1 Mose umusavyi w’Uhoraho amaze gupfa, Uhoraho yabariye Yosuwa mwene Nuni, uwahora afasha Mose ibikorwa ati: 2 "Umusavyi wanje Mose yapfuye. None rero mwe n’aba bantu mwese nimwitegure, mujabuke uruzi Yorodani, muje mu gihugu mpaye Abisirayeli. 3 Aho muzohonyoza ikirenge hose ndahabahaye nk’uko nabisezeraniye Mose. 4 Igihugu canyu kizotangurira ku bugaragwa bw’i Libani no ku ruzi runini ari rwo Efurate, harimwo n’intara y’Abaheti, gushika ku Kiyaga Mediterane, mu burengero. 5 Nta wuzoshobora kuguhangara ngo akugwanye igihe cose ushigaje kubaho. Nk’uko nabanye na Mose, ni ko nzobana nawe. Sinzokureka wenyene, sinzoguhemukira. 6 Komera kandi shira ubwoba, kuko ari wewe uzojana aba bantu kugira ngo begukire igihugu nasezeraniye ba sekuruza nkabarahira ko nzokibaha.
7 Komere wongere ushire ubwoba. Witwararike kwumvira ivyagezwe vyose umusavyi wanje Mose yaguhaye; ntuzohengamire i buryo canke i bubamfu, ni ho uzoshobora kwama ushika ku ntumbero yawe aho uzoja hose. 8 Amajambo ari muri iki Gitabu c’Ivyagezwe ntaze yigere ava mu kanwa kawe. Uze wame uyiyumvirako ku murango no mw’ijoro, kugira ngo uzoshobore kwumvira ivyanditsemwo vyose. Ni ho uzoshobora kwama uja imbere, ugashika ku ntumbero mu vyo uzokora vyose. 9 None si jewe ndakwibaririye nti: Komera ushire ubwoba? Ntutinye, ntucike intege, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nzojana nawe aho uzoja hose."
10 Nuko Yosuwa aca ategeka abatware b’Abisirayeli ati: 11 "Nimunyurangane muce mu mihana, mubwire abantu muti: ‘Nimutegure ivyo muzofungura mu rugendo. Kuko mu misi itatu tuzojabuka uruzi Yorodani, kugira ngo twinjire igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye ngo mucegukire.’ "
12 Ariko Yosuwa abarira abo mu miryango ya Reyubeni na Gadi hamwe n’igice c’umuryango wa Manase ati: 13 "Mwibuke itegeko Mose umusavyi w’Imana yabahaye. Yababwiye ati: ‘Uhoraho abahaye akaruhuko, abahaye iki gihugu.’ 14 Abagore banyu, abana banyu n’ibitungwa vyanyu birashobora gusigara muri iki gihugu Mose yabahaye co mu buseruko bwa Yorodani, ariko abagabo bashobora kuja mu ntambara bafate ibigwanisho, bajabuke imbere ya benewabo. Mutegerezwa kubafasha, 15 gushika Uhoraho abahaye uburuhukiro nk’uko namwe yabubahaye, bagafata igihugu cose Uhoraho Imana yanyu abahaye. Inyuma y’aho, muzoheza mugaruke mube mu gihugu canyu, ico Mose umusavyi w’Uhoraho yabahaye mu buseruko bwa Yorodani, uravye iyo izuba riserukira."
16 Maze bishura Yosuwa bati: "Ivyo udutegeka vyose tuzobikora, kandi aho uzoturungika hose tuzojayo. 17 Nk’uko twumvira Mose, ni ko na wewe tuzokwumvira. Ariko rero, Uhoraho Imana yawe azobane nawe nk’uko yabana na Mose. 18 Uwuzogarariza amategeko yawe ntakore ivyo uvuze azokwicwa. Ariko ukomere ushire ubwoba!"