1 Ntimuze mushikanire Uhoraho Imana yanyu inka canke intama igwaye canke ifise agasembwa, ni ikizira kuri we.
2 Nihagira umugabo canke umugore muri mwebwe wo mu gisagara na kimwe mu vyo Uhoraho Imana yanyu azoba yarabahaye muzosanga ariko akora ibibi mu nyonga z’Uhoraho Imana yanyu, arenga kw’isezerano, 3 akarenga ku mabwirizwa yanje, agasenga izindi mana, akazunamira canke akunamira izuba, ukwezi canke inyenyeri zo mu kirere, 4 mukamwumva muze mutohoze neza. Nimwasanga koko ico kizira carakozwe mu Bisirayeli, 5 muzofate uwo mugore canke uwo mugabo yabikoze mumutware kw’irembo ry’igisagara canyu, mumwicishe amabuye. 6 Azokwicwe habanje kuboneka ivyabona bibiri canke bitatu, ariko ntihazogire uwicwa habajijwe icabona kimwe gusa. 7 Kandi icabona kizobe ari co kibanza kumutera ibuye, abandi na bo bazokurikire. Mutegerezwa gukura ikibi muri mwebwe.
8 Nihagira imanza zigoye babazanira, zaba iz’ubwicanyi canke ugukomeretsanya, muzozitware muri ca kibanza Uhoraho Imana yanyu azoba yaratoranije. 9 Muzozishikirize abaherezi ari bo Balewi, canke umucamanza azoba ari ku gikorwa ico gihe. Bazoheza barwumvirize hanyuma baruce. 10 Muzokurikize ico bazobabwirira mu kibanza Uhoraho azoba yaratoranije. Muze mube maso kugira ngo mukore ico bazobabwira cose. 11 Muze mukore mukurikije ivyo babigishije vyose n’ivyo bababwiye vyose. Ntimuze muhengamire i buryo canke i bubamfu rw’ivyo bababwiye. 12 Nihagira uwishira hejuru akanka urubanza umucamanza canke umuherezi azoba ahagaze akorera Uhoraho Imana yanyu azoba yaciye, aze yicwe. Muzoba mukuye ikibi mu Bisirayeli. 13 Abantu bose bazovyumva batinye, maze birinde kwishira hejuru.
14 Nimwashika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye, mukagifata kikaba icanyu, mukakibamwo, hanyuma mukiyumvira muti: "Reka twiyimikire umwami natwe nk’ayandi mahanga adukikuje," 15 muze mube maso kugira ngo mwimike uwo Uhoraho Imana yanyu azoba yabahitiyemwo. Azobe umwe muri benewanyu b’Abisirayeli. Ntimuze mwimike umunyamahanga, atari Umwisirayeli. 16 Uwo mwami ntaze atunge ifarasi nyinshi canke ngo arungike abantu muri Egiputa kuzironderayo, kuko Uhoraho yababwiye ati: "Ntimuze mwigere musubira gufata inzira ija muri Egiputa." 17 Ntaze agire abagore benshi, kuko umutima wiwe wohava uta inzira ukava k’Uhoraho. Ntazokwirundanirize inzahabu n’ifeza.
18 Niyamara gufata intebe y’ubwami, azokwiyandikishirize ikopi y’igitabu c’ibi Vyagezwe, agikuye muri kirya c’abaherezi, ari bo Balewi. 19 Azocamane kandi azokwame agisoma imisi yose y’ukubaho kwiwe, kugira ngo amenye ingene yubaha Uhoraho Imana yiwe, n’ingene yokurikiza amajambo y’Ivyagezwe n’amategeko ari muri co. 20 Bizomufasha kwirinda kwifata nk’aho asumba benewabo, canke guhengamira i buryo canke i bubamfu ngo ave muri ya mategeko. Ni ho we n’uruvyaro rwiwe bazorambira ku ngoma muri Isirayeli.