Publicidade

Josué 18

Bagabura igihugu gisigaye

1 Abisirayeli bose bakoranira i Shilo haba ari ho bashinga Ihema ry’Ibonaniro, kandi ico gihugu cose cari gisigaye kiganzwa na bo. 2 Ariko hariho imiryango indwi y’Abisirayeli itari bwaronke iragi ryayo.

3 Nuko Yosuwa abarira Abisirayeli ati: "Mbega muzorindira gushika ryari kugira ngo mufate iki gihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabahaye? 4 Nimuhitemwo abantu batatu batatu mu muryango wose, hanyuma ndabarungike kugendagenda ico gihugu, baheze bagire icegeranyo cereye iragi ryabo ryose hamwe, hanyuma bagaruke aho ndi. 5 Ico gihugu baze bakigaburemwo ibice indwi. Yuda azogume mu ntara yiwe mu bumanuko, Yosefu na we mu buraruko. 6 Nimwamara kwandika ico cegeranyo c’ivyo bice indwi, nzoheza ngirire ubupfindo imbere y’Uhoraho Imana yacu. 7 Ariko Abalewi bobo nta ntara bazotorana muri mwebwe, kuko igikorwa c’ubuherezi c’Uhoraho ari ryo ragi ryabo. Kandi Gadi na Reyubeni n’igice c’umuryango wa Manase baramaze kuronka iragi ryabo mu buseruko bwa Yorodani. Mose umusavyi w’Uhoraho yarahabahaye."

8 Abantu bagira bave hasi ngo bagende kugira igicapo c’ico gihugu, Yosuwa arababwira ati: "Genda murabe neza ico gihugu, muheze mugire igicapo caco. Maze muzogaruke aho ndi, nzoheza nkoreshe ubupfindo ndi aha nyene i Shilo imbere y’Uhoraho." 9 Ba bantu baca baragenda, baca muri ca gihugu cose. Bagira igicapo caco kigabuyemwo ibice indwi, berekana n’ibisagara biri mu gice cose. Baca bagira icegeranyo baraheza bagaruka aho Yosuwa ari mw’ikambi i Shilo.

10 Yosuwa araheza akoresha ubupfindo i Shilo imbere y’Uhoraho, araheza akigaburira Abisirayeli akurikije uko imiryango yabo iri.

Intara yahawe Benyamini

11 Ubupfindo bwa mbere bwerekanye intara y’umuryango wa Benyamini n’abakuru b’inzu ziwugize. Yari hagati y’intara yahawe Yuda n’iyahawe Yosefu.

12 Mu buraruko, urubibe rw’intara yabo rutangurira ku ruzi Yorodani, rugaca haruguru y’imimanuko ya Yeriko, rukagenda rutumbereye mu burengero rugaca mu misozi miremire no mu bugaragwa bwa Beti-Aveni. 13 Ruvuye aho ruca ku mimanuko yo hepfo ya Luzi, ari yo Beteli, rukamanuka muri Atorati Adari, hepfo y’imisozi ya Beti-Horoni.

14 Ruvuye kuri iyo misozi irabana na Beti-Horoni mu bumanuko urwo rubibe ruca ruhindukira rukamanuka rukagenda rutumbereye mu burengero gushika i Kiriyati-Bayali, ari ho Kiriyati-Yeyarimu, igisagara c’Abayuda. Aho hari ku ruhande rw’amaja mu burengero.

15 Uruhande rwo mu bumanuko rutangurira hirya y’igisagara Kiriyati-Yeyarimu amaja mu burengero, rugaserukira ku mariba ya Nefutowa. 16 Urwo rubibe ruca rumanuka rugaca ku ntango y’imisozi irabana n’ikiyaya ca Beni-Hinomu, mu buraruko bw’ikiyaya ca Refayimu. Ruca rubandanya rukamanuka mu kiyaya ca Hinomu rugakikama musi y’imimanuko y’igisagara c’Abayebusi rugaca rushikira muri Eni-Rogeli. 17 Ruca ruhindukira rukaraba mu buraruko, rukaja muri Eni-Shemeshi rukabandanya i Geliloti, aharabana n’inzira ya Adumimu, rugaca rumanuka kw’ibuye rya Bohani mwene Reyubeni. 18 Ruca Rubandanya amaja mu buraruko ruciye ku mumanuko wa Beti-Araba rukabandanya rumanuka rugashika muri Araba. 19 Ruca ruduga rugaca haruguru y’umumanuko wa Beti-Hogila rugaserukira amaja mu buraruko bw’Ikiyaga c’Umunyu naho uruzi Yorodani rwisuka. Urwo ni rwo rwari urubibe rw’amaja mu bumanuko.

20 Yorodani ni rwo rwari urubibe rwo mu buseruko.

Izo ni zo mbibe zerekana impande zose z’umugabane warazwe umuryango wa Benyamini ku mpande zose.

21 Umuryango wa Benyamini n’abakuru b’inzu ziwukomokako, wahawe ibisagara bikurikira:

Yeriko, Beti-Hogila, Emeki Kezizi, 22 Beti-Araba Zemarayimu, Beteli, 23 Avimu, Para, Ofura, 24 Kefari-Amoni, Ofuni na Geba. Vyose hamwe vyari ibisagara icumi na bibiri hamwe n’imihana yari ibikikuje.

25 Hakabamwo na Gibeyoni, Rama, Beroti, 26 Misipehi, Kefira, Moza, 27 Rekemu, Iripeli, Tarala, 28 Zela, Hayelefu, Yebusi ari co Yerusalemu, Gibeya na Kiriyati. Vyose hamwe vyari ibisagara icumi na bine biri kumwe n’imihana yari ibikikuje

Iryo ni ryo ryari iragi ry’umuryango wa Benyamini.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-