1 Yosuwa amaze gusaza, Uhoraho amubwira ati: "Uriko urasaza kandi haracariho igice kinini c’igihugu kitarafatwa.
2 Ahari hagisigaye gufatwa ni aha:
intara zose z’Abafilisitiya n’Abageshuri, 3 uhereye ku ruzi Shihori mu buseruko bwa Egiputa gushika mu ntara ya Ekuroni mu buraruko, kandi aho hose hitirirwa Abanyakanani naho hari higanziwe n’abatware batanu b’Abafilisitiya batwara Gaza, Ashidodi, Ashikeloni, Gati na Ekuroni;
mu ntara y’Abavimu 4 mu bumanuko;
intara yose y’Abanyakanani, uhereye muri Arahu ho mu Basidoni, gushika kure muri Afeki, no ku rubibe bahana n’intara y’Abamori;
5 intara y’Abagebali;
hamwe n’intara yose y’i Libani irimwo imisozi gushika mu buseruko, kuva i Bayali-Gadi ukamanuka hepfo y’umusozi Herumoni gushika i Lebo-Hamati.
6 Nayo ababa mu karerere k’imisozi miremire, uhereye i Libani ugashika i Misirefoti-Mayimu, ahaba Abanyesidoni hose, nzohabirukana jewe nyene imbere y’Abisirayeli. Ariko wewe urabe neza ko igihugu wakigaburiye Abisirayeli nk’iragi ryabo, kandi nk’uko nabikubwiye, 7 ukibagabure nk’iragi ry’Abisirayeli hagati y’imiryango icenda, n’igice c’umuryango wa Manase."
8 Ikindi gice c’umuryango wa Manase, umuryango wa Reyubeni hamwe n’uwa Gadi bari bamaze kuronka iragi ryabo mu buseruko bwa Yorodani, kuko Mose umusavyi w’Uhoraho yari yarahabagaburiye.
9 Hari kuva ahitwa Aroweri no ku nkengera y’akagezi k’uruzi Arunoni, no kuva ku gisagara kiri hagati ahaherereye ako kagezi, ugashiramwo n’imisozi migufimigufi y’i Medeba ukagenda ugashika kure, ahitwa Diboni, 10 hamwe n’ibisagara vyose vya Sihoni umwami w’Abamori yatwara aba i Heshiboni, gushika ku rubibe rw’Abamoni.
11 Harimwo kandi na Gileyadi, n’intara yarimwo abantu b’Abageshuri na Mayaka, umusozi Herumoni wose, Bashani yose gushika i Saleka, 12 hamwe n’ubwami bwose bwatwarwa na Ogi w’i Bashani yatwariye i Ashitaroti n’i Edireyi, akaba ari n’umwe mu bami ba nyuma b’Abarefayimu. Mose yari yarabanesheje bose, abanyaga igihugu cabo. 13 Ariko Abisirayeli ntibigeze birukana abantu b’i Geshuri n’i Mayaka, bagumye babana n’Abisirayeli gushika n’ubu.
14 Mugabo umuryango wa Lewi wowo nta ragi wahawe kuko ibimazi vyashikanwa ku bicaniro vy’Uhoraho Imana ya Isirayeli, ni vyo vyari iragi ryabo, nk’uko Uhoraho yari yarabibasezeraniye.
15 Aha ni ho Mose yahaye umuryango wa Reyubeni akurikije abakuru b’inzu ziwugize:
16 Intara iva kuri Aroweri no ku nkengera y’akagezi k’uruzi Arunoni, no kuva ku gisagara kiri hagati ahaherereye kuri ako kagezi, ugashiramwo n’imisozi migufimigufi y’i Medeba 17 hamwe na Heshiboni n’ibisagara vyaho vyo mu misozi migufimigufi, ushizemwo na Diboni, Bamoti-Bayali, Beti-Bayali-Meyoni, 18 Yahiza, Kedemoti, Mefayati, 19 Kiriyatayimu, Sibuma, Zereti-Shahari ku misozi no mu kiyaya, 20 Beti-Peyori, ku mimanuko ya Pisiga, n’i Beti-Yeshimoti, 21 ibisagara vyo ku misozi migufimigufi hamwe n’ahantu hose Sihoni umwami w’Abamori yatwara ari i Heshiboni. Mose yaramutsinze hamwe n’abakuru b’Abamidiyani, ari bo Evi, Rekemu, Zuri, Huri na Reba, ari bo baganwa bo muri ico gihugu bari begamiye Sihoni. 22 Muri abo bishwe n’Abisirayeli mu ntambara, harimwo umupfumu Balamu mwene Beyori, uwo bicishije inkota.
23 Urubibe rw’umuryango wa Reyubeni rwari rugizwe n’inkengera ya Yorodani. Ibi bisagara n’imihana yaho ni vyo vyatanzwe nk’iragi ku muryango wa Reyubeni, hakurikijwe abakuru b’ingo ziwugize.
24 Aha ni ho Mose yahaye umuryango wa Gadi, hakurikijwe abakuru b’inzu ziwugize:
25 Intara yabo yari igizwe na Yazeri, ibisagara vyose vy’i Gileyadi, n’igice c’igihugu c’Abamoni gushika i Aroweri hafi y’i Raba 26 hamwe no kuva i Heshiboni kugeza i Rama Misipehi n’i Betonimu, hakongera hakava i Mahanayimu hagashika i Debiri. 27 Kandi no mu kiyaya bahawe Beti-Haramu, Beti-Nimura, Sukoti, Zafoni, n’igice c’ubwami bwa Sihoni yatwara ari i Heshiboni, uruhande rwo mu burengero rwa Yorodani, intara iduga igashika aho Ikiyaga c’i Kinereti giherera.
28 Ivyo bisagara n’imihana ivyegamiye ni vyo vyahawe umuryango wa Gadi nk’iragi, hakurikijwe abakuru b’inzu zigize uwo muryango.
29 Ibi ni vyo Mose yahaye igice c’umuryango wa Manase, ni ukuvuga igice c’abantu bakomoka kuri Manase ukurikije abakuru b’inzu ziwugize:
30 Intara iva i Mahanayimu, hakajamwo n’i Bashani hose, akarere kose k’umwami Ogi w’i Bashani, hamwe n’ibisagara mirongo itandatu vy’i Bashani vyatwarwa na Yayiro. 31 Bahawe kandi n’igice ca Gileyadi, n’ibisagara vya Ashitaroti na Edireyi, ibisagara vy’umwami Ogi i Bashani.
Ivyo vyose ni vyo vyahawe uruvyaro rwa Makiri, mwene Manase ku bw’igice c’abahungu ba Makiri, ukurikije abakuru b’ingo zigize uwo muryango.
32 Izo ni zo ntara Mose yatanze nk’iragi igihe yari mu kiyaya c’i Mowabu hafi y’uruzi Yorodani mu buseruko bwa Yeriko. 33 Ariko umuryango wa Lewi nta ragi Mose yawuhaye, kuko Uhoraho Imana ya Isirayeli ari we ragi ryabo, nk’uko yabibasezeraniye.