1 Nihagira umuvugishwa canke umuntu asobanura indoto ahaguruka muri mwebwe akababwira ibizoba, agatanga ibimenyetso canke ibitangaza, 2 hanyuma vya bitangaza bishitse akababwira ati: "Nimuze dukurikire izindi mana tuzikorere," ababwira imana mutari muzi, 3 ntimuzokwumvirize amajambo y’uwo muvugishwa canke uwo murosi. Uhoraho Imana yanyu azoba ariko arabagerageza ngo arabe ko mumukunda n’imitima yanyu yose, n’imishaha yanyu yose. 4 Uhoraho Imana yanyu ni we wenyene wo gukurikira, kandi ni we wo gutinywa bifatanije no kwubahwa. Mukurikize amabwirizwa yiwe, mwongere mumwubahe, mumukorere, mwongere mumwumireko. 5 Uwo muvugishwa canke uwo murosi azokwicwe, kuko azoba ariko arabigisha kugarariza Uhoraho Imana yanyu, yabakuye muri Egiputa, abarokoye mu buja. Kuko bazoba bariko barabakura mu nzira z’Uhoraho Imana yanyu, muzobice, ni ho muzoba mukuye ikibi muri mwebwe.
6 Nihagira mwenewanyu, umuhungu wawe canke umukobwa wawe, umugore wawe ukunda cane, canke umugenzi wawe, akwongorera ati: "Ingo tuje gusenga izindi mana," imana mwe na ba sogokuruza mutari bwabone, 7 imana z’amahanga abakikuje, zaba iza kure canke iza hafi, zaba izo mu ntara iyi canke iriya, 8 ntimuzomwumvirize. Ntimuzomugirire impuhwe, ntazobure kwicwa, ntihazogire uwumukingira. 9 Ntaze abure kwicwa! Wewe yongoreye uzobe uwa mbere kumukubita, hanyuma abandi na bo bazokwifatanye na we mu kumwica. 10 Muzomwicishe amabuye, kuko yagomba kubakura mu nzira y’Uhoraho Imana yanyu yabakuye muri Egiputa, mu gihugu c’ubuja. 11 Maze Abisirayeli bose bazovyumva batinye, nta n’umwe wo muri mwebwe azosubira gukora ibintu nk’ivyo.
12 Nimwamara kuba mu gisagara kimwe mu bisagara Uhoraho Imana yanyu abahaye, 13 mukumva ko hari umunyakibi yahagurutse mu gisagara, akosha abandi avuga ati: "Ingo tuje gusenga izindi mana," imana mutari muzi, 14 muzotohoze neza mwitonze. Nimwasanga ivyo bamuvugako ari vyo, mugasanga yakoze ikizira nk’ico muri mwebwe, 15 ico gisagara muzogitere, mukiririkishe inkota, murandure abakibamwo bose, mumare n’ibitungwa vyaho. 16 Muzokwegeranye ivyo mwanyaze vyose mubishire ku kibuga muheze mubiturirane n’igisagara cose, maze bibe nk’ikimazi gituririwe Uhoraho Imana yanyu. Kizokwame ari umusaka, ntikizokwigere gisubira kwubakwa. 17 Ntihaze hagire na kimwe mu vyagenewe guturirwa mwisigariza, kugira ngo Uhoraho asubize hasi uburake bwiwe, abagirire imbabazi, abagirire impuhwe yongere abagwize, nk’uko yabirahiye ba sogokuruza. 18 Uhoraho Imana yanyu azobagirira impuhwe nimwamwumvira mugakurikiza amabwirizwa yiwe ndabahaye uno musi, mugakora ibimuhimbara.