Publicidade

Deuteronômio 32

1 "Umviriza mwa majuru mwe, ngira mvuge;

umviriza wa si we, amajambo y’akanwa kanje.

2 Inyigisho zanje nizibagweko nk’imvura,

n’ijambo ryanje rimanuke nk’ikime.

Amajambo yanje abamanukire nk’imvura igwa ku vyatsi bitotahaye,

canke ikime kigwa ku vyatsi.

3 Nzomenyekanisha izina ry’Uhoraho,

nshimagize ubukuru bw’Imana yacu!

4 Ni urutare, ibikorwa vyiwe biratunganye,

kandi inzira ziwe ziragororotse.

Ni Imana yo kwizigirwa izira ikibi,

iragororotse, ica izibereye.

5 Ariko ntibakiri abana bayo kuko bayihemukiye,

ni urunganwe rw’abanyakibi, bagoramye.

6 Mbega mwa Bisirayeli b’ibipfu,

ukwo ni ko musubirije mu nkoko Uhoraho?

Mbega si sowanyu, Umuremyi wanyu

yabaremye, yababumvye?

7 Kubitiza agatima ku misi ya kera,

mwibuke urunganwe rwarenganye.

Baza ba sogokuruza banyu bazobabwira,

musiguze abakurambere banyu na bo bazobasigurira.

8 Igihe Iyisumbavyose yagaburira abantu ibihugu,

igihe yagabura abantu ku moko yabo,

yabashingiye akarimbi

ikurikije igitigiri c’abahungu ba Isirayeli.

9 Kuko Abisirayeli ari bo mugabane w’Uhoraho,

Yakobo na we akaba ari we ragi ryiwe.

10 Yamusanze mu bugaragwa,

mu gihugu cumye ata kibamwo.

Yaramushigikiye yongera amwitaho,

amubungabunga nk’imbonero y’ijisho ryiwe,

11 nka kurya inkona yigisha ivyana vyayo kuguruka,

ikabundikira ivyana bikiri bito,

igasanza amababa yayo

mu kubijana

12 Uhoraho wenyene ni we yamuja imbere,

nta mana y’inyamahanga yari kumwe na we.

13 Yamucishije mu mitumba miremire,

amugaburira ku vyamwa vyo mu mirima yaho.

Yamugaburiye ku buki bwo mu gitandara,

amuha no ku mavuta y’imyelayo yameze kw’isi y’urutare.

14 Yabahaye amata y’ikivuguto y’inka n’ay’intama,

abagaburira n’ibinure vy’intama,

abaha amapfizi y’intama n’impene y’i Bashani,

hamwe n’ingano nziza.

Mwanyoye ku mutobe uryoshe uganwe mu nzabibu.

15 Ariko Yeshuruni amaze kuvyibuha, antera akagere,

amaze kurya agahaga, yaravyibushe, aratatagara.

Maze ava ku Mana yamubumvye,

akengera ca Gitandara c’agakiza kiwe.

16 Bayiteye kubagirira ishari mu gusenga imana z’inyamahanga

bayirakisha ibizira bakoze.

17 Bashikaniye ibimazi abadayimoni atari Imana,

bashikanira imana batari bwigere babona,

imana nshasha z’ivyaduka,

izo ba sekuruza batigeze batinya.

18 Mwagararije ca Gitandara cabavyaye,

mwibagira Imana yabavyaye.

19 Uhoraho yarabibonye, aca arabazinukwa

kuko yari ashavujwe n’abahungu n’abakobwa biwe.

20 Aravuga ati: ‘Nzobahisha mu nyonga hanje,

maze ndabe amaherezo yabo;

kuko ari urunganwe rwononekaye,

abana atari abizigirwa.

21 Banteje ishari ibitari imana,

uburake bwanje buraziriringa kubera ibigirwamana vyabo ata co bimaze.

Nanje nzobateza kwipfuza ivy’abantu batari babereye no kwitwa ihanga,

ndabateze kugirira ishari ihanga ritagira n’ugutahura.’

22 Kuko umuriro w’uburake bwanje wamaze kwaka,

uturira gushitsa epfo i kuzimu.

Uzotongora isi n’ibiyezeko,

udomeke n’amatanguriro y’imisozi.

23 Nzobarundanyako ivyago,

ndabamarireko imyampi yanje.

24 Nzobakonyesha inzara, inyonko

n’izindi ngwara zica,

nzobarekurira mu menyo y’ibikoko,

ndabaterere no mu bumara bw’inzoka z’imvuvyi zikwega mu mukungugu.

25 Ku nzira, inkota izobamarira abana,

i muhira, bose bazocika ivutu.

Abagore n’abagabo bazotikira,

co kimwe n’abana n’abatama.

26 Ndavuga nti nari nashatse kubashwiragiza,

ngahanagura amazina yabo ntibazokwongere kwibukwa mu bantu,

27 ariko nanse agakekezo k’abansi babo,

bari guhava babitahura ukundi,

bakavuga bati: ‘Inkomezi zacu ni zo zabatsinze,

si Uhoraho yabibagize.’

28 Ariko Isirayeli ni ihanga ata co ryiyumvira,

nta bwenge bagira mu vyo bakora.

29 Iyo baba bafise ubwenge botahuye ibi,

bakiyumvira kw’iherezo ryabo.

30 Mbega umuntu umwe yonesha abantu igihumbi,

canke babiri bakirukana ibihumbi cumi?

Ntivyoshoboka, kiretse ca Gitandara yabagurishije,

Uhoraho yabarekuriye mu maboko yabo.

31 Kuko igitandara cabo kitameze nk’Igitandara cacu,

n’abansi bacu baravyemeza.

32 Inzabibu zabo zakomotse ku muzabibu w’i Sodomu

no mu mirima y’i Gomora.

Inzabibu zabo zuzuye ubumara,

amahando yazo ni umururazi.

33 Umuvinyu wabo ni ubumara bw’inzoka,

ni ubumara bwica bw’inkoma.

34 Mbega ibi sinabishinguye mu bubiko,

sinavyugaraniye ahabitse ubutunzi bwanje?

35 Uguhora ni ukwanje,

ni jewe nzokwishura umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze.

Igihe nicagera, ibirenge vyabo bizonyerera;

umusi w’ivyago urabegereje,

kandi ibitegerezwa kubashikako birabashitseko vuba.

36 Uhoraho azocira urubanza abantu biwe,

kandi azogirira impuhwe abasavyi biwe,

niyabona ko inkomezi zabo zose ziheze,

ata n’umwe agisigaye,

naho yoba umugurano canke uwidegemvya.

37 Azobaza ati: ‘Mbega imana zabo ziri hehe?

Ca gitandara bahungirako kiri he?

38 Mbega izo mana ziri hehe,

zimwe zarya ibinure vy’ibimazi vyabo,

zikanywa n’imivinyu n’ibindi binyobwa bazishikanira?

Nizihaguruke zibafashe,

nizibahe ubuhungiro.’

39 None rero nimumenye ko jewe nyene ari jewe Mana.

Nta yindi mana atari jewe.

Ni jewe nica ngakiza,

ni jewe nkomeretsa nkongera nkavura,

kandi nta wushobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.

40 Ndugije ukuboko kwanje ndakurabisha kw’ijuru mvuga nti:

Ndahiye ukubaho kwanje kw’ibihe vyose.

41 Ninakarisha inkota yanje ica ibibatsi,

ukuboko kwanje kukayifata ngatangura guca imanza,

nzokwihora abansi banje,

nsubirize mu nkoko abanyanse.

42 Imyampi yanje nzoyiboreza amaraso,

inkota yanje ndayigaburire imisoso:

amaraso y’abishwe n’ay’abafashwe mpiri,

ihekenye imitwe y’abatware b’abansi.

43 Yemwe banyamahanga, nimunezeranwe n’abantu bayo,

kuko azohora amaraso y’abasavyi bayo;

azokwihora abansi biwe,

atange impongano ku gihugu c’ubwoko bwiwe."

44 Mose azanana na Yosuwa mwene Nuni, avuga ayo majambo yose y’iyo ndirimbo abantu bose bamwumviriza. 45 Mose ahejeje gusubiriramwo ayo majambo Abisirayeli bose, 46 arababwira ati: "Mushire ku muzirikanyi amajambo yose ndababwiriye ku mugaragaro uwu musi, kugira ngo muzotegeke abana banyu gukurikiza neza amajambo y’ibi Vyagezwe. 47 Ayo majambo si ayasanzwe, ariko ni ubuzima bwanyu. Ni yo azobaha kurambira mu gihugu mugiye kwinjiramwo hakurya ya Yorodani ngo mucegukire."

Mose apfira ku musozi Nebo

48 Uwo musi nyene Uhoraho abarira Mose ati: 49 "Haguruka uduge mu misozi ya Abarimu, ushike i Nebo muri Mowabu, ahahereranye na Yeriko, wihweze Kanani, igihugu mpaye Abisirayeli nk’iragi ryabo. 50 Uwo musozi uza kudugako ni wo uza gupfirako, uhamvye ab’i wanyu bakwitangiye, nk’uko mwenewanyu Aroni yapfiriye ku musozi Hori, agasanga abamwitangiye imbere. 51 Ivyo ndabigize kuko mwempi mwampemukiye imbere y’Abisirayeli ku mazi y’i Meriba i Kadeshi mu bugaragwa bw’i Zini, kandi kuko muterekanye ukwera kwanje mu Bisirayeli. 52 Ni co gituma ico gihugu uzokirabira kure, ariko ntuzokwinjira mu gihugu mpaye ubwoko bwa Isirayeli."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-