Publicidade

Deuteronômio 25

1 Abantu babiri nibagira ico bapfa, baze bashire urubanza rwabo abacamanza, na bo baruce, batunganirize uwutaco yagirizwa, uwo icaha cagiriye ahanwe. 2 Nimba uwatsinzwe n’icaha aciriwe urubanza rwo gukubitwa, abacamanza bazomuryamike hasi bamukubitishe imbere yabo, akubitwe izihwanye n’icaha camwagiriye, 3 ariko ntazokubitwe izirenga mirongo ine. Niyakubitwa izirenga mirongo ine, Umwisirayeli mwenewanyu azoba ateterejwe mu maso yanyu.

4 Ntimuze mwugare umunwa w’inka iriko irasekura ingano.

5 Abahungu bavukana nibaba babana hanyuma umwe agapfa atavyaye umuhungu, umugore asize ntazorongorwe mu wundi muryango. Mwenewabo n’umugabo wiwe azomutware abe umugore wiwe, amukorere ivyo muramu w’umuntu abwirizwa kumukorera. 6 Umuhungu wa mbere azovyara azokwitwe izina ry’uwo mwenewabo yapfuye, kugira ngo izina ryiwe ntiryibagirwe muri Isirayeli.

7 Ariko natagomba kurongora uwo mugore yasizwe na mwenewabo, uwo mugore azoce aja kw’irembo ry’igisagara abarire abatware ati: "Mwenewabo n’umugabo wanje yanse gukomeza izina rya mwenewabo muri Isirayeli. Yanse kunkorera ivyo muramu w’umuntu abwirizwa kumukorera." 8 Maze abatware b’igisagara abamwo bazoce bamuhamagaza, babimubaze. Niyashishikara avuga ati: "Sinshaka kumucura," 9 wa mupfakazi azoce amwegera, imbere y’abatware, amwambure ikirato kimwe, amucire amate mu maso, avuge ati: "Uko ni ko uwanse gukomeza umuryango wa mwenewabo agirirwa." 10 Umuryango w’uwo mugabo uzomenyekane mu Bisirayeli witwe umuryango w’Uwambuwe ikirato.

11 Abagabo babiri b’Abisirayeli nibaba bariko baragwana, hanyuma umugore w’umwe muri abo akaza kumutabara, hanyuma agafata amagara y’uwo agwana n’umugabo wiwe, 12 muze mumuce ukuboko. Ntimuze mumugirire impuhwe.

13 Ntimuzogire amabuye abiri atandukanye y’umunzane mw’isaho imwe, rimwe rikwije ibilo n’irindi ridakwije. 14 Ntimuzogire imetero zibiri mu nzu zanyu, imwe ikwiye n’iyindi idakwiye. 15 Muzogire umunzane n’imetero bikwiye kandi vy’ukuri kugira ngo muzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye. 16 Kuko Uhoraho Imana yanyu yanka uwukora bene ivyo, yanka uwufise ubugunge mu rudandazwa wese.

17 Mwibuke ivyo Abamaleki babagiriye muri mu rugendo muva muri Egiputa. 18 Babateye babaciye inyuma, igihe mwari murushe, mwadendebukiwe, bica abari bagikwega amaguru inyuma, kuko batari bafise ukwubaha Imana muri bo. 19 Uhoraho Imana yanyu niyamara kubaha akaruhuko mu gihugu abahaye nk’iragi, muzorandure Abamaleki bibagirwe musi y’ijuru.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-