1 Nimwubaha Uhoraho Imana yanyu, n’imitima yanyu yose, mugakurikiza amabwirizwa yiwe ndabahaye uwu musi, Uhoraho Imana yanyu azobashira hejuru y’ayandi mahanga yose. 2 Nimwubaha Uhoraho Imana yanyu, ng’iyi imihezagiro izobakurikira:
3 Muzogira imihezagiro mu bisagara no mu matongo.
4 Abana banyu, imirima yanyu n’ibitungwa vyanyu bizohezagirwa.
5 Ibiseke vyanyu n’amato yanyu mucumbiramwo bizohezagirwa.
6 Muzohezagirwa amaja n’amaza.
7 Uhoraho azobaha kunesha abansi bazobahagurukira ngo babatere. Bazobatera bazananye inzira imwe, basubire inyuma bajanye inzira indwi.
8 Uhoraho azohezagira ibigega vyanyu, n’ibikorwa vy’amaboko yanyu vyose. Uhoraho Imana yanyu azohezagira igihugu abahaye.
9 Uhoraho azobagira ihanga ryera nk’uko yabisezeranishije indahiro, nimwakurikiza amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu, mukagendera mu nzira ziwe. 10 Ni ho ayandi mahanga yo kw’isi yose azomenya ko mwitirirwa Uhoraho, maze abatinye. 11 Uhoraho azobasesekariza ivyiza mu gihugu yarahiye ba sogokuruza ko azokibaha, abagwirize uruvyaro, ibitungwa n’ivyimburwa.
12 Uhoraho azobugururira ubutunzi bwiwe butangaje bwo mw’ijuru, abarungikire imvura igihe kibereye, ahezagire n’ibikorwa vy’amaboko yanyu. Amahanga azobasaba ingurane ariko mwebwe nta we muzosaba ingurane. 13 Uhoraho azobagira umutwe, ntazobagira umurizo. Nimwitondera amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu ndabahaye uwu musi, mukayakurikiza neza yose, muzokwama muri hejuru y’abandi, ntimuzigera muja musi yabo. 14 Ntihaze hagire ibwirizwa na rimwe mwirengagiza mu yo ndabahaye uno musi, canke ngo muhengamire i buryo canke i bubamfu, canke ngo mukurikire izindi mana canke ngo muzikorere.
15 Ariko nimutubaha Uhoraho Imana yanyu, ntimukurikize amabwirizwa n’amategeko ndabahaye uwu musi, ng’iyi imivumo izobakurikira:
16 Muzovumwa mu bisagara no mu matongo.
17 Ibiseke n’amato yanyu muganiramwo bizovumwa.
18 Abana banyu bazovumwa, imirima yanyu izovumwa, n’ibitungwa vyanyu bizovumwa.
19 Muzovumwa mugenda, muvumwe mugaruka.
20 Uhoraho azobarungikira umuvumo, abatere kuzazanirwa, avume igikorwa cose muzokora kugeza murandurwe mugahera kubera ikibi muzoba mwakoze mu kumuvako. 21 Uhoraho azobarungikamwo icago c’ingwara gushika mutikiriye mu gihugu mugiye kwinjiramwo ngo mucegukire. 22 Uhoraho azobakubitisha ingwara yo kubora mu magufa, ibatere umururumbo n’ibiturika, mugende mwuma mu magara, uruzuba n’ubugaragwa, ururyi no kurumvya bizobahwikira kugeza muherengeteye. 23 Hejuru yanyu, ijuru rizobamerera nk’ubutare bwitwa umuringa, isi na yo musi y’ibirenge vyanyu ibamerere nk’icuma. 24 Uhoraho azorungika umusenyi n’umukungugu mu gishingo c’imvura, bizogwa gushika murandutse.
25 Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu. Muzobatera mujanye inzira imwe, mubahunge muciye mu nzira indwi. Muzoba muri ibicibwa imbere y’ubwami bwose bwo kw’isi. 26 Imivyimba yanyu izoba inyama z’ibisiga vyo mu kirere n’iz’ibikoko vyo kw’isi, kandi nta n’uwuzovyamira. 27 Uhoraho azobateza ibihute nk’ivyo yateje Egiputa, abatere ibivyimba, ibisebe n’urukushi bidakira. 28 Uhoraho azobababarisha ibisazi, ubuhumyi, n’ukuzazanirwa mu bwenge bwanyu. 29 Ku murango muzozimagirika nk’impumyi yama mu mwijima. Ivyo muzokora vyose nta na kimwe kizogenda neza, muzocinyizwa umusi ku wundi, musahurwe utwanyu ata gitabara.
30 Muzokwa abageni, ariko batwarwe n’abandi, babarongore ku nguvu. Muzokwubaka amazu, ariko ntimuzoyabamwo. Muzotera inzabibu, ariko ntimuzorya ivyamwa vyazo. 31 Inka zanyu zizobagirwa mu maso yanyu, ariko nta n’imwe muzoryako. Indogoba zanyu muzozakwa ku nguvu kandi ntimuzozisubizwa. Intama zanyu zizohabwa abansi banyu, kandi nta wuzobatabara. 32 Abahungu banyu n’abakobwa banyu bazotwarwa mu mahanga nk’abaja, kandi amaso yanyu azokoboka muriko mubiraba umusi ku wundi, ata co mushobora gukora. 33 Abantu mutigeze mumenya bazorya ivyimburwa mwabiriye akuya, kandi nta co muzohembwa atari agacinyizo katavugwa ukubaho kwanyu kwose. 34 Ivyo muzobonesha amaso yanyu bizobatera gusara. 35 Uhoraho azobateza ibihute bidakira ku mavi no ku maguru, bizova mu bworo bw’ikirenge bishike ku mutwe.
36 Uhoraho azobirukanana n’umwami mwiyimikiye, muje mu gihugu na ba sogokuruza banyu batigeze bamenya. Ni ho muzosengera imana zibajwe mu biti no mu mabuye. 37 Muzoba nk’ibicibwa, mucike umugani, mushinyagurizwe n’amahanga Uhoraho azoba yabashwiragirijemwo.
38 Muzobiba vyinshi mwimbure bike kuko inzige zizoba zabiriye. 39 Muzotera imizabibu muyibagarire ariko ntimuzonywa umuvinyu, nta n’inzabibu muzosoroma kuko inyo zizoba zaziriye. 40 Igihugu canyu kizoba cuzuye ibiti vy’imyelayo, ariko ntimuzigera mukoresha amavuta, kuko imyelayo izoba yarahungurutse. 41 Muzovyara abahungu n’abakobwa ariko ntimuzobarera, kuko bazoca batwarwa mu buja. 42 Inzige zizotikiza ibiti vyose vyo mu gihugu canyu.
43 Abanyamahanga baba muri mwebwe bazogenda bashirwa hejuru, namwe mugende mucishwa bugufi. 44 Bazobagurana, ariko mwebwe ntimuzobagurana. Bazoba umutwe, namwe mube umurizo.
45 Iyi mivumo yose izobashikako. Izobakurikirana ibafate, gushika muherengeteye, kuko muzoba mutubashe Uhoraho Imana yanyu, ntimukurikize amabwirizwa n’amategeko yabahaye. 46 Izoba ibitangaza n’utwumiza kuri mwebwe no ku ruvyaro rwanyu. 47 Kuko mutazoba mwakoreye Uhoraho Imana yanyu munezerewe n’imitima ibikunze mugifise umusesekara mu gihe c’iterambere, 48 ni co gituma muzokorera abansi Uhoraho azobarungikira kubagwanya mufise inzara, inyota, mwambaye ubusa, muri mu bukene butavugwa. Bazobashira mu buja kugeza babaranduye.
49 Uhoraho azobagomorerako ihanga ribatere rivuye kure, ku mpera y’isi, baze nk’inkukuma yirasa kw’isi gufata ico irya, ihanga rivuga ururimi mutazi, 50 ihanga riteye ubwoba, ritubaha uwushaje canke ngo rigirire impuhwe uwukiri muto. 51 Bazorya ibitungwa vyanyu n’ibiterwa vyanyu gushika muherengeteye. Nta ngano bazobasigira, nta muvinyu musha canke amavuta ya Elayo, nta nyana z’ibitungwa canke imyagazi y’imikuku yanyu gushika biherengeteye vyose. 52 Bazokwugariza ibisagara vyo mu gihugu canyu, gushika aho n’inzitiro zikomeye mwishimiye zihomvokera hasi. Bazokwugariza ibisagara vyose vyo mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye.
53 Kubera imibabaro abansi banyu bazobateza mu gihe co kwugarizwa, muzorya abana banyu, murye inyama z’abahungu n’abakobwa Uhoraho Imana yanyu azoba yarabahaye. 54 N’umugabo w’inyankamugayo wo muri mwebwe ntazogirira imbabazi mwenewabo canke umugore wiwe akunda, canke abana biwe, 55 ntazobahako na gatoya ku nyama z’abana biwe azoba ariko ararya. Nta kindi azoba asigaranye, kubera amagorwa abansi banyu bazoba babateye mu gihe bazoba bugarije ibisagara vyanyu vyose. 56 Umugore w’umutima kandi w’inyankamugayo rwose muri mwebwe, ku buryo yiyubara no gukandagira kw’isi azogunga umugabo yakunda n’umuhungu wiwe n’umukobwa wiwe 57 abime ku ngovyi y’abana avyaye, kuko azoba agomba kuyirya wenyene yinyegeje mu gihe muzoba muri mu mibabaro abansi banyu bazobateza mu kwugariza ibisagara vyanyu.
58 Nimutakurikiza amajambo yose y’ibi Vyagezwe, yanditswe muri iki gitabu, kandi ngo mwubahe iri zina ryiwe ryiza kandi rihambaye ari ryo Uhoraho Imana yanyu, 59 Uhoraho azorungika ivyago biteye ubwoba kuri mwebwe no ku ruvyaro rwanyu. Ivyo vyago bizoba bikomeye, mubure agahengekerezo, mugwaye ingwara zidakira. 60 Azobateza za ngwara zo muri Egiputa mwatinya, kandi zizobomako. 61 Uhoraho azobashitsako n’ingwara n’ivyago bindi bitanditswe muri iki Gitabu c’Ivyagezwe, gushika muherengeteye. 62 Naho mwagwiriye mukangana n’inyenyeri zo kw’ijuru, muzosigara muri inkehwa, kuko mwanse kwubaha Uhoraho Imana yanyu.
63 Nk’uko Uhoraho vyamuhimbara kubateza imbere no kubagwiza, ni ko bizomuhimbara kubakokora no kubarandura. Muzorandurwa mu gihugu mugiye kwinjiramwo ngo mucegukire.
64 Uhoraho azobasanzaza mu mahanga yose, uhereye ku mpera imwe y’isi ugashitsa ku yindi. Ni ho muzosenga imana zabajwe mu biti no mu mabuye, izo mwe na ba sogokuruza banyu mutigeze mubona. 65 Muri ayo mahanga ntimuzigera muronka akaruhuko, canke aho mushinga ikirenge mutekaniwe. Aho muzoba muri muri ayo mahanga, Uhoraho azobateza guhagarika imitima, amaso yanyu ajemwo uruhumyi, imitima yanyu idendebukirwe. 66 Ubuzima bwanyu buzomera nk’aho ata bwo mugira, mwame mwuzuye ubwoba bw’urupfu ku murango no mw’ijoro, mwumva ko ata cizere ca kazoza mufise. 67 Mu gatondo muzovuga muti: ‘Ese twobona burije!’ Mw’ijoro na ho muvuge muti: ‘Ese twobona burakeye!’ Kuko muzoterwa ubwoba n’ivyo amaso yanyu azobona. 68 Uhoraho azobasubiza muri Egiputa muri mu bwato, urugendo nabihanikirije nti ntimuzosubire kurufata. Ni ho muzokwidandaza mwebwe nyene ku bansi banyu nk’abagurano n’abaguranokazi, ariko nta n’umwe azobagura."