1 Nuko Mose aduga ku musozi Nebo avuye mu kiyaya c’i Mowabu, aja kw’isonga rya Pisiga, aharabana na Yeriko. Ahagaze aho, Uhoraho amwereka ca gihugu cose, kuva i Gileyadi gushika i Dani, 2 intara yose ya Nafutali, iya Efurayimu n’iya Manase, intara yose ya Yuda ishika ku Kiyaga Mediterane, 3 abona Negebu n’intara yose iva mu kiyaya ca Yeriko igaca mu gisagara c’ibigazi igashika i Zowari. 4 Uhoraho abarira Mose ati: "Ico ni co gihugu nasezeranishije indahiro Aburahamu na Isaka na Yakobo, igihe navuga nti: ‘Nzogiha uruvyaro rwanyu.’ Nakuretse ngo ukiboneshe amaso yawe, ariko ntuzojabuka ngo ucinjiremwo."
5 Maze Mose umusavyi w’Uhoraho aca apfira aho i Mowabu, nk’uko Uhoraho yari yarabivuze. 6 Amuhamba i Mowabu, mu kiyaya kirabana n’i Beti-Peyori, ariko gushika n’ubu nta wuzi aho imva yiwe iherereye. 7 Mose yapfuye amaze imyaka ijana na mirongo ibiri, ariko amaso yiwe yari akibona neza, kandi yari agifise inkomezi yamanye. 8 Maze Abisirayeli bagandarira Mose imisi mirongo itatu mu kiyaya ca Mowabu, gushika ikiringo co kugandara giheze.
9 Ico gihe Yosuwa mwene Nuni yari yuzuye impwemu y’ubwenge, kuko Mose yari yamurambitseko ibiganza. Maze Abisirayeli baramwumvira, bagakora ivyo Uhoraho yari yarategetse Mose vyose.
10 Kuva ico gihe, nta muvugishwa yasubiriye kubaho muri Isirayeli yangana na Mose, uwibonanira n’Uhoraho amaso mu yandi, 11 uwakoze ibimenyetso n’ibitangaza nk’ivyo Uhoraho yatumye Mose gukora muri Egiputa, kuri Farawo no ku batware biwe, no ku gihugu cose. 12 Nta n’umwe yigeze akora ibikorwa bikomeye kandi biteye ubwoba nk’ivyo Mose yakoreye mu maso y’Abisirayeli bose.