Publicidade

Deuteronômio 22

1 Niwasanga inka canke intama y’umubanyi iriko irayerera mu gahinga, ntuze uyirengagize, uzoyigarure uyimucurire. 2 Nyeneyo nataba aba hafi canke ukaba utamumenye, uzoyicure i muhira iwawe uyimubikire gushika aje kuyirondera, nawe uzoheze uyimuhe. 3 Muze mubikore ukwo no ku ndogoba yazimiye, umutamana wazimiye canke ikindi kintu cose cazimiye. Ntimuze muvyirengagize.

4 Niwasanga indogoba canke ishuri ya mwenewanyu yaguye ku nzira, ntuze uyirengagize, uze umufashe kuyivyura.

5 Umugore ntaze yambare ivyambarwa vy’igitsina gabo, kandi n’umugabo ntaze yambare ivyambarwa vy’igitsina gore. Uwukora ivyo aba akoze ikizira k’Uhoraho Imana yanyu.

6 Nimwasanga icari c’inyoni ku giti, i ruhande y’inzira canke hasi, mugasanga nyina ibundikiriye abana canke amagi, ntimuzotwarane nyina n’abana. 7 Muzotware abana gusa, nyina muyireke, kugira ngo ivyanyu bizogende neza mukaramba.

8 Nimwubaka inzu nshasha, muzoyubakire agahome kayizunguruka ko hejuru kuri yo ko gutangira uwokoroka kugira ngo iyo nzu ntizoharurweko icaha co gusesa amaraso hagize uwukoroka avuye hejuru.

9 Ntimuze mutere ubwoko bubiri bw’imbuto mu ruzabibu rwanyu; nimwabikora, ntimuzoba muhumanije umurima gusa, ariko n’ivyamwa vyarwo na vyo bizoba bihumanye.

10 Ntimuzorimishe inka isangiye ingogo n’indogoba.

11 Ntimuzokwambare impuzu zikozwe mu nyuzi z’ubwoko bubiri butandukanye.

12 Umutamana wo kwipfuka muzowushireko ubushenza ku mitwe ine yawo.

Ukutubahiriza ivyo kwabirana

13 Nihagira umugabo yabira umugore, amaze kuryamana na we akumva aramwanse, 14 akamumaramaza mu bantu amwagiriza ko yigenjeje nabi, akavuga ati: "Igihe narongora uwu mugore nasanze ata bimenyetso vyerekana ko atigeze aryamana n’umugabo afise," 15 abavyeyi b’uwo mugore baze bashire abakuru b’ico gisagara ivyemeza ko uwo mugore atigeze aryamana n’uwundi mugabo. 16 Se w’uwo mugore azobwire abatware ati: "Uwu mugabo namuhaye umukobwa wanje ngo abe umugore wiwe, ariko ubu aramwanse. 17 Yamumaramaje avuga ati: ‘Nasanze umukobwa wanyu atagifise ibimenyetso vyerekana ko atigeze aryamana n’uwundi mugabo.’ Ariko ng’ibi ibimenyetso bigaragaza ko umukobwa wacu atigeze aryamana n’uwundi mugabo." Abo bavyeyi bazokwerekane impuzu yiwe imbere y’abakuru b’igisagara. 18 Maze abo batware b’igisagara bazoce bafata uwo mugabo bamuhane. 19 Baze bamucire igihano co gutanga shekeli ijana z’ifeza azihe se w’umugore, kuko yamaramaje umukobwa w’Umwisirayelikazi. Azogume ari umugore wiwe, ntibaze bigere bahukana ubuzima bwabo bwose.

20 Ariko nibasanga ivyo umugabo avuga ari ukuri, umugore akabura ivyemeza ko yari isugi, 21 azojanwe ku muryango w’inzu ya se, maze abagabo bose bo muri ico gisagara bazoce bamwicisha amabuye. Azoba yakoze ikizira mu Bisirayeli mu gusambana akiba mu nzu kwa se. Mutegerezwa gukura ikibi muri mwebwe.

22 Umugabo azofatwa aryamanye n’umugore atari uwiwe, azokwicanwe n’uwo mugore basambanye. Mutegerezwa gukura ikibi muri Isirayeli.

23 Nihagira umugabo ahurira mu gisagara n’inkumi ikowe, hanyuma agasambana na yo, 24 muzobatware bose kw’irembo ry’igisagara, mubicishe amabuye. Umugore aze yicwe kuko atakomye induru ngo atabaze kandi yari mu gisagara, umugabo na we aze yicwe kuko yafashe ku nguvu umukobwa w’abandi. Mutegerezwa gukura ikibi muri mwebwe.

25 Ariko umugabo azohura n’umukobwa akowe n’uwundi ahandi atari mu gisagara akamufata ku nguvu, uwo mugabo azoba yakoze ivyo azokwicwe wenyene. 26 Uwo mukobwa ntihaze hagire ico mumugira, kuko ata caha azoba yakoze cotuma yicwa. Bizobe nka kurya kw’umuntu yishe mugenziwe ata co amuziza, 27 kuko uwo mugabo azoba yasanze inkumi mu gahinga akayifata ku nguvu, naho yoba yarakomye induru ntiyashobora kuronka uwumutabara.

28 Nihagira umugabo ahura n’inkumi idakowe, akayifata ku nguvu hanyuma bagafatwa, 29 uwo mugabo azohanishwe igihano co gutanga shekeli mirongo itanu z’ifeza azihe se. Hanyuma ategerezwa kumurongora abe umugore wiwe, kuko yamusambanije ku nguvu. Kandi ntaze yigere avana na we igihe cose azoba akiriho.

30 Ntihazogire umugabo yabira umugore wa se, kuko azoba ahumanije uburiri bwa se.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-