1 Aba ni bo bami b’ibihugu Abisirayeli banesheje bagafata ibihugu vyabo biri mu buseruko bwa Yorodani, uvuye ku kagezi k’uruzi Arunoni ugashika ku musozi Herumoni, harimwo igice c’amaja mu buseruko bw’ikiyaya Araba.
2 Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni.
Yaganza kuva i Aroweri ku nkengera y’akagezi k’uruzi Arunoni ugashika ku ruzi Yaboki, ari na rwo rwari urubibe rw’Abamoni. Aho harimwo n’igice c’intara ya Gileyadi.
3 Yatwara kandi no mu buseruko bw’ikiyaya Araba uhereye ku Kiyaga c’i Galilaya gushika ku kiyaga ca Araba, ari co kiyaga kitagiramwo ibinyabuzima, n’i Beti-Yeshimoti, n’amaja mu bumanuko musi y’imisozi y’i Pisiga.
4 Umwami Ogi wa Bashani, umwe mu masigarira y’Abarefayimu, yatwara ahitwa Ashitaroti no muri Edireyi.
5 Yatwara intara iva ku musozi Herumoni, Saleka, na Bashani yose mu buseruko, n’amaja mu burengero ku mbibe z’abantu b’i Geshuri n’i Mayaka, n’igice ca Gileyadi ugashika ku rubibe rwa Sihoni umwami w’i Heshiboni.
6 Aho, Mose umusavyi w’Uhoraho ni we yahafashe ari kumwe n’Abisirayeli. Maze Mose umusavyi w’Imana ahagaburira imiryango ya Reyubeni n’iya Gadi, hamwe n’igice c’umuryango wa Manase ngo habe intara zabo.
7 Aba ni bo bami n’ibice vy’igihugu abo bami batwara aho Yosuwa n’Abisirayeli bafashe, mu burengero bwa Yorodani, kuva i Bayali-Gadi mu kiyaya ca Libani, gushika ku musozi Halaki, uduga utumbereye i Seyiri, Yosuwa yagaburiye ico gihugu imiryango y’Abisirayeli ngo kibe icabo bazokwamana. 8 Muri ico gihugu, hariho ahari imisozi miremire, ahari imisozi migufimigufi yo mu burengero, hakaba ikiyaya Araba, imimanuko y’imisozi, ubugaragwa bw’i Negebu, hamwe n’ibihugu vy’Abaheti, Abamori, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi.
Abami baneshejwe bari:
9 Umwami w’i Yeriko
Umwami w’i Hayi hafi y’i Beteli
10 Umwami w’i Yerusalemu
Umwami w’i Heburoni
11 Umwami w’i Yarimuti
Umwami w’i Lakishi
12 Umwami w’i Eguloni
Umwami w’i Gezeri
13 Umwami w’i Debiri
Umwami w’i Beti-Gaderi
14 Umwami w’i Horuma
Umwami w’i Aradi
15 Umwami w’i Libuna
Umwami w’i Adulamu
16 Umwami w’i Makeda
Umwami w’i Beteli
17 Umwami w’i Tapuwa
Umwami w’i Heferi
18 Umwami w’i Afeki
Umwami w’i Lasharoni
19 Umwami w’i Madoni
Umwami w’i Hazori
20 Umwami w’i Shimuroni Meroni
Umwami w’i Akishafu
21 Umwami w’i Tanaki
Umwami w’i Megido
22 Umwami w’i Kedeshi
Umwami w’i Yokineyamu i Karumeli
23 Umwami w’i Dori mu gisagara ca Nafoti Dori
Umwami w’i Goyimu i Gilugali
24 Umwami w’i Tiriza.
Bose hamwe bari abami mirongo itatu n’umwe.