Publicidade

Deuteronômio 9

Icatumye Imana yirukana amahanga imbere y’Abisirayeli

1 Tega amatwi yewe Isirayeli. Ehe mugira mujabuke Yorodani, mwinjire mwongere munyage amahanga maninimanini kandi akomeye kubarusha, afise ibisagara bininibinini, vy’inzitiro zikora kw’ijuru. 2 Ababibamwo barakomeye kandi ni barebare, ni bo Banaki. Murazi ivyabo kuko mwarumvise havugwa ngo: "Ni nde yohagarara imbere y’Abanaki?" 3 Ariko mumenye neza ko Uhoraho Imana yanyu ari we azoja imbere yanyu mu kujabuka, abitangire imbere ameze nk’umuriro utongora. Azobahonya; abamare inkomezi imbere yanyu; namwe muheze mubatere mubirukane nk’uko Uhoraho yabibasezeraniye.

4 Uhoraho Imana yanyu niyamara kwirukana ayo mahanga imbere yanyu, ntimuzokwibwire mu mitima yanyu muti: "Uhoraho yatuzanye gufata kino gihugu kuko turi abagororotsi." Haba na gatoya. Ni ububi bw’ayo mahanga butumye Uhoraho ayirukana imbere yanyu. 5 Si kubera ubugororotsi bwanyu canke ubwizigirwa bwanyu mugiye kwinjira ico gihugu mukacegukira, ni ububi bwayo buzotuma Uhoraho Imana yanyu abirukana, kugira ashitse ivyo yarahiye ba sogokuruza bacu Aburahamu, Isaka na Yakobo. 6 Nuko rero mutahure neza ko atari kubera ukugororoka kwanyu Uhoraho Imana yanyu abahaye iki gihugu ngo mucegukire, ahubwo mwibuke ko muri abantu b’intagondwa.

Bibutswa ivyerekeye ishuri yakozwe mu nzahabu

7 Muzokwame muvyibuka, kandi ntimuze mwigere mwibagira ingene mwashavuje Uhoraho Imana yanyu muri mu bugaragwa. Kuva igihe mwava muri Egiputa gushika n’ubu mwamye mugarariza Uhoraho. 8 Ku musozi Horebu mwashavuje Uhoraho ahakwa kubatikiza. 9 Igihe naduga ku musozi gutora ibisate vy’amabuye, ibisate vy’isezerano Uhoraho yagiranye namwe, namaze ku musozi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine nyene, ntarya, ntanywa. 10 Uhoraho ampa ibisate bibiri vy’amabuye vyandikishijweko n’urutoke rw’Imana. Kuri vyo hariko amabwirizwa Uhoraho yabahereye ku musozi ari mu muriro, ku musi mwari mwakoranye.

11 Imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine biheze, Uhoraho yampaye ivyo bisate bibiri vy’amabuye, ari vyo bisate vy’isezerano. 12 Ni ho Uhoraho yambarira ati: "Ihute umanuke, kuko ba bantu bawe wakura muri Egiputa bononekaye. Bamaze kuva mu nzira nabategetse kugenderamwo, bicuriye ikigirwamana."

13 Maze Uhoraho arambarira ati: "Niboneye aba bantu ingene ari intagondwa. 14 None rero mbisa, kugira ngo ndabarandure n’izina ryabo ndarizimanganye musi y’ijuru. Nawe nzoheza ndakugire ihanga rikomeye, rinini gusumba bo."

15 Ni ho nahindukira nkamanuka, nkava kuri uwo musozi waka umuriro. Nawumanutse mfise mu minwe ivyo bisate vy’amabuye vy’isezerano. 16 Ndavye mbona mwacumuye k’Uhoraho Imana yanyu, mwicuriye ikigirwamana mw’ishusho y’ishuri. Mwari mwamaze kuva mu nzira Uhoraho yaberetse. 17 Nca mfata vya bisate vy’amabuye ndabikubita hasi, biramenagurika bicika ubunywenywe imbere y’amaso yanyu.

18 Ariko nsubira kuja kwikubita imbere y’Uhoraho, mara iyindi misi mirongo ine n’amajoro mirongo ine ata co ndya, ata co nywa, kubera ivyaha mwari mwakoze, mu gukora ibitabereye mu nyonga z’Imana, mukayitera kuraka. 19 Natinye ishavu n’uburake vy’Uhoraho, kuko yari abarakiye bikomeye agira abarandure. Ariko arasubira aranyumvira. 20 Uhoraho yari yarakariye bikomeye na Aroni agira amurandure, ariko na we nyene muri ico gihe ndamusabira, aramubabarira. 21 Hanyuma mfata ca kimenyetso c’icaha canyu ari yo ya shuri mwacuze, ndagiturira, mpejeje ndagisya, gicika ifu kimera nk’umukungugu, ndawusuka mu mugende w’amazi utemba uva ku musozi.

22 Uhoraho mwarasubiriye muramushavuza i Tabera, i Masa n’i Kiburoti Hatava.

23 Kandi igihe Uhoraho yabarungika muva i Kadeshi Baruneya yavuze ati: "Nimuduge mufate igihugu ndabahaye ngo kibe icanyu." Ariko mugarariza amabwirizwa y’Uhoraho Imana yanyu. Ntimwamwizeye canke ngo mumwumvire. 24 Mwamye mugarariza Uhoraho kuva igihe nabamenya.

25 Napfukamiye Uhoraho ndamutakambira muri iyo misi mirongo ine n’amajoro mirongo ine, kuko Uhoraho yari yamaze gufata ingingo yo kubarandura. 26 Nasenze Uhoraho mvuga nti: "Uhoraho Nyeninganji, nturandure abantu bawe, ubwoko wiharije, abo wacunguje ububasha bwawe ukabakuza muri Egiputa ukuboko kwawe kw’inkomezi. 27 Niwibuke abasavyi bawe Aburahamu, Isaka na Yakobo, maze wirengagize ubugarariji bw’ubu bwoko, wirengagize ibibi n’ivyaha vyabo. 28 Niwabarandura, Abanyegiputa bazovuga bati: ‘Uhoraho vyaramunaniye gushikana abantu biwe mu gihugu yabasezeraniye, kandi kubera abanka, yabakuye ino kugira ngo aje kubatikiriza mu bugaragwa.’ 29 Ariko ni abantu bawe, ni inyegu yawe wakuje muri Egiputa ububasha bwawe n’ukuboko kwawe kw’inkomezi."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-