1 Itongo ryahawe uruvyaro rwa Yosefu ryava kuri Yorodani, mu buseruko bw’amariba y’i Yeriko, rugaca mu bugaragwa mu ntara irimwo imisozi miremire ya Beteli. 2 Ruvuye i Beteli ari ho i Luzi, rwaca rujabuka rukaja mu ntara y’Abaruki muri Ataroti, 3 rukamanuka ruja mu burengero mu ntara y’Abafuleti rugashika mu ntara ya Beti-Horoni mu bumanuko, rukabandanya n’i Gezeri, rugashika ku Kiyaga Mediterane.
4 Iryo ni ryo tongo ryahawe imiryango y’abahungu ba Yosefu, ari bo Manase na Efurayimu.
5 Aha ni ho Efurayimu yahawe, ukurikije abakuru b’inzu zigize uwo muryango:
Urubibe rw’umugabane bahawe rwava muri Ataroti Adari mu buseruko kuduga kugeza ruguru i Beti-Horoni, 6 rukabandanya kugeza ku Kiyaga Mediterane. Ruvuye i Mikimetati mu buraruko, rwaca ruhindukira rukaja mu buseruko ahitwa Tanati Shilo, ruciye mu buseruko bwa Yanowa. 7 Hanyuma rwaca rumanuka ruva i Yanowa ruja i Ataroti n’i Nayara, rugaca i Yeriko rugashika kuri Yorodani. 8 Ruvuye i Tapuwa, rwaca ruja mu burengero kw’isumo ry’i Kana rugashika ku Kiyaga Mediterane. Iryo ni ryo ragi umuryango w’Abefurayimu wahawe ukurikije abakuru b’inzu zigize uwo muryango.
9 Bari bahawe kandi n’ibisagara vyose n’imihana yari ibikikuje vyari vyabikiwe Abefurayimu mu mugabane w’abo kwa Manase.
10 Ntibirukanye Abanyakanani baba i Gezeri, gushika n’ubu Abanyakanani baracabana n’Abefurayimu, ariko babakorera nk’abaja.