1 Izi ni zo ntara imiryango y’Abisirayeli yari isigaye yahawe nk’iragi ryabo mu gihugu c’i Kanani, bahagaburiwe n’umuherezi Eliyazeri, ari kumwe na Yosuwa mwene Nuni, n’abakuru b’imiryango ya Isirayeli. 2 Imiryango icenda n’igice ni yo yahawe intara hakoreshejwe ubupfindo nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse aciye kuri Mose. 3 Mose yari yaramaze gutanga iragi ku miryango ibiri n’igice ayiha mu buseruko bwa Yorodani ariko Abalewi nta ragi na rimwe bahawe nk’iyindi miryango. 4 Abahungu babiri ba Yosefu bavuyemwo imiryango ibiri ari yo Manase na Efurayimu. Abalewi nta mugabane w’intara baronse ariko bahawe ibisagara vyo kubamwo, hamwe n’uburagiro bw’ibitungwa vyabo. 5 Nuko Abisirayeli bagaburirwa ico gihugu nk’uko Uhoraho yari yarabitegetse Mose.
6 Umusi umwe abantu bo mu muryango wa Yuda bagendera Yosuwa i Gilugali, barongowe na Kalebu mwene Yefune w’Umukenizi. Kalebu abarira Yosuwa ati: "Wibuke ivyo Uhoraho yabwiye Mose umusavyi w’Imana kuri wewe nanje igihe twari i Kadeshi Baruneya. 7 Nari mfise imyaka mirongo ine igihe Mose umusavyi w’Uhoraho yandungika gutata iki gihugu mva i Kadeshi Baruneya. Namubwiye inkuru nkurikije uko navyumva mu mutima, 8 mugabo benewacu twaduganye batumye imitima y’abantu iranduka kubera ubwoba. Ariko jewe nakurikiye Uhoraho Imana yanje n’umutima wanje wose. 9 Uwo musi rero, Mose yararahiye ati: ‘Aho ibirenge vyawe vyahonyoye muri ico gihugu hazoba iragi ryawe n’uruvyaro rwawe ibihe vyose, kuko wakurikiye Uhoraho Imana yanje n’umutima wawe wose.’
10 None rero, nk’uko Uhoraho yabinsezeraniye, yarazigamye ubugingo bwanje imyaka mirongo ine n’itanu kuva igihe yabwira Mose ivyo, igihe Abisirayeli bariko barayerera mu bugaragwa. Uyu musi maze imyaka mirongo umunani n’itanu. 11 Ndacafise inkomezi nk’izo nari mfise igihe Mose yandungika, kandi ndacaja mu ntambara nk’uko nari meze ico gihe. 12 None rero ndasavye umpe iki gihugu c’imisozi miremire nk’uko Uhoraho yabinsezeraniye uwo musi. Na wewe nyene wariyumviye ko Abanaki ari bo bahaba kandi ko n’ibisagara vyabo bizitiriwe cane. Ariko Uhoraho niyabana nanje nzobirukana nk’uko yabivuze."
13 Maze Yosuwa ahezagira Kalebu mwene Yefune, amuha Heburoni nk’iragi ryiwe. 14 Nuko Heburoni hegukira Kalebu mwene Yefune Umukenizi kuva ico gihe, kuko yubashe Uhoraho Imana ya Isirayeli n’umutima wiwe wose. 15 Heburoni hahora hitwa Kiriyati-Araba. Hiswe uko kubera Araba, umuhizi yakomoka kuri Anaki.
Maze iyo ntara iraruhuka intambara iba amahoro.