Publicidade

Deuteronômio 7

Ukwirukana amahanga

1 Uhoraho Imana yanyu niyabashikana mu gihugu mugiye kwinjiramwo ngo mucegukire, akirukana imbere yanyu ayandi mahanga menshi ari yo y’Abaheti, Abagirugashi, Abamori, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi, ari yo mahanga indwi maninimanini kubasumvya; 2 kandi Uhoraho Imana yanyu niyamara kuyatanga mu maboko yanyu mukayanesha, muzoyarandure muyamare. Ntihazogire isezerano na rimwe mugirana na yo, kandi ntimuzoyagirire impuhwe. 3 Ntimuzokwabirane na bo. Ntimuzobahe abakobwa banyu kandi n’abahungu banyu ntibazosabe abakobwa babo, 4 kuko bohava batesha inzira nziza abahungu banyu, bakamvako bagakorera izindi mana, hanyuma uburake bwanje jewe Uhoraho bukaka kuri bo nk’umuriro, nkabarandura mu kanya isase. 5 Uku abe ari ko muzobagenza: muzosambure ibicaniro vyabo, mumenagure n’amabuye y’aho batangira ibimazi vyabo, mutemagure inkingi bashingiye ikigirwamana Ashera, muturire n’ibigirwamana vyabo vyose. 6 Kuko muri ihanga ryejejwe Imana yitoranirije. Uhoraho Imana yanyu yabatoranije mu yandi mahanga yose yo kw’isi, kugira ngo mube abantu biwe, itunga rihambaye yiharije.

7 Uhoraho ntiyabakundishije umutima wiwe wose kubera mwasumvya ubwinshi abandi bose, ahubwo mwari ihanga rito ku yandi mahanga yose. 8 Ariko ni kubera Uhoraho yabakunze, agashitsa indahiro yarahiye ba sogokuruza. Ni vyo vyatumye abazana n’ukuboko kwiwe kw’inkomezi, akabarokora mu gihugu c’ubuja, mu bubasha bwa Farawo, umwami wa Egiputa. 9 None rero mumenye ko Uhoraho Imana yanyu ari Imana. Ni umwizigirwa, azigama isezerano ry’urukundo gushika ku runganwe rw’igihumbi ku bamukunda bagakurikiza amabwirizwa yiwe. 10 Ariko

abamwanka azobahemba ukubatikiza,

kandi ntazoteba.

11 None rero, muzokurikize aya mabwirizwa, ivyagezwe n’amategeko ndabahaye uno musi.

12 Nimwayashirako umutima, mukitwararika kuyakurikiza, Uhoraho Imana yanyu azoguma mw’isezerano ry’urukundo yabasezeraniye, nk’uko yabirahiye ba sogokuruza banyu. 13 Azobakunda, abahezagire, yongere abagwize. Azohezagira imbuto zo mu nda zanyu, ivyimburwa vyo mu matongo yanyu nk’ingano, umuvinyu mushasha n’amavuta ya Elayo, kandi azohezagira n’inyana z’ibitungwa vyanyu hamwe n’imyagazi y’imikuku yanyu mu gihugu yarahiye ba sogokuruza ko azokibaha. 14 Muzohezagirwa gusumba ayandi mahanga yose, nta n’umwe wo muri mwebwe azoba ingumba, kandi nta n’igitungwa na kimwe canyu kizoba ingumba. 15 Uhoraho azobakingira ingwara zose. Ntazobateza ingwara n’imwe nk’iziteye ubwoba mwabonye muri Egiputa, ariko azoziteza abansi banyu. 16 Muzotikize abantu bose Uhoraho azotanga mu maboko yanyu. Ntimuze mubagirire akagongwe kandi ntimuzosenge imana zabo, kuko zobabera umutego.

17 Mushobora kwibwira mu mitima muti: "Aya mahanga aradusumvya inkomezi. Mbega tuzobirukana dute?" 18 Ariko ntimuzogire ubwoba, mwibuke ivyo Uhoraho Imana yanyu yakoreye Farawo na Egiputa yose. 19 Mwariboneye n’amaso yanyu, imibabaro, ibimenyetso n’ibitangaza, ukuboko gukomeye kandi kuramvuye kw’Uhoraho, yabakujeyo. Uhoraho Imana yanyu azokorera nka birya ayo mahanga yose mutinya. 20 Ikirengeye ivyo, Uhoraho Imana yanyu azobarungikamwo amavubi gushika n’aho n’uwabinyegeje azoranduka. 21 Ntibazobatere ubwoba kuko Uhoraho Imana yanyu ari muri mwebwe ari Imana y’igitangaza. 22 Uhoraho Imana yanyu azokwirukana amahanga imbere yanyu, bukebuke. Ntazobakundira ko muyirukanira icarimwe yose, kuko ibikoko vyo mw’ishamba vyohava bibabana vyinshi. 23 Ariko Uhoraho Imana yanyu azobatanga mu maboko yanyu, abateze ukuzazanirwa gushika batikiye bose. 24 Azotanga abami babo mu maboko yanyu, namwe muzozimanganya amazina yabo musi y’ijuru. Nta n’umwe azobahagarara imbere ngo abagwanye; muzobarandura bose. 25 Ibishushanyo vy’imana zabo muze mubiturire. Ntimuze mwipfuze ifeza n’inzahabu zabo, kandi ntimuze mubitware, kuko muzoba muguye mu mutego wabo, kuko ari ibisesema k’Uhoraho Imana yanyu. 26 Ntihaze hagire igisesema na kimwe mwinjiza mu mazu yanyu, kuko mwohava muranduka, kandi ari vyo bikwiye kuranduka. Mutegerezwa kwanka ibintu nk’ivyo kuko vyagenewe kuzorandurwa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-