Publicidade

Josué 23

Amajambo ya nyuma ya Yosuwa

1 Inyuma y’igihe kirekire Uhoraho ahaye amahoro Abisirayeli akabakiza abansi babo bose bari babakikuje, Yosuwa yari ageze mu zabukuru. 2 Nuko akoranya Abisirayeli bose; abatware bose, abarongozi n’abacamanza arababwira ati: "Ehe raba ndageze mu zabukuru. 3 Mwese mwarabonye ivyo Uhoraho yakoreye aya mahanga yose ku bwanyu; Uhoraho Imana yanyu ni yo yabagwaniye. 4 Mwibuke ingene nagaburiye imiryango yanyu intara mwahawe nk’imigabane, igihugu cose twafashe n’ico tutarafata, kuva kuri Yorodani gushika ku Kiyaga Mediterane mu burengero. 5 Iki gihugu kizoba icanyu, kuko Uhoraho Imana yanyu we nyene azokwiyirukanira ayo mahanga abahunge. Azobirukana imbere yanyu namwe mufate igihugu cabo, nk’uko Uhoraho Imana yanyu yabibasezeraniye.

6 None rero mushire imitima yanyu ku vyanditswe muri iki gitabu c’ivyagezwe vya Mose, ntimuzohengamire i buryo canke i bubamfu. 7 Ntimuzokwifatanye n’ayandi mahanga akiri muri mwebwe, ntimuzokwambaze amazina y’imana zabo canke ngo murahire mu mazina yazo. Ntimuzozikorere canke ngo munazunamire. 8 Ariko mwumire k’Uhoraho Imana yanyu nk’uko mwayumiyeko gushika ubu.

9 Uhoraho yirukanye amahanga akomakomeye imbere yanyu, gushika ubu nta na rimwe rirabahagarara imbere. 10 Umwe muri mwebwe yirukana igihumbi, kuko Uhoraho Imana yanyu ari we abagwanira nk’uko yabibasezeraniye. 11 None rero mushire imitima yanyu ku gukunda Uhoraho Imana yanyu.

12 Ariko nimwahindukira mukifatanya n’abacitse kw’icumu bo muri aya mahanga basigaye muri mwebwe canke mugahana abageni mukivanga na bo, 13 mumenye ko Uhoraho atazokwirukana ayo mahanga imbere yanyu. Ariko bazobabera imitego muzogwamwo, bababere inkoni zo kubakubita mu migongo n’amahwa abazibura mu maso, gushika mutikiriye muri iki gihugu ciza Uhoraho Imana yanyu abahaye.

14 Ehe ndi mu kwitaba Imana nk’uko bigendera abandi bose. Murazi n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose ko ata ciza na kimwe Uhoraho Imana yanyu yasezeranye kitashitse. Ivyo yasezeranye vyose yarabishikije, nta na kimwe cavuyemwo. 15 Ariko nk’uko iciza cose Uhoraho Imana yanyu yasezeranye cashitse, ni ko n’ibibi vyose Uhoraho yavuze bizoshika nimwamugarariza. Azobatikiza gushika muhonere muri iki gihugu ciza yabahaye. 16 Nimwaca kubiri n’isezerano Uhoraho Imana yanyu yabahaye, mukunamira izindi mana mukazisenga, uburake bw’Uhoraho buzobaziriringira, muhonere bidatevye muri ico gihugu ciza yabahaye."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-