Publicidade

Josué 5

1 Abami bose b’Abamori bo hakurya ya Yorodani, n’abami b’Abanyakanani bo ku nkengera ya Yorodani bumvise ko Uhoraho yakamije Yorodani kugira ngo Abisirayeli bajabuke, bose bacika ivutu, mu mitima yabo barihebura kubera ubwoba, ntibaba bakigira intege zo guhangara Abisirayeli ngo babagwanye.

Urunganwe rushasha rukebwa i Gilugali

2 Ico gihe Uhoraho abarira Yosuwa ati: "Rondera amabuye akarishe nk’imbugita, ukebe abagabo bose bo muri uru runganwe rwa kabiri rw’Abisirayeli." 3 Nuko Yosuwa ategura amabuye akarishe nk’imbugita, akebera Abisirayeli i Gibeyati Haraloti.

4 Iki ni co catumye Yosuwa abikora: Abari bavuye muri Egiputa bafise imyaka yo kuja mu ntambara bose bari bapfiriye mu bugaragwa bariko bava muri Egiputa. 5 Abari bavuyeyo bose bari barakebwe, ariko abavukiye mu bugaragwa bari mu rugendo, bamaze kuva muri Egiputa, ntibari barakebwe. 6 Abisirayeli bamaze imyaka mirongo ine bayerera mu bugaragwa, gushika aho abari bafise imyaka yo kuja mu ntambara igihe bava muri Egiputa bose bapfuye bagahera, kuko bari bagararije Uhoraho. Uhoraho yari yarabarahiye ko batazobona igihugu yari yarasezeraniye ba sekuruza ko azokibaha, igihugu gitemba amata n’ubuki. 7 Nuko ahagurutsa abana mu gishingo ca ba se, abo rero ni bo Yosuwa yakevye. Ntibari bwigere bakebwa kuko batakebewe ku nzira baja i Kanani. 8 N’uko abagabo bose bamaze gukebwa, baguma aho bari bashinze amahema gushika bose bakize.

9 Maze Uhoraho abarira Yosuwa ati: "Uyu musi ndabakuyeko ibimaramare vyose vyatewe n’ubuja bwo muri Egiputa." Ico kibanza gica citwa Gilugali gushika n’ubu.

10 Ku mugoroba wo ku musi ugira icumi na kane w’ukwo kwezi, bakiri ngaho i Gilugali mu biyaya vy’i Yeriko, Abisirayeli bahimbaza Pasika. 11 Ku musi wakurikiye Pasika, baca barya ivyokurya vyo muri ico gihugu, barya imikate itagira umwambiro n’ingano zikaranze. 12 Maze uhereye ku musi wakurikiye uwo baririyeko ivyokurya vyo muri ico gihugu, manu ntiyasubiriye kuboneka. Abisirayeli ntibongeye gusubira kuronka manu; uwo mwaka bariye ivyo basoromye i Kanani.

Ingene bafashe Yeriko

13 Yosuwa yegereje i Yeriko, yunamura amaso abona umugabo ahagaze imbere yiwe afise inkota mu minwe. Yosuwa aramwegera, aramubaza ati: "Mbega uri ku ruhande rwacu canke ku ruhande rw’abansi bacu?"

14 Na we aramwishura ati: "Sindi ku ruhande na rumwe. Ndi umugabisha w’ingabo z’Uhoraho." Nuko Yosuwa aca arunama, yikubita hasi, amuha icubahiro, hanyuma aramubaza ati: "None ushaka ko jewe umusavyi wawe nkora iki?"

15 Wa mugabisha w’ingabo z’Uhoraho aramwishura ati: "Ambura ibirato vyawe, kuko aha hantu uhagaze ari ahera." Nuko Yosuwa yambura ibirato vyiwe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-