1 Iyi migisha n’iyi mivumo yose nshize imbere yanyu niyamara kubashikako muri mu bihugu Uhoraho Imana yanyu azoba yarabashwiragijemwo, 2 hanyuma mwe n’abana banyu mukagaruka k’Uhoraho Imana yanyu mukamwubahisha imitima yanyu n’imishaha yanyu yose mu gukora ivyo ndababwiye vyose uwu musi, 3 ico gihe Uhoraho Imana yanyu azokwongera abiyegereze, abagirire impuhwe abagarukane abakuye mu mahanga azoba yarabashwiragijemwo. 4 Naho muzoba mwarasabagiriye mu mahanga ya kure ku mpera z’isi, Uhoraho Imana yanyu azobegeranya abagarukane. 5 Azobasubiza mu gihugu ca ba sogokuruza, musubire mucegukire. Azobaha kwongera gutera imbere no kuba benshi kurusha ba sogokuruza banyu. 6 Uhoraho Imana yanyu azokeba imitima yanyu n’iy’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukunde n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose, mubone kubaho. 7 Uhoraho Imana yanyu azoshira iyi mivumo ku bansi banyu, babanka bakongera bakabahama. 8 Muzosubira kwubaha Uhoraho, mukurikize aya mabwirizwa ndabahaye uwu musi. 9 Maze Uhoraho Imana yanyu na we azoteza imbere ibikorwa vy’amaboko yanyu, agwize uruvyaro rwanyu, agwize ibitungwa vyanyu, agwize n’umwimbu wanyu. Uhoraho azosubira abateze imbere, abanezerererwe nk’uko yanezerererwa ba sogokuruza banyu, 10 nimwamwumvira mukagendera mu vyagezwe vyiwe, vyanditswe muri iki Gitabu c’Ivyagezwe, mukagaruka k’Uhoraho Imana yanyu n’imitima yanyu yose n’imishaha yanyu yose.
11 Amabwirizwa ndabahaye uno musi ntagoye gutahura, kandi ntari aho mudashobora gushika. 12 Ntanyegejwe mw’ijuru aho mwovuga muti: ‘Ni nde yoduga mw’ijuru akaja kuyatuzanira no kuyatubwira hanyuma tukabona kuyakurikiza?’ 13 Kandi ntabitswe hakurya y’ikiyaga, aho mwogira muti: ‘Ni nde yojabuka ikiyaga akaja kuyatuzanira no kuyatubwira hanyuma tukabona kuyakurikiza?’ 14 Haba na mba, ijambo riri hafi yawe; riri mu kanwa kawe no ku mutima wawe kugira ngo ushobore kuryumvira.
15 Ehe raba, uwu musi nshize imbere yanyu ubuzima n’imigisha, urupfu no kuranduka. 16 Uwu musi ndabahaye ibwirizwa ryo gukunda Uhoraho Imana yanyu, kugendera mu nzira zayo, no kuzigama amabwirizwa, amategeko n’ivyagezwe vyiwe; ni ho muzobaho, mukagwira, Uhoraho Imana yanyu akabahezagirira mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.
17 Ariko imitima yanyu niyava ku Mana ntimuyumvire, canke naho nimwahindukira mukunamira izindi mana mukazisenga, 18 uwu musi ndababwije ukuri ko muzorandurwa. Ntimuzorambira mu gihugu mugira mujabuke Yorodani ngo mucinjiremwo mugifate.
19 Uwu musi ntoye ijuru n’isi nk’ivyabona, ko nshize imbere yanyu ubuzima n’imigisha, urupfu no kuranduka. Rero nimuhitemwo ubuzima kugira ngo mwe n’abana banyu mushobore kubaho, 20 mu gukunda Uhoraho Imana yanyu, mu kumwumvira, no mu kwifatanya na we. Kuko Uhoraho ari we buzima bwanyu, azobaha kurambira mu gihugu yarahiye ko azoha ba sogokuruza Aburahamu, Isaka na Yakobo."