Publicidade

Deuteronômio 33

Mose ahezagira imiryango

1 Uwu ni wo muhezagiro umuntu w’Imana Mose yahezagiye Abisirayeli imbere y’urupfu rwiwe. 2 Yavuze ati:

"Uhoraho yazananye i Sinayi,

abarasira ari i Seyiri;

yabakayanganiye ari ku musozi Parani.

Yazananye n’ibihumbi cumi vy’abera,

kandi imiriro ari vyo vyagezwe yava mu kuboko kwiwe kw’i buryo.

3 Ni ivy’ukuri urakunda abantu bawe;

abera bose bari mu biganza vyawe.

Bose bikubita ku birenge vyawe,

bakumva amajambo avuye kuri wewe,

4 ari vyo Vyagezwe Mose yaduhaye,

iragi ridasanzwe ku bwoko bwa Yakobo.

5 Uhoraho yari Umwami muri Yeshuruni

igihe abatware bari bakoranye,

imiryango yose y’Abisirayeli ikoraniye hamwe.

6 Ab’umuryango wa Reyubeni baragahoraho ntibagapfe,

abiwe ntibakabe bake."

7 Ku muryango wa Yuda, Mose yavuze ati:

"Uhoraho we, wumve amarira ya Yuda,

umusubize mu bwoko bwiwe.

Bahe inkomezi zo kwigwanira,

ubashoboze kugwanya abansi babo."

8 Abalewi Mose yabavuzeko ati:

"Tumimu na Urimu zawe

wazihaye Lewi umukozi wawe w’umwizigirwa.

Wamugeragereje i Masa,

utonganira na we ku mazi y’i Meriba.

9 Abalewi bumviye ijambo ryawe,

bazigama isezerano ryawe.

Bakurutishije abavyeyi babo,

birengagije incuti zabo,

ntibitaho abana babo.

10 Bazokwigisha Yakobo amabwirizwa yawe,

na Isirayeli bayigishe Ivyagezwe vyawe.

Bashikana imibavu imbere yawe,

n’ibimazi bituriwe ku gicaniro cawe.

11 Hezagira ibikorwa vyabo, yewe Uhoraho,

ushime ibikorwa vy’amaboko yabo.

Vunagura amafyigo y’abansi babo,

usiribange ababagwanya ntibasubire kuvyura umutwe."

12 Ku muryango wa Benyamini Mose yavuze ati:

"Uwo Uhoraho akunda namuruhukireko atekanirwe,

kuko amukingira ibihe vyose,

kandi uwo Uhoraho akunda, amuhe kuruhukira mu gikiriza ciwe."

13 Ku ba Yosefu yavuze ati:

"Uhoraho ahezagire igihugu ciwe,

agihezagize ikime kiva kw’ijuru,

n’amazi ava mw’isi i kuzimu.

14 Abahezagize ivyamwa vyiza vyezwa n’izuba,

n’ivyamwa vyera uko ukwezi guheze.

15 Abahe ivyimburwa vyo mu misozi ya kera,

n’ivyo mu mitumba yamyeho,

16 bazogire imigisha yose yo kw’isi mu kunengesera kwayo

n’ubuntu bw’iyari mu gisaka caka umuriro.

Iyo migisha yose izobe ku mutwe wa Yosefu,

isharize urugori rw’umuganwa muri benewabo.

17 Afise igihagararo nk’ic’impfizi nkuru,

amahembe yiwe ameze nk’ay’impfizi y’imbogo.

Ni yo azocumitisha amahanga,

gushika no ku yari ku mpera y’isi.

Abo ni ibihumbi cumi vy’Abefurayimu,

n’ibihumbi vy’abo kwa Manase."

18 Kuri Zebuloni na Isakari yavuze ati:

"Nezerwa Zebuloni mu ngendo zawe,

nawe Isakari, uhimbarwe mu mahema yawe.

19 Bazokoranya abantu ku musozi,

banahashikanire ibimazi vy’ukugororoka;

bazonezererwa umusesekara wo mu biyaga,

n’itunga rihishijwe mu musenyi."

20 Ku muryango wa Gadi yavuze ati:

"Arahezagiwe uwagura intara ya Gadi.

Gadi azohabunda nk’intambwe y’ingore,

itantamura igitugu canke umutwe.

21 Abagadi bitoreye intara nziza,

umugabane w’umurongozi watwawe na bo.

Igihe abatware bari bakoraniye hamwe,

Gadi yakoze ivyo kugororoka kw’Uhoraho,

yitondera n’ivyagezwe ku bwa Isirayeli."

22 Ku muryango wa Dani Mose yavuze ati:

"Dani ni icana c’intambwe,

gisimvye kivuye i Bashani."

23 Ku muryango wa Nafutali, Mose yavuze ati:

"Ewe Nafutali, wuzuye ubuntu bw’Uhoraho n’imihezagiro yiwe.

Uzokwegukira ikiyaga n’igice c’ubumanuko."

24 Kuri Asheri, yavuze ati:

"Asheri arahezagiwe gusumba abandi benewabo bose;

niyubahwe na benewabo,

ibirenge vyiwe vyoge mu mavuta ya elayo.

25 Amarembo y’ibisagara vyiwe yugazwe ivyuma n’imiringa,

yamane inkomezi imyaka y’ukubaho kwiwe yose.

26 Nta wuhwanye n’Imana yawe, yewe Yeshuruni,

itambuka amajuru ije kugukiza,

ikamanukana n’ibicu mu bwiza bwayo.

27 Uhoraho Imana ni we buhungiro bwawe,

akureruye mu biganza vyiwe ibihe vyose.

Azokwirukana abansi bawe

imbere y’uko uvuga uti: ‘Barandure!’

28 Maze Isirayeli kizoheza kibe impore.

Uruvyaro rwa Yakobo ruzoba amahoro,

mu gihugu c’ingano n’umuvinyu mushasha,

aho ijuru ritanga urume.

29 Urahezagiwe, yewe Isirayeli!

Ni nde ameze nkawe,

ubwoko bwakijijwe n’Uhoraho?

Uhoraho ni we nkinzo yawe,

ni we nkota yawe y’intsinzi.

Abansi bawe bazoza bajugumira imbere yawe,

nawe uzobahonyora ku gakanu."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-