1 Maze Yosuwa mwene Nuni arungika abatasi babiri mu mpisho, bava i Shitimu aho Abisirayeli bari bashinze amahema. Abawira ati: "Genda murondere amakuru y’ingene ico gihugu kimeze, na canecane i Yeriko." Nuko baragenda binjira mu nzu kwa maraya yitwa Rahabu, basabaho indaro.
2 Ariko umwami w’i Yeriko aca aramenya ko hariho abantu b’Abisirayeli baje muri iryo joro gutata ico gihugu. 3 Aca arungika intumwa kuri Rahabu ati: "Zana abo bantu baje aho mu nzu iwawe, kuko baje gutata igihugu cacu cose."
4 Ariko Rahabu yari yabanyegeje. Aca ababwira ati: "Ni vyo abo bantu baje iwanje, ariko sinamenye iyo baje bava. 5 Ku mugoroba, hageze kwugara amarembo y’igisagara, baciye bagenda, kandi sinzi inzira bajanye. Ihute mubakurikire, kumbure mwobafata." 6 Ariko yari yabanyegeje hejuru ku nzu, abapfuka ibiti bivamwo inyuzi yari yahanikiye. 7 Ba bantu baca bafata ibarabara rija ku ruzi Yorodani ngo baje kubaronderayo. Bamaze gusohoka, irembo rica rirugarwa.
8 Mw’ijoro, imbere y’uko abo batasi baryama, Rahabu aduga hejuru ku nzu aho bari 9 ababwira ati: "Ndazi ko Uhoraho Imana yanyu yabahaye iki gihugu, kandi ubwoba bwadutekeye, abantu bose imitima yabo yarandutse kubera ubwoba mwaduteye. 10 Twarumvise ko Uhoraho yakamije Ikiyaga Gitukura ku bwanyu igihe mwariko murava muri Egiputa, turumva n’ivyo mwagiriye Sihoni na Ogi, abami babiri b’Abamori, bo mu buseruko bwa Yorodani, abo mwaranduye rwose. 11 Tuvyumvise, imitima yacu yacitse ivutu kubera ubwoba, kandi umuntu wese aca arihebura kubera mwebwe, kuko Uhoraho ari we Mana iganje hejuru mw’ijuru no hasi, kw’isi.
12 None rero, nimundahire mw’izina ry’Uhoraho ko muzogirira neza umuryango wanje, kuko ndabagiriye neza. Mumpe ikimenyetso c’ukuri 13 ko muzokingira ubuzima bwa data n’ubwa mama, n’ubw’abo tuvukana hamwe n’ivyanje vyose, ko muzotuzigama ntidupfe."
14 Ba batasi baramusezeranira bati: "Tukurahiye ubuzima bwacu nyene! Nutavuga ivyo turiko turakora hano, natwe tuzoba abizigirwa kandi tuzokugirira neza, igihe Uhoraho azoba aduhaye iki gihugu."
15 Nuko, aca abururutsa ku mugozi abacishije mw’idirisha, kuko inzu yiwe yari ifatanye n’uruhome rugize uruzitiro rw’igisagara. 16 Aca ababwira ati: "Nimugende, muce mu mitumba kugira ngo ababakurikiye ntibababone. Mwinyegezeyo imisi itatu gushika bagarutse, muzoheze mubandanye urugendo rwanyu."
17 Abo bagabo na bo baramubwira bati: "Indahiro twakurahiye ntizodukurikirana 18 nitwinjira muri iki gihugu, ntidusange aka kanyuzi gatukura kw’idirisha watwururukirijeko canke nitutasanga wegeranirije umuryango wawe wose muri iyi nzu: so na nyoko, abo muvukana n’umuryango wawe wose. 19 Nihagira uwusohoka akava mu nzu yawe, akaja mw’ibarabara, amaraso yiwe ntazoja ku mitwe yacu, si twebwe tuzoyabazwa. Ariko hagize uwugira ico aba ari mu nzu yawe, amaraso yiwe azoduharurweko. 20 Kandi niwaramuka uvuze ivyo turiko turakora, indahiro waturahije ntizodufata."
21 Rahabu na we arabishura ati: "Bibe nk’uko mubivuze." Nuko, arabarungika bafata akayira. Aca afata ka kanyuzi gatukura, akabohera kw’idirisha.
22 Ba batasi baca bafata inzira ija mu mitumba bamarayo imisi itatu gushika aho bamwe bariko barabakurikira bagarutse, babarondeye hose bakababura. 23 Ba batasi babiri baca baramanuka bava mu mitumba, bajabuka Yorodani, maze bashitse biganira Yosuwa mwene Nuni ivyabashikiye. 24 Bamubwira bati: "Ni ukuri Uhoraho yaduhaye kirya gihugu. Abantu baho bose barihebuye kubera kudutinya."