1 None rero yemwe Bisirayeli, mwumvirize amabwirizwa n’ivyagezwe ngira ndabigishe. Muyakurikize kugira ngo mubone kubaho, mwinjire mu gihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza ibahaye, mugifate kibe inyegu yanyu. 2 Ntihagire ico muzokwongera ku vyo ndababwira, kandi ntihagire n’ico muzokurako, ariko mukurikize ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu ngira ndabahe.
3 Mwariboneye n’amaso yanyu ivyo Uhoraho yakoze kubera Bayali-Peyori. Uhoraho yatikije abo muri mwebwe basenze Bayali, imana y’i Peyori. 4 Ariko mwese abagumye k’Uhoraho Imana yanyu muracariho gushika n’uwu musi.
5 Raba, nabigishije amabwirizwa n’ivyagezwe nk’uko Uhoraho Imana yanje yari yabintegetse, kugira ngo muzobikurikize nimwashika mu gihugu mugira mwinjire ngo mugifate kibe inyegu yanyu. 6 Muzobikurikize vyose kandi muvyitondere, kuko ni vyo bizokwerekana ubwenge bwanyu n’ugutahura kwanyu mu yandi mahanga kuko azokwumva ivyerekeye ivyo vyagezwe akavuga ati: "Koko rino hanga ni iry’abantu b’ubwenge kandi batahura." 7 Mbega hari irindi hanga rihambaye, rifise imana ziba hafi yaryo nk’uko Uhoraho Imana yacu aba hafi yacu igihe cose tumusenze? 8 Kandi hari ihanga ririho rihambaye, mu kuba rifise amabwirizwa n’Ivyagezwe bigororotse nk’ivyo ndiko ndabashira imbere uno musi?
9 Ariko mubibere maso, kandi mwiyubare ntimuzokwibagire ivyo amaso yanyu yabonye, canke ngo mubireke bive mu mitima yanyu ubuzima bwanyu bwose. Muzovyigishe abana banyu n’abuzukuru banyu. 10 Ntimuzokwibagire igihe mwahagarara imbere y’Uhoraho Imana yanyu ku musozi Horebu, maze Imana ikambarira iti: "Koraniriza abantu bose imbere yanje kugira ngo bumve amajambo yanje hanyuma bige kunyubaha igihe cose co kubaho kwabo muri ico gihugu kandi bazoshobore kuvyigisha abana babo." 11 Mwibuke ko mwegereye mugahagarara ku ntango y’uwo musozi mu gihe imbeya zarabagiza ziduga hejuru cane mw’ijuru, hari igicu cirabura cane n’umwijima mwinshi bikawutwikira. 12 Uhoraho yavuganye namwe ari muri uwo muriro. Mwarumvise ijwi ry’amajambo yiwe ariko ntimwigeze mumubona. Humvikana ijwi gusa. 13 Yabahaye isezerano, ari yo mabwirizwa icumi, ayo yabategetse gukurikiza, akanayandika ku bisate bibiri vy’amabuye. 14 Uhoraho yantegetse kubigisha amabwirizwa n’ivyagezwe kugira ngo muze mubikurikize nimwashika mu gihugu mugiye kwegukira kikaba icanyu, mumaze kujabuka Yorodani.
15 Muze mwirinde! Nta shusho y’ikintu na kimwe mwabonye umusi Uhoraho yavuganira namwe ku musozi Horebu ari mu muriro. Rero muze mwirinde cane, 16 ntimuzokwiyononeshe ikintu na kimwe, kandi ntihazogire ikigirwamana na kimwe mwikorera, caba mw’ishusho y’umugabo canke mw’ishusho y’umugore, 17 caba mw’ishusho y’igikoko co kw’isi canke y’inyoni zo mu kirere, 18 caba mw’ishusho y’igikwega inda hasi canke y’ifi yo mu kiyaga. 19 Kandi nimwarangamiza mu kirere mukabona izuba, ukwezi canke inyenyeri, iryo sinzi ry’ivyo kw’ijuru, ntimuze mupfukame ngo musenge ibintu Uhoraho Imana yanyu yashiriyeho amahanga yose ari musi y’ijuru. 20 Ariko mweho, Uhoraho yarabateruye abakura mw’itanure ry’umuriro rivugutira ivyuma ari ryo Egiputa kugira ngo abagire abantu biwe, inyegu yiharije, nk’uko muri uno musi.
21 Uhoraho yarandakiye kubera mwebwe, arandahira avyeruye ko ntazojabuka Yorodani ngo ninjire mu gihugu ciza Uhoraho Imana yanyu abahaye ngo kibe inyegu yanyu. 22 Nzopfira muri kino gihugu, sinzojabuka Yorodani. Ariko mwebwe muzojabuka mufate ico gihugu ciza kibe icanyu. 23 None rero mwirinde, ntimuzokwibagire isezerano Uhoraho Imana yanyu yagiranye namwe, ntimuze mukore ikigirwamana na kimwe mw’ishusho y’ikintu na kimwe Uhoraho Imana yababujije. 24 Kuko Uhoraho Imana yanyu ari umuriro utongora, akaba n’Imana ipfuha.
25 Nimwamara kuvyara abana mukaronka n’abuzukuru, mukaba muri ico gihugu imyaka myinshi, hanyuma mukononekara, mukibazira ibigirwamana, mugakora ibitabereye mu nyonga z’Uhoraho Imana yanyu, mukayitera kuraka, 26 ntoye ijuru n’isi ngo bimbere ivyabona uwu musi, ko muzohonera mu gihugu mugiye kwegukira hakurya ya Yorodani ngo kibe icanyu. Ntimuzokirambiramwo, ahubwo nta kabuza muzorandurwa. 27 Uhoraho azobasanzaza mu mahanga, kandi bake muri mwebwe ni bo bazorokokera muri ayo mahanga Uhoraho azobasanzarizamwo. 28 Muri ayo mahanga muzosenga imana zakozwe n’amaboko y’abantu, izo babaje mu biti no mu mabuye, zitabona, zitumva, zitarya canke ngo zimoterwe. 29 Ariko nimwaharonderera Uhoraho Imana yanyu, muzomubona nimwamuronderana imitima n’imishaha yanyu yose. 30 Nimwaba mu mibabaro, ayo magorwa yose akabashikira, hazogera igihe mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu mumwubahe. 31 Kuko Uhoraho Imana yanyu ari Imana y’imbabazi, ntizobaheba canke ngo ibatikize, canke ngo yibagire isezerano yagiranye na ba sogokuruza, iryo yashimangiye n’indahiro yayo.
32 Murabaza muhereye ku vyabaye muri kahise, ivyabaye mutarabaho, muhereye igihe Imana yarema umuntu kw’isi gushitsa n’ubu, mubaze muhereye ku ntango y’ijuru mugashitsa ku mpera yaryo. Mbega hari ikintu gihambaye nk’ico cari bwaboneke canke ngo mucumve? 33 Mbega hari irindi hanga rirumva ijwi ry’Imana ivugira mu muriro, nk’uko mwaryiyumviye, kandi mukabaho? 34 Mbega hari iyindi mana yoba yaragerageje kwikurira ihanga rimwe mu rindi no kuryihariza, ikoresheje ibimenyetso, ibitangaza n’utwumiza hamwe n’intambara; ikoresheje kandi ukuboko kwayo kw’inkomezi kandi kuramvuye, canke mu gukora ibikorwa bihambaye nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yakoreye mu maso yanyu mu gihugu ca Egiputa?
35 Ivyo vyose mwavyeretswe kugira ngo mumenye ko Uhoraho ari we Mana wenyene, kandi ko ata yindi iriho. 36 Yabumvishije ijwi ryayo iri mw’ijuru kugira ngo ibigishe. Yaberetse umuriro uhambaye, mwumva n’amajambo yayo ava muri uwo muriro. 37 Kuko yakunze ba sogokuruza, igatoranya uruvyaro rwabo, ikabakuza muri Egiputa, ukugaragara kwayo n’ububasha bwayo bukomeye, 38 yirukana imbere yanyu amahanga manini kandi akomeye kubarusha, ibashikana mu gihugu cabo, irakibaha muracegukira nk’uko biri uno musi.
39 Nuko rero mwame mwibuka mu mitima yanyu ko Uhoraho ari we Mana hejuru mw’ijuru no hasi kw’isi, kandi ko ata yindi Mana iriho. 40 Muzokurikize amabwirizwa n’ivyagezwe vyayo, ivyo ndabahaye uwu musi, kugira ngo ivyanyu n’ivy’uruvyaro rwanyu bizogende neza, muzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye ngo kizobe icanyu ibihe vyose.
41 Nuko Mose atoranya ibisagara bitatu vyo hakurya ya Yorodani, 42 ivyo uwuzokwica umuntu wese azohungiramwo, iyo yishe umubanyi wiwe akaba abikoze atabishaka, atahora amuhigira canke ngo abe yahora amufitiye urwanko. Azohungira mu gisagara kimwe muri ivyo bitatu. 43 Ivyo bisagara vyari ibi: Bezeri co mu bugaragwa mu misozi migufimigufi ku bantu bo mu muryango wa Reyubeni, Ramoti c’i Gileyadi ku bantu bo mu muryango wa Gadi, hamwe na Golani c’i Bashani ku bantu bo mu muryango wa Manase.
44 Ibi ni vyo vyagezwe Mose yahaye Abisirayeli. 45 Ng’ibi ivyashinzwe, amabwirizwa n’ivyagezwe Mose yahaye Abisirayeli igihe bari bavuye muri Egiputa, 46 igihe bari bacumbitse mu kiyaya ca Beti-Peyori hakurya ya Yorodani, mu gihugu cahoze gitwarwa na Sihoni umwami w’Abamori, yaba i Heshiboni, yaneshejwe na Mose afadikanije n’Abisirayeli igihe bari bavuye muri Egiputa. 47 Begukiye igihugu ciwe hamwe n’igihugu catwarwa na Ogi, umwami w’i Bashani; abami babiri b’Abamori baba hakurya ya Yorodani. 48 Ivyo bihugu vyava ahitwa Aroweri no ku nkengera z’akuzi Arunoni bigashika ku musozi Siyoni, ari wo Herumoni, 49 bafata na Araba hakurya ya Yorodani, gushika ku Kiyaga c’Umunyu co mu kiyaya Araba, ku ntango z’umuzosi Pisiga.