Publicidade

Deuteronômio 31

Yosuwa atoranywa ngo asubirire Mose

1 Mose yongera abwira Abisirayeli ati: 2 "Ehe raba maze imyaka ijana na mirongo ibiri, singishoboye kubarongora. Uhoraho yambwiye ati: ‘Ntuzojabuka Yorodani.’ 3 Uhoraho Imana yanyu ubwiwe azobagendera imbere. Azorandura amahanga yose ariyo, maze namwe mubanyage igihugu cabo. Yosuwa azobajabukana nk’uko Uhoraho yabisezeranye. 4 Uhoraho azogirira ayo mahanga nk’uko yagiriye Sihoni na Ogi abami b’Abamori, abo yaranduranye n’igihugu cabo. 5 Uhoraho azobarekurira mu maboko yanyu, maze namwe muzobagire nk’uko yabategetse. 6 Mushikame, mushire ubwoba. Ntimuzotinye ngo mucike intege kubera ayo mahanga, kuko Uhoraho Imana yanyu azojana namwe. Ntazobaheba, ntazobata."

7 Maze Mose ahamagara Yosuwa, ahagarara imbere y’Abisirayeli, amubwira ati: "Shikama ushire ubwoba, kuko ari wewe uzotwara ubu bwoko mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sekuruza babo ko azokibaha, kandi uzokibagaburire nk’iragi. 8 Uhoraho wenyene azogendera imbere yanyu. Ntazobata, ntazobaheba. Ntutinye kandi ntucike intege."

Basomera abantu Ivyagezwe

9 Nuko Mose yandika ivyo Vyagezwe vyose mu gitabu, abiha abaherezi, ari bo bahungu ba Lewi, barerura Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho, agiha n’abatware b’Abisirayeli bose. 10 Maze Mose ababarira ati: "Ku mpera y’umwaka wose ugira indwi, ari wo mwaka wo guheberanira imyenda, mu misi mikuru y’insago, 11 mu gihe Abisirayeli bazoba bakoraniye imbere y’Uhoraho Imana yanyu mu kibanza azoba yaratoranije, muzosomere imbere y’Abisirayeli bose ibi Vyagezwe. 12 Muzobakoranye bose: abagabo, abagore, abana n’abanyamahanga bazoba baba mu bisagara vyanyu, kugira ngo bumvirize bongere bige gutinya Uhoraho Imana bifatanije no kuyubaha, bongere bitondere aya majambo yose y’ibi Vyagezwe. 13 Abana babo batazi ibi vyagezwe bazovyumvirize bongere bige gutinya Uhoraho Imana yanyu bifatanije no kuyubaha. Muzokwame mugenza gutyo ibihe vyose muzoba muri ico gihugu mugiye kujabuka Yorodani ngo mucinjire."

Abisirayeli baburirwa ingene bazogarariza

14 Uhoraho abarira Mose ati: "Igihe cawe co gupfa kirageze. Hamagara Yosuwa muzanane mw’Ihema ry’Ibonaniro, kugira ngo ndamushikirize igikorwa." Nuko Mose ajana na Yosuwa, binjira mw’ihema ry’ibonaniro.

15 Maze Uhoraho aza mu nkingi y’igicu, ahagarara mu rwinjiriro rw’Ihema. 16 Uhoraho abarira Mose ati: "Ugiye kuruhuka, uhamvye ba sogokuruza. Niwamara kugenda, aba bantu bazokwigenza nka maraya mu kuja gusenga imana z’inyamahanga, imana zo muri iki gihugu bagira binjiremwo. Bazonta, barenge kw’isezerano nabagiriye. 17 Nanje uburake buzobaziriringira ndabate, ndabanyegeze mu nyonga hanje, kandi bazorandurwa. Ivyago vyinshi n’amagorwa menshi bizobashikako, kandi ico gihe bazovuga bati: ‘Ubwo ibi vyago ntibiriko bidushikako kuko Imana itari kumwe natwe?’ 18 Ico gihe nanje koko nzobanyegeza mu nyonga hanje kubera ikibi bazoba bakoze mu guhindukirira izindi mana bakazisenga.

19 None rero niwandike aya majambo y’iyi ndirimbo, uyibigishe bayiririmbe, kugira ngo izombere icabona ku bwoko bw’Abisirayeli. 20 Kuko ninamara kubazana mu gihugu gitemba amata n’ubuki, igihugu nasezeranishije indahiro ba sogokuruza, bazotunga, barye, bahage, bavyibuhe. Ariko bazohindukira, basenge izindi mana, bante, barenge isezerano ryanje. 21 Ivyago n’amagorwa nivyabashikako, iyi ndirimbo izobabera icabona, kuko ntizokwigera yibagirwa mu ruvyaro rwabo. N’imbere y’uko ndabashikana mu gihugu nabasezeraniye ndahiye, ndazi ivyo biteguriye kuzokora." 22 Maze Mose yandika iyo ndirimbo aca ayigisha Abisirayeli kuri uwo musi nyene.

23 Uhoraho abarira Yosuwa mwene Nuni ati: "Shikama ushire ubwoba, kuko ari wewe ugiye gushikana Abisirayeli mu gihugu nabasezeraniye ndahiye, kandi nanje ubwanje nzoba ndi kumwe nawe."

24 Mose amaze kwandika Ivyagezwe vyose mu gitabu, 25 aca aha icagezwe Abalewi barerura Isandugu y’Isezerano y’Uhoraho ati: 26 "Akira iki Gitabu c’Ivyagezwe mugishire i ruhande y’Isandugu y’Isezerano, ry’Uhoraho Imana yanyu. Kizokwame ngaho nk’icabona kuri mwebwe. 27 Kuko ndazi ko muri ubwoko bw’abagarariji n’intagondwa. Nimba mwagararije Uhoraho nkiri kumwe namwe, mbega ntimuzorushiriza kugarariza ninamara gupfa? 28 Nimunkoranirize abakuru b’imiryango yose hamwe n’abatware banyu kugira ngo aya majambo yose ndayavuge bumva, nongere ntore n’isi n’ijuru nk’ivyabona kuri bo. 29 Kuko nzi neza ko ninamara gupfa muzokwononekara, mukava mu nzira nabategetse gucamwo. Mu bihe bizoza, ivyago bizobagwako kuko muzoba mwakoze ibibi imbere y’Uhoraho, ibikorwa vy’amaboko yanyu bikamutera kuraka."

Indirimbo ya Mose

30 Maze Mose asubiramwo amajambo y’iyo ndirimbo n’ijwi ryumvikana, kuva ku ntango gushika ku mpera, ikoraniro ry’Abisirayeli ryose ryumva, ati:

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-18_14-04-22-