1 Ubupfindo bwa kabiri bwerekana intara y’umuryango wa Simeyoni, n’abakuru b’inzu zigize uwo muryango. Iragi ryabo ryari hagati mu ntara ya Yuda. 2 Ryari rigizwe n’ibisagara:
Berisheba ari co Sheba, Molada, 3 Hazari-Shuwali, Bala, Ezemu, 4 Elitoladi, Betuli, Horuma, 5 Zikulagi, Beti-Marukaboti, Hazari-Susa, 6 Beti-Lebayoti na Sharuheni. Vyose hamwe vyari ibisagara icumi na bitatu n’imihana yari ibikikuje.
7 Harimwo Ayini, Rimoni, Eteri na Ashani. Vyose hamwe vyari ibisagara bine biri kumwe n’imihana yari ibikikuje, 8 hakabamwo kandi n’imihana yose yari ikikuje ivyo bisagara, gushika i Bayalati-Beyeri, ari ho Rama h’i Negebu.
Iyo ntara ni yo yari umugabane w’umuryango wa Simeyoni. 9 Umugabane wa Simeyoni wagabanijwe ku mugabane wa Yuda kubera yuko intara ya Yuda yari nini kurenza iyo bakeneye. Uko ni ko umuryango wa Simeyoni waronse iragi ryawo hagati mu ntara ya Yuda.
10 Ubupfindo bwa gatatu bwerekana intara y’umuryango wa Zebuloni, n’abakuru b’inzu zigize uwo muryango.
Urubibe rw’uwo mugabane rwashika i Saridi. 11 Rwava aho rukagenda rutumbereye mu burengero, rukarengana Marala rugashika kuri Dabesheti, rukabandanya gushika ku mugezi wo mu buseruko bwa Yokineyamu. 12 Ku rundi ruhande, rwava i Saridi rukaja mu buseruko mu ntara ya Kisiloti Tabori, rukabandanya gushika i Daberati rugashika i Yafiya. 13 Rwaca rubandanya ruja mu buseruko rugashika i Gati-Heferi no muri Eti-Kazini; rukava i Rimoni rugaca ruhindukira rukaraba i Neya. 14 Ruvuye aho rwaca rubandanya rukazunguruka mu buraruko ruja i Hanatoni rugashika mu kiyaya ca Ifutahi-Eli.
15 Ibisagara vyari muri iyo ntara vyari ibi: Kata, Nahalali, Shimuroni, Idala na Betelehemu. Vyari ibisagara icumi na bibiri biri kumwe n’imihana yari ibikikuje.
16 Ivyo bisagara n’iyo mihana ni vyo vyari iragi ry’umuryango wa Zebuloni, ukurikije abakuru b’inzu zigize uwo muryango.
17 Ubupfindo bwa kane bwerekanye intara y’umuryango wa Isakari, n’abakuru b’inzu zigize uwo muryango. 18 Iyo ntara yari ifise:
Yezireyeli, Kesuloti, Shunemu, 19 Hafarayimu, Shiyoni, Anaharati, 20 Rabiti, kishiyoni, Ebezi, 21 Remeti, Eni-Ganimu, Eni-Hada, na Beti-Pazezi.
22 Urwo rubibe rwarashika no kuri Tabori, Shahazuma na Beti-Shemeshi, rukagarukira kuri Yorodani.
Vyari ibisagara icumi na bitandatu n’imihana yari ibikikuje.
23 Ivyo bisagara n’imihana ibikikuje ni vyo vyari umugabane w’umuryango wa Isakari.
24 Ubupfindo bwa gatanu bwerekanye intara y’umuryango wa Asheri, n’abakuru b’inzu zigize uwo muryango. 25 Iyo ntara yarimwo:
Helikati, Hali, Beteni, Akishafu, 26 Alameleki, Amadi na Mishali. Mu burengero, urubibe rwaca kuri Karumeli na Shihori-Libunati. 27 Rwaca ruhindukira rukaraba mu buseruko amaja i Beti-Dagoni, rugashikira Zebuloni n’ikiyaya ca Ifutahi-Eli, rugaca ruja mu buraruko i Beti-Emeki n’i Neyiyeli, hanyuma rugaca i buryo bwa Kabuli. 28 Rwaca rubandanya ruja muri Abudoni, i Rehobu, i Hamoni n’i Kana, rugashika i Sidoni, igisagara kinini. 29 Rwaca ruhindukira rukaraba i Rama, rukaja ku gisagara kizitiye cane c’i Tiro, rugahindukira ruraba i Hosa, rukaja ku Kiyaga Mediterane mu ntara ya Akizibu, 30 Uma, na Efeki, na Rehobu.
Hari ibisagara mirongo ibiri na bibiri hamwe n’imihana yari ibikikuje.
31 Ivyo bisagara n’iyo mihana ni vyo vyahawe umuryango wa Asheri nk’iragi, hakurikijwe abakuru b’inzu ziwugize.
32 Ubupfindo bwa gatandatu, bwerekanye intara yegukira umuryango wa Nafutali, hakurikijwe abakuru b’inzu ziwugize.
33 Urubibe rwawo rwava i Helefu, kuva ku giti kinini i Zayananimu, rugaca muri Adami Nekebu na Yabuneli ruja i Lakumu rukagarukira kuri Yorodani. 34 Mu burengero urwo rubibe rwaca kuri Azinoti Tabori rugashika kuri Hukoki. Mu bumanuko rwaca kwa Zebuloni, Asheri akaba mu burengero, nayo Yuda akaba mu buseruko kuri Yorodani.
35 Ibisagara vyari bizitiriwe vyari ibi: Zidimu, Zeri, Hamati, Rekati, Kinereti, 36 Adama, Rama, Hazori, 37 Kedeshi, Edireyi, Eni-Hazori, 38 Yironi, Migidali-Eli, Horemu, Beti-Anati na Beti-Shemeshi.
Vyari ibisagara icumi n’icenda hamwe n’imihana yose yari ibikikuje.
39 Ivyo ni vyo bisagara vyahawe umuryango wa Nafutali nk’iragi ryabo, ukurikije inzu zawo.
40 Ubupfindo bw’indwi bwerekanye intara ibaye iy’umuryango wa Dani hakurikijwe abakuru b’inzu zigize uwo muryango. 41 Intara bahawe yarimwo ibisagara bikurikira:
Zora, Eshitayoli, Iri-Shemashi, 42 Shayalabini, Ayaloni, Itahila, 43 Eloni, Timuna, Ekuroni, 44 Eliteke, Gibetoni, Bayalati, 45 Yehudi, Beni-Beraki, Gati-Rimoni, 46 Me Yarikoni na Rakoni, hamwe n’aharabana n’i Yopa.
47 Ariko ab’umuryango wa Dani ntivyaboroheye gufata intara yabo, ni ko kuduga bagatera Leshemu, bakahafata, bakamarisha inkota abahaba bose. Baca baba i Leshemu, bahita Dani, izina rya sekuruza wabo.
48 Ivyo ni vyo bisagara n’imihana ibikikuje vyahawe umuryango wa Dani nk’iragi ryabo, hakurikijwe abakuru b’inzu zigize uwo muryango.
49 Iyo miryango yose ihejeje kugabangana igihugu, Abisirayeli baca baha Yosuwa mwene Nuni itongo mu yabo. 50 Nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse, bamuha igisagara yabasavye ari co Timunati-Sera cari mu ntara y’imisozi miremire ya Efurayimu. Aca asubiramwo kwubaka ico gisagara, aba ari ho aba.
51 Izo ni zo ntara umuherezi Eliyazeri, Yosuwa mwene Nuni hamwe n’abakuru barongoye imiryango y’Abisirayeli bagaburiye imiryango yose nk’imigabane bari i Shilo hakoreshejwe ubupfindo, bari imbere y’Uhoraho mu rwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro. Igikorwa co kugabura ico gihugu kiba kirarangiye.