Publicidade

Josué 8

Abisirayeli batsinda Hayi

1 Uhoraho abarira Yosuwa ati: "Ntutinye, ntucike intege. Hitana ingabo zawe zose muduge gutera Hayi. Kuko namaze kuguha intsinzi ku mwami w’i Hayi, ku bantu biwe, ku gisagara ciwe no ku gihugu ciwe. 2 Mugirire Hayi nk’ivyo mwagiriye Yeriko n’umwami waho, kiretse ko ivyo muzonyaga muzovyitwarira bikaba ivyanyu. Mubatege umutego bave mu gisagara."

3 Nuko Yosuwa n’ingabo ziwe zose baja gutera i Hayi. Atoranya abasoda ibihumbi mirongo itatu mu banyentambara bakomeye abarungika mw’ijoro 4 abaha amategeko ati: "Nyumviriza neza! Mugende mubatege umutego baze inyuma y’igisagara. Ntimukije kure, kandi mwese mugume mugavye. 5 Jewe n’abo turi kumwe tuzokwegera igisagara, maze abaho nibaza kutugwanya nka kumwe kwa mbere, tuzokwigira nk’ababahunga. 6 Bazoca badukurikira gushika tubashikane kure y’igisagara, bibaza bati: ‘Baraduhunze nk’uko baduhunze ubwa mbere.’ 7 Mu gihe tuzoba turiko turabahunga, namwe muzoce muva aho mwinyegeje mufate ico gisagara. Uhoraho Imana yanyu araja kukibaha mu maboko yanyu. 8 Nimwamara kugifata, muce mugiturira. Mukore ivyo Uhoraho yategetse. Ayo ni yo mategeko ndabahaye."

9 Nuko Yosuwa aca arabarungika, baca baja mu bibanza vyo kwinyegezamwo, babunda hagati ya Beteli na Hayi, amaja mu burengero bwa Hayi, ariko iryo joro Yosuwa iryo joro ararana n’abandi aho bari bashinze amahema.

10 Mu gitondo hatarabona neza Yosuwa avyura ingabo ziwe n’abatware b’Abisirayeli, bagenda bagana Hayi, agendera imbere yabo. 11 Ingabo zose zari zajanye na we ziragenda zishika imbere y’igisagara. Baca bashinga amahema mu buraruko bwa Hayi, hasigara ikiyaya hagati yabo n’ico gisagara. 12 Yosuwa yari kumwe n’abasoda bashika ibihumbi bitanu, abo binyegeza hagati ya Beteli n’i Hayi mu ruhande rwo mu burengero bw’ico gisagara. 13 Abasoda bagenerwa ibibanza baba barabamwo; ikibanza nyamukuru gishingwa mu buraruko bw’igisagara, abandi bashinga amahema mu burengero bwaco. Iryo joro, Yosuwa wewe arara mu kiyaya.

14 Umwami w’i Hayi abonye Abisirayeli mu kiyaya, aca akoranya ingabo ziwe zose zihutira kuja kubatera kare mu gitondo ngo babasange aharabana n’ikiyaya Araba. Ariko ntibari bazi ko hariho ababibundiye inyuma y’igisagara. 15 Yosuwa n’Abisirayeli barabareka barabakurikira, baca biruka babakwegera mu bugaragwa. 16 Abagabo bose b’i Hayi bahamagarirwa kubirukako, gutyo mu gukurikira Yosuwa baba bagiye kure y’igisagara cabo. 17 Nta mugabo n’umwe yasigaye i Hayi canke i Beteli adakurikiye Abisirayeli. Basiga igisagara cuguruye barabakurikira.

18 Uhoraho aca abarira Yosuwa ati: "Ramvura ukuboko kwawe uduze icumu ryawe uritumbereje kuri Hayi, kuko ntanze ico gisagara mu maboko yawe." Nuko Yosuwa aca atumbereza icumu riri mu ntoke ziwe ico gisagara. 19 Yosuwa amaze gutanga ico kimenyetso, abari babunze inyuma y’igisagara baca barahaguruka, bava aho bari babunze biruka baja mu gisagara, baragifata, ubwo nyene baca baragiturira.

20 Abagabo b’i Hayi bahindukiye inyuma, babona umwotsi uva mu gisagara upfunduka uduga hejuru, ariko ntibari bagifise akaryo ko guhunga, kuko Abisirayeli bari bahungiye mu bugaragwa baciye babahindukirira. 21 Yosuwa n’Abisirayeli babonye ivyo bateguye kuri ico gisagara bikunze, bakabona n’umwotsi upfunduka uva muri ico gisagara, baca barahindukira batera abantu b’i Hayi. 22 Bamwe bari babibundiye na bo nyene baca bava mu gisagara barabatera, babata hagati, Abisirayeli babakikuza impande zose. Isirayeli irabatikiza, ntihagira n’uwusigara canke ngo abatoroke. 23 Ariko umwami w’i Hayi baramuretse, bamuzanira Yosuwa ari muzima.

24 Abisirayeli bamaze kwica Ab’i Hayi bose babatsinda mu mitumba no mu biyaya iyo bari bahungiye, bose bamaze kwicishwa inkota, baciye baja i Hayi kwica abari basigayeyo bose. 25 Abagabo n’abagore ibihumbi cumi na bibiri ni bo bishwe uwo musi; kandi ni bo baba i Hayi. 26 Kuko Yosuwa yari yagumye adugije icumu ryiwe gushika ababa i Hayi bose baranduwe. 27 Abisirayeli basahura ibintu vyo muri ico gisagara, barabitwara nk’uko Uhoraho yari yabibariye Yosuwa.

28 Nuko Yosuwa aturira Hayi hasigara ari ikirundo c’ivyasambutse gusa, hasigara ari igisanze gushika n’ubu. 29 Maze Yosuwa amanika umwami w’i Hayi ku giti, agumaho gushika ku mugoroba. Izuba rirenze, Yosuwa abwira abantu ngo bamanure ikiziga ciwe, ngo bagiterere imbere y’irembo ry’igisagara. Baca bakirundako ikirundo c’amabuye kinini cane, kandi kiracariho gushika n’ubu.

Bongera kunagura isezerano ku musozi Ebalu

30 Nuko Yosuwa aca yubakira igicaniro Uhoraho Imana ya Isirayeli, hafi y’umusozi Ebalu, 31 nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yari yarabitegetse Abisirayeli. Yacubatse akurikije uko vyanditswe mu Gitabu c’Ivyagezwe vya Mose, acubaka mu mabuye atabaje, ata cuma cigeze kiyakorako. Kuri co, ahashikanira Uhoraho ikimazi c’ishimwe n’ibimazi vyo guturirwa. 32 Bari ngaho nyene, Yosuwa yandika kuri ayo mabuye Ivyagezwe vya Mose, Abisirayeli bose barorera. 33 Abisirayeli bose, bari kumwe n’abakuru babo, abatware n’abacamanza, bose bari bahagaze; bamwe ku ruhande rumwe abandi ku rundi rw’Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho baraba abaherezi b’Abalewi bayireruye. Bose abanyamahanga baba mu Bisirayeli, n’abasangwa bose bari ngaho. Igice kimwe c’abantu bari bahagaze imbere y’umusozi Gerizimu, ikindi cari gihagaze imbere y’umusozi Ebalu, nk’uko Mose umusavyi w’Uhoraho yari yarabitegetse igihe yatanga inyigisho z’ingene bazohora bahezagira abantu ba Isirayeli.

34 Inyuma y’ivyo, Yosuwa asoma amajambo yose yanditswe mu gitabu c’ivyagezwe, asoma imigisha n’imivumo yose nk’uko yanditswe muri ico gitabu c’ivyagezwe. 35 Nta jambo na rimwe Mose yategetse Yosuwa atasomeye ishengero ryose ry’Abisirayeli, harimwo n’abagore n’abana, n’abanyamahanga baba muri bo.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-