1 Hanyuma twarahindukiye dufata inzira iduga ija i Bashani, maze Ogi umwami w’i Bashani n’ingabo ziwe zose baza kudutegera kugira ngo tugwanire ahitwa Edireyi. 2 Uhoraho arambarira ati: "Ntimumutinye kuko namutanze mu maboko yanyu, we n’ingabo ziwe zose n’igihugu ciwe. Muze mumukorere nk’ivyo mwakoreye Sihoni umwami w’Abamori, yaganza i Heshiboni."
3 Nuko Uhoraho Imana yacu aduha intsinzi kuri Ogi umwami w’i Bashani no ku ngabo ziwe zose. Twarabatikije ntitwasigaza n’umuntu n’umwe. 4 Ico gihe twafashe ibisagara vyiwe vyose. Mu bisagara mirongo itandatu bari bafise nta na kimwe tutabanyaze, mu ntara yose ya Arugobu, mu bwami bwa Ogi i Bashani. 5 Ivyo bisagara vyose vyari bikingiwe n’inzitiro ndende z’ibihome hamwe n’inzugi zikomeye n’ivyugazo vyazo, hakaba kandi hariho n’imihana myinshi itagira inzitiro. 6 Bose twarabatikije nk’uko twabigize kuri Sihoni umwami w’i Heshiboni, tugatikiza ibisagara vyose n’ababibamwo: abagabo, abagore n’abana. 7 Ariko ibitungwa vyabo n’ivyo twanyaze mu bisagara vyabo twarabitwaye biba ivyacu.
8 Nuko dufata ibihugu vy’abo bami babiri b’Abamori baba mu buseruko bwa Yorodani, uhereye ku kagezi ka Arunoni ugashika kure ku musozi Herumoni. 9 Abanyesidoni uwo musozi Herumoni bawita Siriyoni, Abamori na bo bakawita Seniri. 10 Twafashe ibisagara biri mu biyaya vyose, dufata n’intara ya Gileyadi yose, dufata n’i Bashani hose gushika kure ahitwa Saleka na Edireyi, ibisagara vy’umwami Ogi w’i Bashani. 11 Umwami Ogi w’i Bashani ni we wenyene yari agisigaye mu Barefayimu. Uburiri bwiwe bwari bukozwe mu vyuma, bukagira ingero z’igice c’ukuboko icenda z’uburebure n’ingero z’igice c’ukuboko zine z’ubwaguke. Buracari i Raba ho mu Bamoni gushika n’ubu.
12 Mu ntara twegukiye ico gihe, umuryango wa Reyubeni n’uwa Gadi ni yo nahaye intara y’amaja ruguru ya Aroweri, uciye ku kagezi ka Arunoni, ugashiramwo n’igice c’intara irimwo imisozi miremire y’i Gileyadi, hamwe n’ibisagara vyaho. 13 Igice ca Gileyadi cari gisigaye hamwe n’intara yose ya Bashani, ari bwo bwami bwa Ogi, nahahaye igice c’umuryango wa Manase. (Iyo ntara yose y’i Arugobu i Bashani kera yari izwi nk’intara y’Abarefayimu. 14 Yayiro, wo mu ruvyaro rwa Manase, afata intara yose ya Arugobu, ari ho hitwa Bashani, gushika ku rubibe rw’Abageshuri n’Abamayaka; yaciye imwitirirwa, ni co gituma gushika n’ubu yitwa Havoti Yayiro.) 15 Gileyadi nahahaye umuryango wa Makiri. 16 Ariko, imiryango ya Reyubeni n’iya Gadi nayihaye intara iva i Gileyadi, ikamanuka igashika ku kagezi k’uruzi Arunoni (nko hagati y’ako kagezi ni ho hari urubibe), kandi hirya ku ruzi Yaboki ni ho hari urubibe rw’Abamoni. 17 Urubibe rwabo rwo mu burengero ni uruzi Yorodani mu kiyaya Araba, uvuye i Kinereti gushika ku kiyaga Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu, ukamanuka hepfo y’umusozi Pisiga mu buseruko.
18 Ico gihe nabahaye itegeko nti: "Uhoraho Imana yanyu yabahaye iki gihugu ngo mucegukire. Ariko abagabo bose bashobora kuja mu ntambara ni bo bazobanza kujabuka Yorodani imbere y’Abisirayeli bandi. 19 Ariko abagore n’abana banyu, n’ibitungwa vyanyu, biboneka ko ari vyinshi, bigume mu bisagara nabahaye, 20 gushika Uhoraho atanze impore mu bandi Bisirayeli bose nk’uko namwe yayibahaye, na bo bakegukira igihugu Uhoraho Imana yanyu ibahaye hakurya ya Yorodani. Inyuma y’aho, umwumwe wese muri mwebwe arashobora gusubira mu mugabane namuhaye."
21 Ico gihe nategetse Yosuwa nti: "Wariboneye n’amaso yawe ivyo Uhoraho yakoreye ba bami babiri. Uhoraho Imana yanyu azobigenza gutyo no ku bundi bwami bwose buri iyo mugiye. 22 Ntimuzobatinye; Uhoraho Imana yanyu azobagwanira."
23 Ico gihe narasenze Uhoraho, ndamwinginga nti: 24 "Ewe Uhoraho Nyeninganji, weretse abasavyi bawe ubukuru bwawe n’inkomezi z’ukuboko kwawe. Mbega ni iyihe Mana yindi mw’ijuru no mw’isi yokora ibikorwa bihambaye nk’ivyo ukora? 25 Ndeka njabuke nshike hakurya mbone ubwiza bwa kiriya gihugu co hakurya ya Yorodani, kirya gihugu ciza c’imisozi miremire hamwe na Libani."
26 Ariko kubera mwebwe Uhoraho yari yarandakiye, ntiyemera no kunyumviriza. Yavuze ati: "Geza aho, ivyo birakwiye. Singomba kuzosubira kukwumva umbarira ikintu na kimwe kuri ivyo. 27 Haguruka uduge ku musozi Pisiga, urabe mu burengero, mu buraruko, mu buseruko no mu bumanuko, wihweze ico gihugu n’amaso yawe, kuko utazojabuka Yorodani. 28 Ariko tegura Yosuwa, umutere intege kandi umukomeze, kuko ari we azorongora aba bantu, akabajabukana Yorodani akabafasha kwegukira ico gihugu uzobona." 29 Duca tuguma mu kiyaya kiri hafi ya Beti-Peyori.