1 Uko imyaka indwi irangiye, uze uhebere imyenda abayigufitiye. 2 Uku ni ko bikwiye kugenda: Uwaguranye mugenziwe w’Umwisirayeli azomuhebere umwenda wiwe. Ntihazogire uwishuza umubanyi wiwe canke incuti yiwe y’Umwisirayeli, kuko igihe c’Uhoraho co guheberanira imyenda kizoba cageze. 3 Uzokwishuze abanyamahanga, ariko benewanyu b’Abisirayeli uzobahebere imyenda bagufitiye. 4 Kandi, ntihaze hagire umukene aba muri mwebwe, kuko Uhoraho Imana yanyu azobahezagiza ubutunzi mu gihugu abahaye ngo kibe iragi ryanyu, 5 nimwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu rwose, mugakurikiza amabwirizwa yose ndabahaye uno musi. 6 Uhoraho Imana yanyu azobahezagira nk’uko yabisezeranye, muzoha ingurane amahanga menshi, ariko mwebwe nta we muzoyisaba. Muzoganza amahanga menshi ariko mwebwe nta hangana na rimwe rizobaganza.
7 Nimwashika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abajanyemwo, hanyuma hakagira umukene aba muri mwebwe, ntimuzokomantaze imitima ngo mureke kumusangiza ku vyo muzoba mufise. 8 Ariko muzopfumbaturure ibiganza, mumugurane ivyo akeneye vyose n’umutima ubikunze kandi mutagoberewe. 9 Ntihaze hagire ivyiyumviro bibi biba mu mitima yanyu, mwibwira muti: "Umwaka w’indwi, ari wo mwaka wo guheberanira imyenda urageze," hanyuma ngo mureke kugurana benewanyu bari mu bukene, mukareka kubafasha. Azoririra Uhoraho, na we azobona ko mwakoze icaha. 10 Muzobagurane n’umutima ubikunze, ni ho Uhoraho Imana yanyu azohezagira ibikorwa vy’amaboko yanyu. 11 Hazokwama hariho abakene mu gihugu. Ni co gituma ndababwiye ngo muze mupfumbatururire ibiganza vyanyu benewanyu n’abakene bazoba bari muri mwebwe.
12 Nihagira Umuheburayo canke Umuheburayokazi yigurisha kuri mwebwe nk’umugurano akabakorera imyaka itandatu, ku mwaka ugira indwi muzomurekure yidegemvye. 13 Kandi nimwamurekura, ntimuzomurungike iminwe misa. 14 Muzomutekerere bimwe mu bitungwa vyanyu, ku vyimburwa bivuye ku mbuga zo gukubitirako ingano no ku mivinyu yanyu. Muzomutekerere bivanye n’uko Uhoraho Imana yanyu azoba yarabahezagiye. 15 Muze mwibuke ko namwe mwabaye abagurano muri Egiputa, Uhoraho Imana yanyu akabacungura. Ni co gutuma nanje ndabahaye iri bwirizwa uwu musi.
16 Ariko umugurano wawe niyakubwira ati: "Singomba kuvana nawe," kuko agukunda wewe n’umuryango wawe, kandi akaba amererewe neza iwawe, 17 uzofate icuma umutobore ugutwi ahagaze mu muryango w’inzu, hanyuma abe umugurano wawe ubuzima bwiwe bwose. Uzobikore gutyo no ku mugurano w’umukobwa.
18 Kurekura umugurano wanyu ntuze ubifate nk’amananiza, kuko ibikorwa azoba yagukoreye muri iyo myaka itandatu bizoba bisumba kabiri ivyo umukozi uhemba yogukorera, kandi Uhoraho Imana yawe azohezagira ibikorwa vy’amaboko yawe.
19 Muzokwegurire Uhoraho Imana yanyu amashuri y’uburiza azovuka ku bitungwa n’imikuku vyanyu. Ntimuze mwigere murimisha ishuri nk’iyo kandi ntimuze mumwe impfizi z’intama zanyu. 20 Uko umwaka utashe umuntu wese hamwe n’umuryango wiwe muzoje murayarira imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mu kibanza azoba yaratoranije. 21 Hamwe igitungwa coba gifise agasembwa, gihumye canke gicumbagira, ntimuzogitangeko ikimazi c’Uhoraho Imana yanyu. 22 Ahubwo muzokirire mu bisagara vyanyu, abahumanye n’abadahumanye barashobora kukirya, nk’aho yoba ari ingeregere canke impongo. 23 Ariko ntimuze murye amaraso yaco. Amaraso yaco muzoyasese nk’amazi.