Publicidade

Deuteronômio 5

Amabwirizwa icumi

1 Mose Ahamagara Abisirayeli bose arabakoranya, ababwira ati: Tega amatwi yemwe Bisirayeli! Umviriza ivyagezwe n’amabwirizwa ndabahaye uwu musi, kugira ngo muyige mwongere muyakurikize.

2 Uhoraho Imana yacu yagiranye isezerano natwe ku musozi Horebu. 3 Iryo sezerano Uhoraho ntiyarigiranye na ba sogokuruza, yarigiranye na twebwe, twebwe abakiriho uno musi. 4 Uhoraho yivuganiye namwe imbonankubone ari mu muriro kuri wa musozi. 5 Ico gihe nari nk’umuhuza hagati y’Uhoraho namwe kugira ngo ndabashikirize amajambo y’Uhoraho, kuko mwari mwatinye umuriro ntimwaduga ku musozi.

Yaravuze iti:

6 "Ndi Uhoraho Imana yawe, yagukuye muri Egiputa, igihugu wabayemwo uri umugurano.

7 Ntukagire izindi mana umbangikanya.

8 Ntukibazire ikigirwamana mw’ishusho y’ikintu na kimwe, caba ico hejuru mw’ijuru canke hasi kw’isi, canke i kuzimu, canke mu biyaga. 9 Ntuzovyikubite imbere canke ngo ubikorere, kuko jewe Uhoraho Imana yawe ndi Imana ipfuha, mpanira abana ivyaha vya ba sekuruza babo gushika ku runganwe rwa gatatu n’urwa kane rw’abanyanka. 10 Ariko abankunda bagakurikiza amabwirizwa yanje, ndabereka urukundo gushika ku runganwe rw’igihumbi.

11 Ntukavuge izina ry’Uhoraho Imana yawe ku busabusa. Kuko Uhoraho atazobura guhana abakoresha izina ryiwe ukutariko.

12 Wame uhimbaza umusi w’Isabato, uzokwame ari umusi wejejwe nk’uko Uhoraho Imana yawe yabigutegetse. 13 Uze ukore ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu, 14 ariko umusi w’indwi ni Isabato y’Uhoraho Imana yawe. Kuri uwo musi, ntuzogire igikorwa na kimwe uwukorako, yaba wewe, umuhungu canke umukobwa wawe, yaba umukozi wawe w’umuhungu canke w’umukobwa, impfizi, indogoba canke ikindi gitungwa cawe ico ari co cose, canke umunyamahanga aba iwawe, kugira ngo umukozi wawe w’umuhungu n’uw’umukobwa bazoruhuke nk’uko nawe uzoba uruhutse. 15 Mwibuke ko mwari abagurano muri Egiputa, kandi ko Uhoraho Imana yanyu yabakujeyo ikiganza gikomeye, n’ukuramvura ukuboko kwiwe kw’inkomezi. Ni co gituma Uhoraho yabategetse guhimbaza umusi w’Isabato.

16 Wubahe so na nyoko nk’uko Uhoraho yabigutegetse, kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye, kandi ivyawe bizogende neza.

17 Ntukice.

18 Ntugasambane.

19 Ntukibe.

20 Ntukarementanirize ibinyoma mugenzawe.

21 Ntukipfuze umugore wa mugenzawe. Ntukipfuze inzu yiwe canke itongo, umukozi wiwe w’umuhungu canke w’umukobwa, inka yiwe canke indogoba, canke ikindi kintu cose ca mugenzawe."

22 Ibi ni vyo vyagezwe Uhoraho yavuze n’ijwi rirenga abibwira ikoraniro ryanyu kuri wa musozi ari mu muriro, mu gicu no mu mwijima ukomeye; kandi nta kindi yongeyeko. Yaciye avyandika ku bisate bibiri vy’amabuye, arabimpa.

23 Ariko igihe mwumva ijwi riva mu mwijima, kandi umusozi wuzuyeko imbeya z’umuriro, abatware b’imiryango yanyu bose baje aho ndi. 24 Barambarira bati: "Uhoraho Imana yacu yatweretse ubwiza bwiwe n’ubukuru bwiwe, kandi twiyumviye ijwi ryayo ivugira mu muriro. Uwu musi twiboneye ko Imana ishobora kuvugana n’umuntu kandi akabaho. 25 None rero ni kubera iki twokwishira mw’irinde ry’urupfu? Uhoraho Imana yacu niyasubira kuvugana natwe, nta kabuza tuzopfa. Urya muriro uhambaye uratuyigiza. 26 Mbega hari umuntu buntu ashobora kwumva ijwi ry’Imana ivugira mu muriro nk’uko twayumvise, hanyuma akabaho? 27 None rero nabe ari wewe ugenda wegere wumvirize ico Uhoraho Imana yacu avuga, hanyuma ugaruke utubwire ivyo yakubariye vyose, natwe tuzokwumvira tubikurikize."

28 Uhoraho yarabumvise igihe mwambarira ukwo, araheza ambarira ati: "Niyumviye ivyo abo bantu bakubwiye, kandi ivyo bavuze vyose ni vyiza. 29 Ese imitima yabo yokwama yicisha bugufi, bakantinya bakongera bakanyubaha, bakama bakurikiza amabwirizwa yanje, kugira ngo ivyabo bize bigende neza kuri bo no ku ruvyaro rwabo, ibihe vyose.

30 Genda ubabwire basubire mu mahema yabo. 31 Ariko wewe uce ugaruka ugume ngaha ndaguhe ivyagezwe, amabwirizwa n’amategeko uzobigisha, kugira ngo bazobikurikize nibamara gushika mu gihugu ngira ndabahe ngo bacegukire."

32 None rero mwiyubare kugira ngo muzokore ivyo Uhoraho Imana yanyu abategeka vyose, ntihagire na kimwe muzoca i ruhande. 33 Muzogume mu nzira Uhoraho Imana yanyu azobereka, ni ho ivyanyu bizogenda neza, mukarambira muri ico gihugu muhawe ngo mucegukire.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-