi ugira icumi w’ukwezi kwa mbere ni ho bajabuka Yorodani, bacumbika i Gilugali mu buseruko bwa Yeriko. 20 Aho i Gilugali ni ho Yosuwa yashinze ya mabuye icumi n’abiri bakura muri Yorodani. 21 Yosuwa abarira Abisirayeli ati: "Mu bihe bizoza, abana banyu nibababaza bati: ‘Aya mabuye asigura iki?’ 22 Muzobabwire muti: ‘Abisirayeli bajabutse Yorodani bagendera kw’isi yumutse.’ 23 Kuko Uhoraho Imana yanyu yakamije uruzi Yorodani muvyibonera, gushika muhejeje kujabuka. Uhoraho yakoreye kuri Yorodani ivyo yakoreye ku Kiyaga Gitukura, igihe yatuma amazi akama imbere yacu, gushika twese tujabutse. 24 Ivyo Uhoraho yabikoze kugira ngo amahanga yose yo kw’isi aze amenye ububasha bw’ukuboko kw’Uhoraho, kandi namwe mutinye Uhoraho Imana yanyu."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-