1 Ariko Abisirayeli barenga ku vyo Uhoraho yari yababujije ku bijanye n’ivyo yagize inyegu yiwe. Umugabo yitwa Akani mwene Karumi, Karumi mwene Zabudi, Zabudi mwene Zera, Zera wo mu muryango wa Yuda, yiba bimwe muri vyo. Uhoraho aca araraka kubw’Abisirayeli.
2 Yosuwa arungika abantu bari bavuye i Yeriko ngo baje gutera i Hayi, igisagara kiri hafi y’i Beti-Aveni, mu buseruko bwa Beteli, ababwira ati: "Nimugende mutate iriya ntara." Nuko baragenda batata Hayi.
3 Bagarutse babarira Yosuwa bati: "Ntibikenewe ko urinda kurungika abantu bose i Hayi. Rungika abantu ibihumbi bibiri canke bitatu baje kuhafata, ntiwirirwe uragora ingabo zose kuko abakibamwo ari bake cane." 4 Nuko abantu nk’ibihumbi bitatu baragenda, ariko abantu b’i Hayi barabirukana, 5 babicamwo abantu mirongo itatu na batandatu, barabirukana kuva ku marembo y’igisagara bashika ku mitumba y’ibitandara, bagenda barabica bamanuka. Abisirayeli babibonye bicwa n’ubwoba, imitima yabo icika ivutu.
6 Maze Yosuwa yitabagurirako impuzu, yubama hasi imbere y’Isandugu y’Uhoraho, yirirwaho rirarenga. Abatware b’Abisirayeli na bo nyene babigenza batyo, bisiga n’imikungugu ku mitwe. 7 Yosuwa aravuga ati: "Yewe Uhoraho Nyeninganji, Ni iki catumye utujabukana Yorodani ukatuzana muri iki gihugu kugira ngo Abamori bakitwiciremwo? Ese iyo twigumira hakurya ya Yorodani? 8 Mbega Mwami mvuge iki ko Abisirayeli birukanywe n’abansi babo? 9 Abanyakanani n’abandi banyamahanga nibavyumva bazodukikuza bahanagure amazina yacu kw’isi. None izina ryawe rihambaye uzorigwanira ute?"
10 Uhoraho yishura Yosuwa ati: "Haguruka! Ni kubera iki wubamye hasi gutyo? 11 Isirayeli yacumuye. Yarenze kw’isezerano ryanje, iryo nabategetse kwubahiriza. Basahuye ivyari kuba inyegu y’Uhoraho. Ntibivye gusa ahubwo baranabeshe, babinyegeza mu vyabo. 12 Ni co gituma Abisirayeli batashoboye guhagarara imbere y’abansi babo. Babahaye umugongo barabahunga kuko bikwegeye ugutikizwa. Sinzobana namwe kiretse mukuye muri mwebwe icagenewe kurandurwa cose."
13 Genda ubwire abantu biyeze. Ubabwire uti: "Nimwiyeze kubera umusi w’ejo, kuko uku ari ko Uhoraho Imana y’Abisirayeli avuze: Ivyari vyagenewe kuba inyegu y’Uhoraho biri muri mwebwe, yemwe Bisirayeli. Ntimuzigera mushobora kunesha abansi banyu gushika mubikuye muri mwebwe.
14 Ejo mu gitondo muzokorane uko imiryango yanyu iri, Uhoraho azokwerekana umuryango uwakoze ivyo avukamwo. Abo muri uwo muryango bazoce bakorana, maze Uhoraho azokwerekana inzu uwo muntu akomokamwo. 15 Uwuzofatanwa ivyari kuba inyegu y’Uhoraho azoranduzwe umuriro, aturiranwe n’ivyiwe vyose, kuko yarenze isezerano agakora ikizira mu Bisirayeli."
16 Bukeye, hakiri kare mu gatondo, Yosuwa akoranya imiryango y’Abisirayeli, uwa Yuda uba ari wo ufatwa. 17 Mu bwoko bwa Yuda hafatwa Abakomoka kuri Zera. Abakomoka kuri Zera bakoranye hafatwa abo mu muryango wa Zabudi. 18 Yosuwa ahamagaza umugabo ku mugabo, hanyuma hafatwa Akani mwene Karumi, Karumi mwene Zabudi, Zabudi mwene Zera, Zera wo mu muryango wa Yuda.
19 Yosuwa abwira Akani ati: "Mwana wanje, nuhe Uhoraho icubahiro, Imana ya Isirayeli, uyishire hejuru. Mbwira ico wakoze kandi ntumpishe."
20 Akani yishura Yosuwa ati: "Ni ivy’ukuri naracumuye k’Uhoraho Imana ya Isirayeli. 21 Mu vyo twari twanyaze nabonyemwo ikanzu nziza iva i Babiloni, na shekeli amajana abiri z’ifeza, mbona n’ikigegene c’inzahabu gipima shekeli mirongo itanu nca ndavyipfuza. Nabizitse mu kuzimu mw’ihema ryanje, ifeza ni zo ziri musi y’ivyo vyose."
22 Nuko Yosuwa arungika intumwa, zisanga ni ho binyegejwe nk’uko Akani yabivuze, na za feza ziri musi y’ibindi. 23 Baca babikurayo babizanira Yosuwa n’Abisirayeli bose, na bo babisanza imbere y’Uhoraho.
24 Maze Yosuwa n’Abisirayeli bose bafata Akani mwene Zera, bafata za feza, ya kanzu, za nzahabu, abahungu biwe n’abakobwa biwe, inka, indogoba n’intama ziwe, ihema ryiwe, babajana mu kiyaya ca Akori. 25 Yosuwa amubwira ati: "Ni iki catumye udukwegera aya magorwa? Uyu musi Uhoraho arayaguteye nawe."
Maze Abisirayeli bose baca bamwicisha amabuye, bamwicana n’umuryango wiwe wose, ibiziga vyabo baca barabiturira. 26 Akani baca bamurundako ikirundo kinini c’amabuye, kandi kiracariho gushika n’ubu. Ni co gituma ico kiyaya baciye bacita Akabande ka Akori [bisigura akabande k’ivyago] kandi ni ko kacitwa gushika n’ubu. Maze uburake bw’Uhoraho buca burahwama. Gushika n’uno musi aho hantu hitwa Akabande ka Akori.