Publicidade

Josué 3

Uko bajabutse Yorodani

1 Hakiri kare mu gitondo, Yosuwa n’Abisirayeli barahaguruka bava i Shitimu baja kuri Yorodani, bashingaho amahema imbere yo kujabuka. 2 Haheze imisi itatu, abatware banyuragira muri mahema babamwo, 3 babwira abantu bati: "Nimwabona Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho Imana yanyu, mukabona n’abaherezi ari bo Balewi bayireruye, bagiye, namwe muce muva aho muri muyikurikire. 4 Kubera iyi nzira mutari bwayicemwo, bazobarongora, babaje imbere. Ariko mugendere nko ku ngero z’igice c’ukuboko ibihumbi bibiri inyuma yabo, ntimuze muyegere."

5 Yosuwa abarira abantu ati: "Mwiyeze kuko ejo Uhoraho azokora ibitangaza bikomeye muri mwebwe."

6 Yosuwa yongera abarira abaherezi ati: "Fata Isandugu y’Isezerano muje imbere y’abandi mu kujabuka." Nuko baterura iyo Sandugu, baja imbere baragenda.

7 Uhoraho abarira Yosuwa ati: "Uyu musi ngira ntangure kugushira hejuru imbere y’Abisirayeli, kugira ngo bamenye ko ndi kumwe nawe nk’uko nari kumwe na Mose. 8 Barira abaherezi bareruye Isandugu y’Isezerano uti: ‘Nimwashika ku nkengera y’uruzi Yorodani, muce murutambukiramwo muruhagararemwo.’ "

9 Yosuwa abwira Abisirayeli ati: "Egera hino mwumvirize amajambo y’Uhoraho Imana yanyu. 10 Iki ni co kizobamenyesha ko Imana nzima iri muri mwebwe, kandi ko izokwirukana imbere yanyu Abanyakanani, Abaheti, Abahiwi, Abaperizi, Abagirugashi, Abamori n’Abayebusi. 11 Raba Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho nyene isi yose igiye kuri Yorodani imbere yanyu. 12 None rero, nimutoranye abagabo icumi na babiri mu miryango y’Abisirayeli, umwumwe mu muryango. 13 Abaherezi bareruye Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho nyene isi yose nibamara guhonyoza ibirenge muri Yorodani, ruzocikamwo kabiri, amazi ntasubire gutemba, ahagarare nk’uruhome."

14 Nuko abantu bose bamaze kuzinga amahema yabo kugira ngo bajabuke Yorodani, abaherezi baca barerura Isandugu y’Isezerano, babaja imbere. 15 Ico gihe hari mu gihe c’iyimbura, kandi Yorodani rwari rwarengeye inkombe zarwo. Ariko ba baherezi bari bareruye Isandugu y’Isezerano bamaze guhonyoza ibirenge mu mazi yo ku nkengera y’urwo ruzi, 16 amazi yo haruguru aca arahagarara ntiyasubira gutemba. Yiyegeraniriza hamwe kure y’aho bari, mu gisagara ca Adamu, hafi y’i Zaretani, ayo hepfo na yo abandanya amanuka aja mu kiyaga ca Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu gushika akamye. Nuko abantu baca barajabuka hakurya bashika ahegereye Yeriko. 17 Ico gihe abaherezi bari bareruye Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho bari bahagaze bemye kw’isi yumye hagati muri Yorodani, Abisirayeli na bo bariko barajabuka gushika ihanga ryose rijabutse rica kw’isi yumutse.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-